IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 15 bakurikiranwa n’ubutungane bakuweko imitahe ibarondeza

Abantu 15 bakurikiranwa n’ubutungane bakuweko imitahe ibarondeza

vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye amazina y’abantu cumi na batanu bakuweko imitahe mpuzamakungu (Mandats d’arrêts internationaux) yabarondeza mu bihugu bahungiyemwo.

JPEG - 36.8 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Urwo rutonde rwasohotse kuri uwu wa gatanu rukaba rubonekamwo umukuru wa CNARED n’umuvugizi wiwe, bamwe mubari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bamwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, hamwe n’umwe mu barongoye ibimenyeshamakuru. Bose bakurikiranwako icaha c’ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Abakuweko imitahe mpuzamakungu ni :

NKURUNZIZA Aimé, umushingamateka yahora arongoye umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya poritike, akaba ari mu bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu

NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME

BARAMPAMA Marine yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

BIREHA Audace

SEBUDANDI Christophe

NSABIYUMVA Evariste

KANYANGE Géneviève yahora arongoye igisata c’abakenyezi mu mugambwe CNDD FDD (Abakenyererarugamba)

NDAYIZIGA Oscar, umushingamateka, akaba yahoze arongoye intara ya Muramvya (aheruka kwitaba Imana)

RUFYIKIRI Gervais yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

NTAVYOHANYUMA Piyo yahora ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

MABOBORI Catherine yahora ari umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

NDAYISENGA Félix

CIMPAYE Pancrace, umuvugizi w’urunani CNARED

NYANGOMA Léonard, umukuru w’urunani CNARED

KABURAHE Antoine, umumenyeshamakuru arongoye ikinyamakuru IWACU

IGIHE

Messages

  • u BURUNDI bwararonse abagabo bijunja nijambo, nahabo rero bababariwe kugira intambwe bateye mu kugaruka gusana icabibarutse

  • Turanezerejwe ni yo ngingo ya nyakubahwa kizigenza wa Repuburika Valentin Bagorikunda, kuba ibihangange vyacu bikuweko iyo mitahe. ariko ntibumve ngo bakuweko imitahe ngobaze bariruka hano muburundi ngo ntangorane,ekaa umwansi aracabunze kurugi arondera uwo yisasira. hano imisore barayihejeje bayitwara kuyifungira mumakontinere, abandi bagatorwa aribizigaaa. muswahiri arisema ivi, kaa chocho aduwi akingari.

  • NYANGOMA: SOKWEE!!!!!!!!

    NYAMITWE,BAGORIKUNDA,BUNYONI, GWASA : NIRUJE

    NYANGOMA: BARATA BARATORA?

    NYAMITWE: ABABIRIGI

    NYANGOMA: NDAGUHAYE

    NKURUNZIZA: IPRONA

    NYANGOMA :OYA
    NKURUNZIZA :NAGUHAYE

    BUNYONI : KAGAME
    NYANGOMA :OYA

    GWASA : CNDD FDD

    NYANGOMA : URAGITOYE
    BOSE BAKOMERA AMASHI RIMWE

  • Yemwe Yemwe Varantin Bagorikunda,ahubwo Nibagorihenda Niryo Ndamuhaye,ewe Buyoya Wahaye Igihugu Abo Bahutu Waragakoze,umuhutu Arenzwe Arenza Ukuguru Nyina!Bumviseko Bigira Bibakomerere Bashaka Bagende Babisasiye Ntimuhendwe Guma Mubuhungira Kandi Si Ubuhungira Muri Muncuti,ntamisi Isigaye Batakuwe Kugihugu.Nabo Barabizi Niyompamu Wumva Buguruye Amaradio Baturiye Bagakura Imitahe Kubo Bayirungikiye,umugabo Yihundukiza Mukirago Sikwijambo Uwo Ni Piter Et Varantin Abicanyi.

  • Birateye Umunezero Ese Boca Bagaruka Muburundi Tugasubira Tukubaka Igihugu Catwibarutse Bahanure Yamisore Ireke Gutera Ama Grenades Twibere Mumahoro Numutekano

  • n-abandi ni babaharire nkuko ijambo ry-Imana rivuga,maze bose bagaruke mugihugu twibanire Amahoro twubake uburundi bushasha.Murakoze niyo nintambwe yo kugarukana amahoro

  • Biriko Biraza Iyo Ni Intambwe Ya Mbere Ese Vyotera Bija Imbere.Abarundi Twifuza Amahoro N,umutekano P6

  • iyo mitahe uhagaritse izocifatawewe nyene bakugoragukunda

  • Imana ishimwe, Hallelua!!! nibatahe mu Ruhongore baje kubaka iguhugu cabo.
    Nayubundi izira baribafashe ibatwara i Bumoso iyo nayo ntishika.

  • Turashima Gose Vyaje,ese Bobandanya Kurekurira Benshi,barimwo Nabazira Ubusa.

  • Turashima Gose Vyaje,ese Bobandanya Kurekurira Benshi,barimwo Nabazira Ubusa.

  • abandi bobo ko batayibakuyeko ntibagirizwa bimwe???ivyo bavyita inkina mico ya MBURUMBI

  • Ibi byerekana ko leta y’uburundi ikurikiza democratie. HARAKABAHO NYIRICUBBAHIRO NKURUNZIZA. ingunzu kagame yo iragapfa.

  • Je ndatangazwa n,abantu bibaza k reta y,uburundi ari enfant !barihenda can gose! Mb reta yokwemera kuganira kugahaane n,abantu batazwi n,abenegihugu ? Kand biragaragara k abo bagabo fake badakunda uburundi bakunda indazabo kuk ukunda uburundi ntiwonezerwa ubonye hari abarundi bariko bononerwa vyatewe n,abantu bagira nabi barungitswe nabo bagabo nyen ngo imvo nuko bashaka kuburabuza iterambere rw,uburundi! Umurundi akunda uburundi ntakwiye kujarumwe n,abashaka intambara kuk abavyeyi bacu n,abarimyi nico kibatunz? Mbe ho murugo uri umugabo ukagirana ikibazo na madame wocusimbira kubiri munzu ukamenagura? Ngo ushaka womore mukawe? Ivyo subugabo uratuza namb mukaw mufitaniy mandat koko uramuhunga ukagenda ukarindira manda igahera ukagaruka, uhunze naho ntucuza gusabira ibihano kubari basanzwe babafasha mukirikumwe na mukawe cank umutumirize abamuburabuza ngo nuko mutahuje kuko utegerezwa kuzirikana abana wasize umuryango waw wose.

  • None Kubera Iki Yafashe Iyo Ngingo?Nuko Yabonyemwo Amahinyu!Mbega Mwarabonye Aho Umwana Asaba Inyama Bakamuha Ibuye?Reka Batangure Kwi Kebuka!Ivyiza Biri Imbere Kandi Indongozi Zimwe Zimwe Zitanguye Kubibona.Ikindi Ntibagirwa N’uko Twese Tuzobanza Guca Mu Rupfu...Kandi Imana Ntirenganya Impera N’imperuja Ivyo Ubutungane Bwa Nyaze Bizogaruka Umusi Ntazi,ntibabone Ngo Umuntu Arahoze Akari Mu Nyuma Karahinda. Kandi Bayotangara Kuko Ndizeye Ivyiza Biri Imbere.

  • Abategetsi bi Burundi Bafite DAIMON yo kwica ibarimo, ntakindi batekereza atari kwica gusa abanyagihugu. Ariko ntibazi ko Mwarimu wabo MRND yo mu Rwanda aho bari,nabo rero bitegure guhunga abandi bafatwe kuko kwica ntabwo bitanga amahoro. Ntakindi barota atari ukumara abatutsi kandi ari abavandimwe babo. Bo bishinga Abafaransa n’interahamwe ariko igihe kirihafi ngo Leta ya Nkurumbi iveho mbera ya mai 2016.

  • Nubwo Biri Ukwo Abo Bantu S’abo Kwizera Nukubakurikiranira Hafi

  • ako nagahenda abana impamvu bakuyeho iyo mitahe nuko babonye nubundi ntagihugu nakimwe kizobafata kubera ntacyaha bagirizwa ubwo rero mbona abayobozi babarundi bahuzagurika nkaho bajyeze bakandagira mwishuri ubundise, buyoya yabahaga igihugu yari yabuze incabwenge agiha birababaje !!!!!

  • Ntavyera Ngode Naho Imitahe Yokubakurikirana Muyihagaritse Ariko Nukubakurikiranira Hafi Kuko Ntagisiga Ceranda Ku Nyama.

  • Mwabuze ico mwobakoza? Canke kwar kubabeshera? Nimubazane bishure ivyo bakoze

  • Ivyo Murundi Twarabihinyuye.Aho Basanze Bera.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.