IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana b’abigeme batwarwa mu ngeso z’ubusambanyi si agaseseshwarumuri

Abana b’abigeme batwarwa mu ngeso z’ubusambanyi si agaseseshwarumuri

mercredi 25 Nyakanga 2013

Mu gihugu c’Uburundi, haheruka kumenyekana ko hari ibikorwa vyo gushora abantu babatwara mu ngeso z’ubushirasoni. Ishirahamwe « Justice et équité » ryashize ahabona ivyavuye mu matohoza ryakoze rimenyesha ko ababangamiwe cane ari abigeme bakiri bato, mu gihugu cose.

Ayo matohoza yakozwe mu mezi atandatu na Florence Boivin Roumestan w’amamuko yo mu gihugu ca Canada yagiye ahabona haraheze iminsi itanu. Abigeme bakiri bato b’imyaka iri hagati ya 10 na 16 bava mu miryango kenshi iba ikenye nibo bavanwa mu mihingo itandukanye y’igihugu bakajanwa mu bisagara. Bahashitse, bugaranirwa mu mazu ku buryo n’uwuhaciye adashobora n’ukuhaca ikanda.

Florence Boivin Roumestan arongoye ishirahamwe «Justice et équité » amenyesha mwene ayo mazu yama yugaye ariyo yamutumye yiyumvira gutohoza ibihakorerwa.
Abo bigeme kenshi bakurwa mu mashure, bagahendwa na bagenzi babo babemerera kubajana mu buzima bwiza mu bisagara. Bashikanweyo, barabaturubika mu kubakubita n’ukubima imfungurwa, gutyo ntibaheze ngo bagire n’umutima wo kwanka ivyo bategetswe.
Ivyo vyashizwe ahabona na Florence Boivin Roumestan, arongoye ishirahamwe «Justice et équité » vyaratangaje abatari bake, benshi bakibaza namba abajejwe intwaro mu Burundi batari babizi canke babirenzako uruho rw’amazi.

Christine Sabiyumba, umukuru w’igipolisi kijejwe abakiri bato (police des mineurs) aremeza ko iyo ngeso yo gukwegera abigeme bakiri bato mu busambanyi ihari, ariko ko ari ikibazo kizwi haraheze imyaka itari mike. Amenyesha ko bikorwa n’imiwi yitunganije neza, cane cane ituruka mu makomine agize ibisagara. Christine Sabiyumva ihimiriza abanyagihugu gukorana n’abajejwe umutekano kugira iyo ngeso ishobore gutuzwa. Ahamagarira abantu bose bomenya ahari abo bana b’abigeme ko bobimenyesha abajejwe intwaro.

Abavyeyi nabo batanga abana babo babwiwe ko bagiye guronswa ubuzi mu bisagara basabwa kubakurikirana kuko kenshi ariho handurukira abo babajana mu ngeso z’ubusambanyi n’ibindi biterasoni.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.