IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana 20 b’abahungu barafashwe ku nguvu muri komine Kabezi

Abana 20 b’abahungu barafashwe ku nguvu muri komine Kabezi

vendredi 17 Rusama 2013

Abana barenga gato 20 nibo bafashwe ku nguvu n’umupolisi umwe kuva muri Ruhuhuma 2012, muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura. Abavyeyi babo bana nibo bagaragaze akababaro kabo imbere y’icicaro c’ishirahamwe ry’ingo n’imiryango mw’iterambere ridakumira muri komine Kabezi kuri uyu wa gatanu, bagasaba ko uwo mupolisi yohanywa bikomeye.

Nk’uko bivugwa n’abo bana bikemezwa na bavyeyi babo, batanguye gufatwa ku nguvu n’uwo mu polisi wo muri komine Kabezi kuva muri Ruhuhuma 2012. Abo bana ba bahungu 20 nibo bagiye kwerekana ako kababaro imbere y’ibiro vya CDF Kabezi.

Bemeza ko uwo mupolisi yabahendesha ibifungurwa na mahera atarenga 3000Fbu, abandi akabahamagara imuhira iwe ngo bamufashe guteka abandi n’abo yabaha ibinyobwa birimwo ibisinziriza imbere yuko abafata ku nguvu.

Kungira ako kabi yagirira abo bana ntikamenyekane, yabatera ubwoba aho yabwira abo bana ko bahirahiye bakavuga ko yabafashe ku nguvu, azobica narirya yabafata ku nguvu afise inkoho hafi yiwe.

Abavyeyi b’abo bana bari mu mubabara na gahinda. Umwe yashoboye kuvuga ni ntutu nyishi ko uwo mupolisi yabononeye abana akwiye guhanwa bimwe vy’akarorero. Kugira ivy’uyo mu polisi n’abo bana bije ahabona ni uko umwe muri abo bana yabibwiye umuvyeyi wiwe nawe abishikiriza inyamiramabi ya komine Kabezi. Iyo nyamiramabi ya komine Kabezi yaciye imufata kuri uyu wa kane maze idosiye yiwe iriko irakorwa.

Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Kabezi ajejwe intwaro n’imiryango avuga ko yaguye mu gahungwe yumvise iyo nkuru kuko ni ubwa mbere abana ba bahungu bafatwa ku nguvu muri iyo komine.

Félix Pascal Nsabimana amenyesha ko uwo mupolisi afungiwe mu gasho ka komine aho inyamiramabi iriko ikora amatohoza. Basanze icaha kimwagira, azohanwa bimwe vy’akarorero. Abo bana ba bahungu 20 ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu bazanywe mu gisagara ca Bujumbura mu kigo SERUKA kugira babagirire ibipimo vyo kwa muganga. Bose hamwe bakaba bafise imyaka iri hagati y’icenda na cumi n’indwi.


Patrick Wasso

Messages

  • kubera iki mutamara inkuru numugore yabafashe cangwa numugabo kuko kuri iyisi heze vyishi

  • UWO MUPORISI NUKWIBIHANO VYOGUPFA VYAKUWEHO YARAKWIRIYEKWICWA,TEKEREZA URUMUSORE UGAFATWA NUMUGABO,AHAA ISIYASHAJE VYAVYAHA VYARIMBURA SODOMU NAGOMORA VYADUSHIKIYUWO MUPORISI NUKWIBIHANO VYOGUPFA VYAKUWEHO YARAKWIRIYEKWICWA,TEKEREZA URUMUSORE UGAFATWA NUMUGABO,AHAA ISIYASHAJE VYAVYAHA VYARIMBURA SODOMU NAGOMORA VYADUSHIKIYE,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.