IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 374 nibo igiporisi cemera ko baguye mu ntureka Uburundi bumazemwo (...)

Abantu 374 nibo igiporisi cemera ko baguye mu ntureka Uburundi bumazemwo umwaka

mardi 3 Rusama 2016, par egide

Abanyagihugu 374 barapfuye, 368 barakomereka, abaharurwa mu 467 nabo bakaba bapfungiwe mu busho butandukanye nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi. Mu giporisi bamenyesha ko ata muntu n’umwe yanyurujwe n’abajejwe umutekano muvyo bita imigumuko bavuga ko yagizwe n’abanyagihugu 6000, ikaba yamaze ukwezi kwose.

Mu cegeranyo cashizwe ahabona n’igiporisi c’Uburundi, inyuma y’intureka zatanguye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko ivyagirijwe abaporisi b’Uburundi ko bahohoteye bongera banyuruza abanyagihugu ari ikinyoma.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri ko ku ruhande rw’abajejwe umutekano, abaporisi 77 aribo bishwe, abagera ku 367 barakomereka, 12 bacika ibimuga, 38 birukanwa mu giporisi, 8 baranyuruzwa, hamwe na 59 bari mw’ibohero kubera amakosa bakoze.

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje kandi ko igiporisi cafashe muri ico kiringo c’umwaka inkoho zigera ku 946, amagerenade 941, amasasu arenga ibihumbi mirongo itanu, hamwe n’amabombe 165.

Ishirahamwe Human Right Watch rimenyesha ko ubwa mbere hatorwa ibiziga mu mabarabara, ariko ubu ubugizi bwa nabi bukorwa mw’ibanga ntangere, abantu bagafatwa mu nyuma bakaburirwa irengero.

Igiporisi c’Uburundi gisohoye ico cegeranyo c’umwaka mu gihe muri Human Right Watch baheruka kumenyesha ko ubugizi bwa nabi busigaye bukorwa mw’ibanga, bagasaba ko mu makaritiye yagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, horungikwa abaporisi mvamakungu gukingira abanyagihugu baba muri ayo makaritiye, mu kurindira ko ibibazo vya poritike biri mu Burundi bitorerwa inyishu.

Ishirahamwe Human Right Watch rimenyesha ko ubwa mbere hatorwa ibiziga mu mabarabara, ariko ubu ubugizi bwa nabi bukorwa mw’ibanga ntangere, abantu bagafatwa mu nyuma bakaburirwa irengero.


IGIHE

Messages

  • Muragabemuragabe!! Abo,bagomba. Ahobategurira, Iyindikudeta.!

  • Muragabemuragabe!! Abo,bagomba. Ahobategurira, Iyindikudeta.!

  • Nukuvuga minisozi igize uburundi harimwo umwe utakigira abawubako kubera bapfuye bose. None Mwumva abobantu atari benshi?Iyomba nkuyumugabo Nacantanga Imihoho singumenitwa Uwujejwe umutekano!!!

  • ahubwo abo ni abapolisi kuko aribo avugira. abandi nabo igipolisi cica kidaharura.

  • Nivyiza Gutanga Icegeranyo "nico Canke Sico"abo Murikampanye Murabazi?Reka Ahaturara Kumahiri

  • ubu kweri ico cegeranyo nicukuri?

  • gushika ubu humana rights watch ntaco ivuga kurabo bapolice 77bafuye imiryango yabo,abapolice baciwe amaguru
    ariko human rights ikavuga abanyagihugu bafuye bitwaje ibirwanisho
    NIYUNVIRAKO HUMAN RIGHTS ARI UMUGAMBWE WA OPPOSITION?!!!

  • Turabashimiye mukuduha icegeranyo cukuri mwebwe twizeye nayabacangero ba human Rigth whach nababeshi ninabihebyi nabasateniste abo nahone bapfuye nuko mwibagiy kubwira abaneburundi yuko ari abanse gukurikira ubwije bwabasinduja babatayeko ishavu hamwe nimbonerakure zahambwe mubinogo rusange zihogwa gushigikira umugambwe uri kubutegetsi abandi nabo nizankorabara zatera amakambi murakoze canee kwari ukuryobora.

  • sawa sawa mutama turagushikiye uwubanka abandureko, vyambabaje kumva abapolice bapfuye barikugatwe ka pacifiqeu nabo bakorana ino i burundi

  • NTAKUNDI UBURUNDI NIKWIHANGANA ABASIGAYE TWIZERE IMANA AHANDIYO ISIYOSE NTAHAZIMA HAHARI SATANI YAYIMANUKI AZI KWAFISE AKANYA GATO .MURUNVA KO AKORANA UMWETE RE .TWIZERE TWESE ATAWUVUYEMWO IMANA NUWO YANYWE YESU KISTO AZO DUHA AMAHORO MUMITIMA YACU

  • Abobose bapfuye, ababuriwe irengero, abacitse ibimuga, abapfunzwe ... bose bazira umuntu umwe gusa yase kurekura ubutegetsi ariwe Petero Nkurunziza! None ubu araryama agasinzira akarya bigatemba neza n’iyo mivumo yose imiri inyuma? None iyo areka kwitoza ivyo vyago vyose biba vyarabayeho? Hanyuma ngo ni za bakizwa! Imana niyo izi vyose!

  • Mutama Ubona Inzira Yotuma Ubwicanyi Buhagarara Ariyihe?Nimwemere Ibiganiro Bidakumira Bibera Hanze Yigihugu Kuko Arivyo Vyonyene Bizohagarika Izi Ndyane.

  • IVY’UBURUNDI BIRAGOYE GUTAHURA.IMANA IDUFASHE TURONKE AMAHORO.

  • NONE ABOBANTU BOS BAMAZ GUPFA BAZOBAZWAND BISHW BIVUYEKUKI? YESU IBURUNDI WADUHEVY TABARA INTAMAZAW

  • NONE ABOBANTU BOS BAMAZ GUPFA BAZOBAZWAND BISHW BIVUYEKUKI? YESU IBURUNDI WADUHEVY TABARA INTAMAZAW

  • IGIPOLICE CARAKOZE NEZA KUNEZA Y’IGIHUGU CABO,ABO TUGAYIRA N’ABASODA BEMERERA ABANYE POLITIKE NGO BASUBIZE IGIHUGU MU KAGA K’INTAMBARA YAMOKO ATAHO YADUSHIKANYE ATARI AMARIRA

  • Mwaramaramaye birenze ukwemera, mbega ubwobugizibwanabi muvuga bukorerwa mwibanga burihe kombona abomwaroze birirwa barararika amagerenade mubunwero nokumasoka imivyimba ikabonwa nabose, ntasoni mukuze kubona abomwatumye kwica abarundi abobishe mubabara nkuko abarundi nabarundi tutabuze? Ariko mukemera kurondera ibinyoma mugereka kubajejwe umutekano wigihugu cacu dukundacane kikaduhimbara u Burundi.
    Mbekomuharanira agateka kazinamuntu komutigeze mushavuzwa nakirya igitigiri caba polisi bishwe nuwomurwi wanyu mwarimwateguye dusigaye twica Mujeri? Agateka kazinamuntu kuribamwe ntasoni? Iyaba aribikunda jewe mwese abakora muri HRW nobafukuje hagashirwaho abandibashasha kuko amahera tubahemba mwikigihe apfubusa kiretse kwasanayo gushigikira abakozi ba Satani.

  • Shame on you. None abandi bagiye he? Batambereye? Abo se mwemera ko baguye muntureka bo mwabahoye iki ?

  • ABAPOLISI BAKOZE AKAZIKABO NEZA,ABOTUGAYIRA N’ABASODA BAMWE BAMWE BISHINGA ABANYE POLITIKE B’AMACAKUBIRI BADAKUNDA IGIHUGU CABO!

  • NONE ABOBANTUTBOSE BAMAZ KWICWA BAZOBAZWA INDE? BAPFUY KUMPAMVUNKI BIVUY KUKI? ABARUNDI TURASARIRHA!

  • Abobicanyi bankurunziza icocegeranyo bataze gisiguriki ? bagovye kumenyesha umwami wa bicanyi Nkurunziza petero rwabambikumudari cobazi kwica cane. iyo mihimbiri, irikwiranguha ngo ntabantu bafatwa nizo mpemuke zaba Porisi zahemukiyi gihugu !. mbega ivyo birirwa barakorera abanyagihugu mukubagandagura ntibabikora tubona ? ni barindire igihe kizogera ahotuzosigura ivyabo kumugaragaro.

  • None aba bantu bapfuye bobazwa igipolice?

  • Wewe wiyita birababaje nagomba ndakumenyeshe ko ivyo wanditse birantwengeje none nkurunziza yitorewe nabene gihugu mukaca musimbira mwibarabara ngo turamwiyamirije umuti ntawundi nukumesurwa kuko nkurunziza si ndadaye yatwaye atagira igisirikare nigi PNB yarababwiyeko amase yakera atagihoma urutaro zamujeri zozo ziracapfa kuko ntawundimuti wugukuraho mujeri atarukumenimite

  • Icogiporisi cewe mbona abagitumye kwica abantu carigishinzwe kurinda baragihinze none kuwabatuma kwica abanyagihugu yavuga kwaricayi gihoze iyokiba icayi gihoze abo yavuze bapfuye wumva barigupfa kandi yababwira kwaricayi gihoze jewe narinzi mweho kwatanumwe mwabuze none ntiwumvako mwarimukwiye kwikebuka mukareka kwiteranya nabanyagihugu mwari mushinzwe kurinda kubwinyungu zumuntu umwe uretseko habayeho kwiyorohereza murivyo bitigiri vyatanzwe nankurikiye kuko aba DD atakindi kikibatunze Atari ikinyoma ikizwico nuko abanyagihugu igiporisi ca pastor nkurunziza kimaze kwica barengabo kure niyo gusa atinya kumara Mara kuko atanze ibitigiri binini yibazako vyoba Ari akamaramaraza kubona igiporisi cubahuka kugandagura abanyagihugu Cari kijejwe gukingira mugabo nubundi ibararyo mwararyihaye kuko uwobabaza abobarenga magatatu bobo mwabahoyiki mwashaka abo guteka ikindi kubaporisi bapfa igihe inzirakarengane ziba zigerageza kwitabara ivyobitigiri nkurikiye yatanze birazwiko kirenga kure niyo yase kumaramara no kumaramaza shebuja wewe yabatumye kwica abanyagihugu ababesha kwari nkicayi gihoze none nkubu iyoyaba uwapfuye yagaruka burya botubwira Ko basanze aricayigihoze nkuko uwabateranije nabanyagihugu yabibabwira

  • verema abapolice njewe ubwanjendabashimiye arugukora baragerageza none aboba polici bapfunzwe nabakomeretse nababayibimuga baziziki?Kobibabaje?police nimubirabm twebwe abanyagihugu turahahereye nimubirabe.

  • None gasha SIRASI kubashimira abo ba porisi, ikintu bakoze cotuma ubashimira nikihe?.Jewe ukonzi aba porisi na basirikare ukobakora biratandukanye ni vyo baba bajejwe, 1 igi porisi kijejwe gucungera umutekano wa banyagihugu, ntihagire umuntu numwe yo girirwa nabi mugihugu.Umusirikare nawe nuwo gucungera umutekano wi imbibe zigihugu, ariko unomusi siko biri !,unomusi uhuye ni citwa umu porisi canke abiyita ngo ni abaserete,utayanyanze ngo ntaco wi yagiriza, ubuhise. Imana ikurokoye bagukurikiza amasoro wumva hinda nkinzuki kumutwe, igisirikare coco ntawukivuga caravuye kumi paka yi gihugu gikinda kigaramye. ariko sibose murazi yuko umuryabwa yabayumwe agatukisha umuryango. nsubiyinyuma gatoya ndakosora uwomugani wabakera,mugi sirikare haracarimwo abibanga bagihagaze kumwuga wi banga ryabo, aribo babo birirwa barafatwa nkumwagazi wi ntama utwawe kumacuniro, kubera banse guhemukirigihugu nabanyagihugu, bagatinya gusesa amaraso ya boboserimwe. nico gituma twirirwa turumva uriya ya yishwe canke ngo ya twawe mu mpimba, hano rero mugihugu cacu utabaye umwicanyi karuhariwe kandi ukomeye wa reta, bazokwimba nomwibuye, kugeza bagukuyeho, UBURUNDI bwacu bwa pfuyuko.

  • abantu bazoreka gupfa, igihe ubwamibwimana buzoba buganza mugihe iyisi igitegekwa nabana babantu twitegako amaraso azoguma aseseka. nimurebe. kwisiyose nakajagari gusa. kubera shetani ariwe aganzisi. 1yohani 5:19, urukundo nigo ruhambaye,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.