IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana vyavuzwe ko bahiriye mu mazu Kumase batowe ari bazima

Abana vyavuzwe ko bahiriye mu mazu Kumase batowe ari bazima

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Abana vyavugwa ko bishwe n’ibimashine vyabomoye amazu yahora yubatswe aho bita Kumase mu gisagara ca Bujumbura, abandi nabo bakavuga ko hari abahiriye muri nyamazu, baratowe aho bari banyegejwe n’abavyeyi babo mu Maramvya, bakaba batowe ari bazima.

Jeanette Kezakimana yari yamenyesheje ko umwana wiwe Rachid Niyomwungere yapfuye yitavye Imana inyuma y’aho imwe mu mashine zariko zibomora amazu aho Kumase imuyoranye n’inzu, yaramutoye aho wenyene yari yamunyegeje. Jeanette Kezakimana akaba yavuze ko umwana wiwe yari asanzwe agendana ubumuga, vyanse ko yiruka, nawe yamenyesheje ko yajanye utuntu kw’ibarabara aca asanga imashine ihejeje kumugandagurira umwana.

Uyo mwana wiwe rero akaba yaraye atowe ari muzima, aho yari yamunyegeje mu Maravya. Ndetse n’amazu abo birukanywe Kumase bavuga ko yaturiwe n’igiporisi, ngo sivyo. Bamwe mu banyagihugu, bavuga ko ayo mazu yaturiwe n’abo banyagihugu b’aho Kumase nyene, ndetse bamwe muri bo bakaba bafise ibibanza n’amazu mu Maramvya.

JPEG - 2.7 Mo
Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Ku bw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi yari yatunzwe agatoke n’abo banyagihugu ko ari mu batanze itegeko ryo kubaturira amazu, avuga ko ari akamaramaza aho umuntu akoma induru, ko umwana wiwe yishwe, kandi azi neza ko ari muzima. Juma Saidi amenyesha abo banyagihugu ko birukanywe kubera urukundo babakunda, ko bariko barabakingira impanuka, mu gihe igihugu caheruka mu kigandaro cabari bahitanywe n’isegenya. Asaba n’abandi nyabuna bubatse iruhande y’ikiyaga kuhava mu maguru masha, kuko bitebe bitebuke nabo nyene bazirukanwa. Kubari imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi kandi bafise ibibanza mu Maramvya, abasaba gutaha.

Tukabamenyesha ko Jeanette Kezakimana avuga ko yabeshe kubera hari bamwe mu babanyi biwe boba barabimusavye, kugira ikibazo cabo kigire inguvu. Arasaba imbabazi kubona yarabeshe. Tukabamenyesha ko abo birukanywe aho Kumase bagirizwa kuba banahungabanya ibidukikije, mu gihe ata n’utuzu twasurwumwe bamwe bagira, bagaheza bakihandurira mu kiyaga Tanganyika.


Aristide Nizigire

Messages

  • iyo nkuru ninziza.nabifuriza ababo gupfa sivyiza gusa leta irabe amarira yabo bantu.

  • Iryo naryo ryari iremenkanya kugira ...............le mensonge au public , les montages grossiers , la manipulation d ’opinion doivent cesser. Gusa turabimenyereye!!!!

  • Imana ishimwe ko abo bana babonetse ari bazima.nosaba reta ko yobatunganiriza nabo bakaronka aho bakika umusaya kuko nabo nabantu nkabandi.

  • Abo bantu bama baja mu matwi abanyagihugu ngo bambike ibara leta kura barabe ko boyicafuza baze batore bo ngo barongore igihugu,ni ba mpema zuzuye,boshikira ubutegetsi ivyahuha vyohuhuka,Imana ibaturinde ni bateshwe bate,bagarure nyabuma umutima wo gukunda igihugu,turondere ibindi twokora ntitwiyumvire kubaho ari uko tugiye muri leta!

  • Ico car ikinyoma c’ikibiri,bamenyekanye kera barahinyutse,barakwiriye kwihanura.

  • Muriboneye ko nyakwubahwa Juma Saidi umukuru wigisangara ca Bujumbura baribamwifatiye mugahanga mukumwambika ibara ngoyahagarikiye abica abana bigihugu!?

    Rekaturindire twumveko amashirahamwe yigenga harimwo nirijejwe agateka kazinamuntu twumveko biyamiriza akokarenganyo kariko karakorerwa umukuru wigisangara ca Bujumbura!

  • hari na maradiyo abafasha kurementeraniriza leta kandi akorana nabashaka kugera kubutegetsi.Twoshima Imana kuko abo bana babonetse.tuze tuvuga iryo tubanje gutohoza.

  • Imana ishimwe kwatawasiz agatw arik nkuwo muntu yahenzw ngabesher abapolisi nabandi ko bamwibiye umwana. icamber koyasavy pardon bamubabarir arik hakurikiranw abamwohej. kuk ntanez bashakir abapolisi nuwo mwana. Letat nayo numuvyeyi ntiyica irakiza izobarabire igikwiye.

  • B Ezechiel, jewe nimihogo yarasaraye sigurako ngahamu Burundi harabantu ikaziyabo arukurondera uburyo bwoguta murudubi abenegihugu, ndavyemezako iyaba baryabakenyezi badandariza i Bujumbura atamuntu yabosha ngobagumeho ngokugira ngo polisi niyabakuraho ngobizoca bigaragara ko reta idakunda abenegihugu ntabwovyarikugenda nkakuriya abarundi kuvakera bamye arabantu bubahiriza amategeko nuwutize abonye umu polisi amubwiye ati ahantihemerewe gukorerwa ikiniki yaravybahiriza. Hariho umukenyezi nahaye amafranga yokugira adandarize harya mwibarabara munyumambonye ibitanguye kuvurwa kwatarivyiza kwabantu baguma bahadandariza, namubwiye atireka kujaharya kukovyabujijwe kohagira uwusubirakuhadandariza yarase, ahubwo ukoyambwiye nuku: nararanguye imbonga ni tomate vyishi nivyiza ngendeyo kugirabihereningonga ngontagiyeyo nayamahera yawe igihecozoshika cokuyaguha ntarayaronka, kuberayaciye abivuga ninguvunyishi naciyeninumira araheza arigira ahorero harinkasaa munani zumutanga, ariko ivyamushikiye sakumi nimwe vyabaye ingorane ikomeye, aba police baraje batarashika neza ahari yagiyekwegeranya ivyoyarifise maze abantu bahacabirukanka maze ivyoyarifisevyose birasanzara abura icafata nicareka yatashe amanitse amaboko, bukeye mugatodo yaraje muhira iwanje ambwira ivyamushikiya nanje numubabaro ndihagararako nti ndeka’ ariko yavuze ijambongo muvyukurindabonye ko intabarirwa yabwiwe nukwamaso akobotwe ngokandi agasozi kintahanurwa kahiye abagabobabona, nanjenumvise ukuntuyivugana wenyene naciyengira akangongwekeshi kuwomuvyeyi angana nabonavyaye ndaheza ndamubwira nti’ uraneye akagongwe atikubwivyo yamahera naguha ndayaguhebeye yose, acarahaguruka ahoyariri angwamunda avuganti urumuvyeyi dagushimiye kungiriye imbabazi kandukampera itungaryawe ryose ngwariko abarundi turakwiye kwirinda amosha atiwamuvyeyiwe haryahariho abatwosha bavugango nimwigumiremwidandariza ntaco reta izobakora ngonibihenda bakabakorako ngotwebwe buryadufise abantubacu bababarikumwenamwe haryanyene, nibindivyishintashoboyekwandika ngaha arihondamaze kubibwira abantubataribake, hariho numumenyeshamakuru mpuzamakungu nabibwiye arumirwa burya ayomakungu mwuva aramaze kumenyaneza abarundi uyumusi, kandi mubihugu bifizabantu bohabwa umudare wabazi gucankabiranya nokubesha u Burundi ntibwohara canecane twebwe twiyita kotwize. Mbegamwarimusiko umurundi ashoborakubona umu polisi amukozeko akacarwahasi ngokugira abapfotora bamufotore abonekana koyafuye! muntumbero yokugira ngo handikweko igi polisi cica abokijejwe gucungira umutekano!? bamwe nibobivugirango TURAZINANYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.