Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abandi basirikare buca baja kugarukana amahoro mu turere tundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abandi basirikare buca baja kugarukana amahoro mu turere tundi (...)

Abandi basirikare buca baja kugarukana amahoro mu turere tundi tw’Afrika

jeudi 31 Gitugutu 2013

Mu mubonano umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yahaye Olivier Gabriel Richard, intumwa idasanzwe y’Ubufaransa muri Afrika y’Uburengero, bavuganye ibitari bike bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’Ubufaransa eka ndetse n’ibijanye n’ugufasha kugarukana amahoro haba mu gihugu ca Somaliya, Republika ya Centre Afrika, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, na Mali.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure akaba ashima imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Ubufaransa, ndetse kandi akavuga ko ikibanza Ubufaransa buha Uburundi mu vyo gufashanya na cane cane gisata c’iterambere gishimwa.

Ikindi abo bategetsi bavuganye muri uyo mubonano, akaba ari irungikwa ry’abasirikare mu gihugu ca Mali no muri Republika ya Centre Africa, aho igihugu c’Ubufaransa kiri mu bihugu biriko birafasha mu kugarukana amahoro muri ivyo bihugu. Muri iki gihe rero, abasirikare b’Uburundi bariteguye kugira baje kugarukana amahoro muri Republika ya Centre Afrika nk’uko bimenyeshwa na Kavakure.

Muri uyo mubonano bakaba batibagiye kuvugana ku kibazo kimaze iminsi kivugwa, ku bijanye na sentare mpuzamakungu y’i La Haye, aho ukwitaba kw’umukuru w’igihugu ca Kenya n’icegera ciwe muri iyo sentare, vyakweze ingorane hagati y’iyo sentare n’abakuru b’ibihugu vya Afrika, ndetse ibihugu bimwe bikaba vyari vyamenyesheje ko iyo sentare isa n’iyihengama, mu gucira imanza abakuru b’ibihugu vya Afrika gusa, bakavuga ko bibandanije bohava banayivamzwo.

Muri iki gihe, abarongoye Afrika bakaba basaba ko umukuru w’igihugu akiri mu mabanga atorengutswa muri iyo sentare. Kavakure akaba avuga ko Uburundi bwiteguriye kwitaba inama y’ishirahamwe ry’ibihugu bihurikiye mu rurimi rw’igifaransa.


IGIHE

Messages

  • Naho mbona u Burundi bwemerwe amahera y’umurengera(1,75milliards $US), ntibe icitwazo ko baca bashigikira Uhuru Kenyatta na Ruto boja gutabwa mu mvuto y’i Lahe/Hollande. Gutwara abasirikare b’abarundi gucungera umutekano mu karere k’Afrika, ni vyiza ariko ni ukwibuka kudaheranira nya basoda. Izo nfashanyo zose, mbona ko zokoreshwa mu kugarukira beneburundi bari mu kigoyi no mu mwijima. Babona ko tous ces projets dits construction des barrages hydro-electriques bitazozanira agahengwe igihugu, ahubwo bizoba uburyo bwo kuguma banyaga abantu, barirekera. Mu gihe babishira en application, nosaba ko bosigurira umunyagihugu wese amaher’azoja ariha kandi n’ikiringo bizomara imbere ko baduz’ibiciro. Nta kamaro ko kwama twakurikiye nk’intama be no kuriha ivyanyazwe n’abandi. Tous ces credits ziguma zifatwa, ni ukumenya intumbero zayo, Mr. Kavakure. S’il vous plait, "nti uzokwemere ubuki utegeka". Mu gihe ubona ko bagutumye umuzi w’ibuye canke uhakwa kugwisha abarundi, urapfuma ukinjura hakiri kare. Kubona haguma handikwa ko inyuruzwa ry’imari ya Leta ryimonogoje hama abazungu bakaguma batanga amahera y’umurengera, koko biratey’ishavu.

  • @Issi C.J wavuz ukuri...Reta yikubite agashi

  • Ego kabisa ,,, nivyiza muga nabo bibuke kwicungerera umutekano kuko nama mbona umenga nabo ntabazi kwicungera neza...........

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.