Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 15 bakurikiranwa n’ubutungane bakuweko imitahe ibarondeza
Abantu 15 bakurikiranwa n’ubutungane bakuweko imitahe ibarondeza
vendredi 19 Ruhuhuma 2016, par
Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye amazina y’abantu cumi na batanu bakuweko imitahe mpuzamakungu (Mandats d’arrêts internationaux) yabarondeza mu bihugu bahungiyemwo.
- Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi
Urwo rutonde rwasohotse kuri uwu wa gatanu rukaba rubonekamwo umukuru wa CNARED n’umuvugizi wiwe, bamwe mubari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bamwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, hamwe n’umwe mu barongoye ibimenyeshamakuru. Bose bakurikiranwako icaha c’ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.
Abakuweko imitahe mpuzamakungu ni :
NKURUNZIZA Aimé, umushingamateka yahora arongoye umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya poritike, akaba ari mu bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu
NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME
BARAMPAMA Marine yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
BIREHA Audace
SEBUDANDI Christophe
NSABIYUMVA Evariste
KANYANGE Géneviève yahora arongoye igisata c’abakenyezi mu mugambwe CNDD FDD (Abakenyererarugamba)
NDAYIZIGA Oscar, umushingamateka, akaba yahoze arongoye intara ya Muramvya (aheruka kwitaba Imana)
RUFYIKIRI Gervais yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
NTAVYOHANYUMA Piyo yahora ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi
MABOBORI Catherine yahora ari umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
NDAYISENGA Félix
CIMPAYE Pancrace, umuvugizi w’urunani CNARED
NYANGOMA Léonard, umukuru w’urunani CNARED
KABURAHE Antoine, umumenyeshamakuru arongoye ikinyamakuru IWACU
IGIHE
Messages
19 Ruhuhuma 2016, 23:18, par intwari
u BURUNDI bwararonse abagabo bijunja nijambo, nahabo rero bababariwe kugira intambwe bateye mu kugaruka gusana icabibarutse
20 Ruhuhuma 2016, 05:04, par M
Turanezerejwe ni yo ngingo ya nyakubahwa kizigenza wa Repuburika Valentin Bagorikunda, kuba ibihangange vyacu bikuweko iyo mitahe. ariko ntibumve ngo bakuweko imitahe ngobaze bariruka hano muburundi ngo ntangorane,ekaa umwansi aracabunze kurugi arondera uwo yisasira. hano imisore barayihejeje bayitwara kuyifungira mumakontinere, abandi bagatorwa aribizigaaa. muswahiri arisema ivi, kaa chocho aduwi akingari.

20 Ruhuhuma 2016, 06:51, par KURI
NYANGOMA: SOKWEE!!!!!!!!
NYAMITWE,BAGORIKUNDA,BUNYONI, GWASA : NIRUJE
NYANGOMA: BARATA BARATORA?
NYAMITWE: ABABIRIGI
NYANGOMA: NDAGUHAYE
NKURUNZIZA: IPRONA
NYANGOMA :OYA
NKURUNZIZA :NAGUHAYE
BUNYONI : KAGAME
NYANGOMA :OYA
GWASA : CNDD FDD
NYANGOMA : URAGITOYE
BOSE BAKOMERA AMASHI RIMWE
20 Ruhuhuma 2016, 07:30, par Nduwayo
Yemwe Yemwe Varantin Bagorikunda,ahubwo Nibagorihenda Niryo Ndamuhaye,ewe Buyoya Wahaye Igihugu Abo Bahutu Waragakoze,umuhutu Arenzwe Arenza Ukuguru Nyina!Bumviseko Bigira Bibakomerere Bashaka Bagende Babisasiye Ntimuhendwe Guma Mubuhungira Kandi Si Ubuhungira Muri Muncuti,ntamisi Isigaye Batakuwe Kugihugu.Nabo Barabizi Niyompamu Wumva Buguruye Amaradio Baturiye Bagakura Imitahe Kubo Bayirungikiye,umugabo Yihundukiza Mukirago Sikwijambo Uwo Ni Piter Et Varantin Abicanyi.
20 Ruhuhuma 2016, 07:46, par Deo
Birateye Umunezero Ese Boca Bagaruka Muburundi Tugasubira Tukubaka Igihugu Catwibarutse Bahanure Yamisore Ireke Gutera Ama Grenades Twibere Mumahoro Numutekano
20 Ruhuhuma 2016, 08:12, par ah
kukimwabihevye
20 Ruhuhuma 2016, 08:53, par kezis jix
n-abandi ni babaharire nkuko ijambo ry-Imana rivuga,maze bose bagaruke mugihugu twibanire Amahoro twubake uburundi bushasha.Murakoze niyo nintambwe yo kugarukana amahoro
20 Ruhuhuma 2016, 10:09, par Black
Biriko Biraza Iyo Ni Intambwe Ya Mbere Ese Vyotera Bija Imbere.Abarundi Twifuza Amahoro N,umutekano P6
20 Ruhuhuma 2016, 12:12, par gwaho burundi
iyo mitahe uhagaritse izocifatawewe nyene bakugoragukunda
20 Ruhuhuma 2016, 12:24, par Signorina
Imana ishimwe, Hallelua!!! nibatahe mu Ruhongore baje kubaka iguhugu cabo.
Nayubundi izira baribafashe ibatwara i Bumoso iyo nayo ntishika.
20 Ruhuhuma 2016, 14:48, par Benimana Dismas
Turashima Gose Vyaje,ese Bobandanya Kurekurira Benshi,barimwo Nabazira Ubusa.
20 Ruhuhuma 2016, 14:49, par Benimana Dismas
Turashima Gose Vyaje,ese Bobandanya Kurekurira Benshi,barimwo Nabazira Ubusa.
20 Ruhuhuma 2016, 15:20, par Non au 3ème mandat
abandi bobo ko batayibakuyeko ntibagirizwa bimwe???ivyo bavyita inkina mico ya MBURUMBI
20 Ruhuhuma 2016, 16:17, par Ruhinda Kahinda
Ibi byerekana ko leta y’uburundi ikurikiza democratie. HARAKABAHO NYIRICUBBAHIRO NKURUNZIZA. ingunzu kagame yo iragapfa.
20 Ruhuhuma 2016, 16:49, par Murundi nyawe
Je ndatangazwa n,abantu bibaza k reta y,uburundi ari enfant !barihenda can gose! Mb reta yokwemera kuganira kugahaane n,abantu batazwi n,abenegihugu ? Kand biragaragara k abo bagabo fake badakunda uburundi bakunda indazabo kuk ukunda uburundi ntiwonezerwa ubonye hari abarundi bariko bononerwa vyatewe n,abantu bagira nabi barungitswe nabo bagabo nyen ngo imvo nuko bashaka kuburabuza iterambere rw,uburundi! Umurundi akunda uburundi ntakwiye kujarumwe n,abashaka intambara kuk abavyeyi bacu n,abarimyi nico kibatunz? Mbe ho murugo uri umugabo ukagirana ikibazo na madame wocusimbira kubiri munzu ukamenagura? Ngo ushaka womore mukawe? Ivyo subugabo uratuza namb mukaw mufitaniy mandat koko uramuhunga ukagenda ukarindira manda igahera ukagaruka, uhunze naho ntucuza gusabira ibihano kubari basanzwe babafasha mukirikumwe na mukawe cank umutumirize abamuburabuza ngo nuko mutahuje kuko utegerezwa kuzirikana abana wasize umuryango waw wose.
20 Ruhuhuma 2016, 19:44, par Hagabimana Hypolite
None Kubera Iki Yafashe Iyo Ngingo?Nuko Yabonyemwo Amahinyu!Mbega Mwarabonye Aho Umwana Asaba Inyama Bakamuha Ibuye?Reka Batangure Kwi Kebuka!Ivyiza Biri Imbere Kandi Indongozi Zimwe Zimwe Zitanguye Kubibona.Ikindi Ntibagirwa N’uko Twese Tuzobanza Guca Mu Rupfu...Kandi Imana Ntirenganya Impera N’imperuja Ivyo Ubutungane Bwa Nyaze Bizogaruka Umusi Ntazi,ntibabone Ngo Umuntu Arahoze Akari Mu Nyuma Karahinda. Kandi Bayotangara Kuko Ndizeye Ivyiza Biri Imbere.
20 Ruhuhuma 2016, 19:46, par Hagabimana Hypolite
None Kubera Iki Yafashe Iyo Ngingo?Nuko Yabonyemwo Amahinyu!Mbega Mwarabonye Aho Umwana Asaba Inyama Bakamuha Ibuye?Reka Batangure Kwi Kebuka!Ivyiza Biri Imbere Kandi Indongozi Zimwe Zimwe Zitanguye Kubibona.Ikindi Ntibagirwa N’uko Twese Tuzobanza Guca Mu Rupfu...Kandi Imana Ntirenganya Impera N’imperuja Ivyo Ubutungane Bwa Nyaze Bizogaruka Umusi Ntazi,ntibabone Ngo Umuntu Arahoze Akari Mu Nyuma Karahinda. Kandi Bayotangara Kuko Ndizeye Ivyiza Biri Imbere.
20 Ruhuhuma 2016, 19:47, par Hagabimana Hypolite
None Kubera Iki Yafashe Iyo Ngingo?Nuko Yabonyemwo Amahinyu!Mbega Mwarabonye Aho Umwana Asaba Inyama Bakamuha Ibuye?Reka Batangure Kwi Kebuka!Ivyiza Biri Imbere Kandi Indongozi Zimwe Zimwe Zitanguye Kubibona.Ikindi Ntibagirwa N’uko Twese Tuzobanza Guca Mu Rupfu...Kandi Imana Ntirenganya Impera N’imperuja Ivyo Ubutungane Bwa Nyaze Bizogaruka Umusi Ntazi,ntibabone Ngo Umuntu Arahoze Akari Mu Nyuma Karahinda. Kandi Bayotangara Kuko Ndizeye Ivyiza Biri Imbere.
20 Ruhuhuma 2016, 23:49, par MUVUNYI
Abategetsi bi Burundi Bafite DAIMON yo kwica ibarimo, ntakindi batekereza atari kwica gusa abanyagihugu. Ariko ntibazi ko Mwarimu wabo MRND yo mu Rwanda aho bari,nabo rero bitegure guhunga abandi bafatwe kuko kwica ntabwo bitanga amahoro. Ntakindi barota atari ukumara abatutsi kandi ari abavandimwe babo. Bo bishinga Abafaransa n’interahamwe ariko igihe kirihafi ngo Leta ya Nkurumbi iveho mbera ya mai 2016.
21 Ruhuhuma 2016, 08:12, par RONGER BARUTWANAYO
MWAFASHE INGINGO ZIZA
21 Ruhuhuma 2016, 13:24, par Japhet Nijimbere
Nubwo Biri Ukwo Abo Bantu S’abo Kwizera Nukubakurikiranira Hafi
22 Ruhuhuma 2016, 11:22, par jmv
ako nagahenda abana impamvu bakuyeho iyo mitahe nuko babonye nubundi ntagihugu nakimwe kizobafata kubera ntacyaha bagirizwa ubwo rero mbona abayobozi babarundi bahuzagurika nkaho bajyeze bakandagira mwishuri ubundise, buyoya yabahaga igihugu yari yabuze incabwenge agiha birababaje !!!!!
22 Ruhuhuma 2016, 15:46, par Ernest sg one
Ntavyera Ngode Naho Imitahe Yokubakurikirana Muyihagaritse Ariko Nukubakurikiranira Hafi Kuko Ntagisiga Ceranda Ku Nyama.
22 Ruhuhuma 2016, 16:51, par Muhire
Mwabuze ico mwobakoza? Canke kwar kubabeshera? Nimubazane bishure ivyo bakoze
22 Ruhuhuma 2016, 21:43, par Jojo
Ivyo Murundi Twarabihinyuye.Aho Basanze Bera.