IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 58 nibo bahambishije n’igisagara ca Bujumbura

Abantu 58 nibo bahambishije n’igisagara ca Bujumbura

mardi 1er Ntwarante 2016, par egide

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarahambishije abantu bapfuye mu bari bateye amakambi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akamenyesha ko afashanije naba Musitanteri, bashinguye abo bantu mu mva zizwi, ku Mpanda no mu Kanyosha.

Inyuma y’aho ikinogo cahambwemwo abantu benshi gitowe muri karitiye ya Mutakura kw’ibarabara ry’icenda, ibisigarira vy’abantu batatu akaba arivyo vyakuwe muri ico kinogo kirekire, ariko abacerekanye bakaba bamenyesha ko cahambwemwo abantu bagera kuri mirongo itatu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaboneyeho akaryo ko kwishura ku vyagiriji vy’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryamenyesheje ko mu bitero vyabaye ku makabi ya gisirikare kw’igenekerezo rya 11 na 12 Kugarama, abajejwe umutekano bagandaguye inzirakarengane, baca bahambwa mu binogo rusangi.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko abaguye muri ivyo bitero ari abari bateye amakambi, kandi ko bahambwe mu mva zizwi, mu kanyosha hamwe no ku Mpanda.

« Uwufise amakenga wese arabisaba bamwereke aho bahambwe, namba afisemwo uwiwe kandi amwemanga bamumuhe bari kumwe n’abajejwe agateka ka zina muntu. Nta kinyegero kirimwo, bahambwe ku mugaragaro abarundi babona. »

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA akamenyesha ko bahambishije abagera kuri 58, abo nabo bakaba bari batowe ibiziga mu Ngagara, muri komine Muha, hamwe na komine Mukaza.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryatangaje ko rifise amasanamu yafashwe n’ikigendajuru (Satellite), yerekana ibinogo rusangi bitanu vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi ko rifise n’intahe z’abantu batandukanye bagiriza igiporisi ubwicanyi bw’abantu benshi kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, n’igenekerezo rya 12 Kigarama 2015, igihe hakorwa ibitero ku makambi atandukanye y’igisirikare c’Uburundi.

Umuyobozi wa Amnesty International muri Afrika y’ubuseruko, hamwe no mu biyaga bigari, Muthoni Wanyeki, yamenyesheje ko ayo masanamu yerekana ubushake bw’abayobozi b’Uburundi bw’ukunyegeza ubwicanyi bukorwa n’abajejwe umutekano, hamwe n’ukwanka ko ukuri kuja ahabona.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryipfuza kurungika mu Burundi abahinga bigenga, kugira bafashe ubutegetsi bw’i Bujumbura mu matohoza kuri ivyo binogo vyoba vyahambwemwo abantu barenga ijana mu kivunga, bikavugwa mbere ko hoba hari n’ibinogo kimwe coba kiri mw’ikambi ya gisirikare.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic, yamenyesheje ko naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashizeho umurwi w’amatohoza, ko bikenewe ko abahinga ba ONU boshika ahavuzwe ko hari ivyo binogo, bikugururwa, ONU igasaba ko abahinga bayo boba ariho bari, ONU igatanga n’abahinga muvy’ubuvuzi bemewe n’amategeko (Experts médicales légales)

Bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu ariho hashika i Bujumbura umurwi w’abahinga batatu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe amatohoza. Uwo murwi uzomara indwi yose mu Burundi, ukaba uzobonana n’abategetsi b’Uburundi hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • mbe ko mutanguye kwisobanura abarorerezi batarabereka ibindimwanyegeje?

  • umuttiwabafashe,canke.amasengeshoyahindutsebatanguyekuvyerekanahatarageranabahingabataraza kumaramarana.ubuhangahamwenamagufankabarozi nkuwujejwegisagaraweyabuzahoyohungira.nibindibigiyekuboneka.nimusengetwizereko,abagiyekuzabataryaruswa!

  • Mbega ubu n’iho Abobahinga bataguye gusaba kuraba ibinogo bihavyemwo abantu benshi? Mbe ibinongo rusangi vy’ahabwemwo abacu bo muri za 1965, 1969,1968, 1972, 1988,1993 bizoba arivyo baje kutohoza nayubundi ntakamaro bizoba bimaze iki?
    Kandi ivyo binogo bikwiragiye hose mu gihugu c’uburundi, nizeye yuko ivyo binogo
    birinda kubazwa aba bakurikira: Sibananiye Arthémon, Mpozagara, Ndabemeye thomas, Bagaza Jean Baptiste na Buyoya Pierre d’ailleurs iyo rapport iri no muri ONU imyaka myinshi.

  • non?Ndabuze,nicomvuga,58atanumwe,afise,hoho,nubuhiri,sha,nabagesera,pe.

  • nibaze ukuri kujahabona

  • nibaze ukuri kujahabona

  • Isi nidahagurukira ababahutu biburundi baraza kumara abantu ibyo bakora birasa nokwihorera kubyabaye kera kungoma yabatutsi

  • Oya guma hamwe ivyo mwanyegeje bije ahabona! Ko mutangur kubesha mwisigura?
    N’abo mwariye inyama muzobadahwa bije ahabona! Abo mwahishije munda zanyu zase kwuzura , muzobaruka hanyuma mucibwe imanza!

  • Agapfuye Kabazwivu, Nubundi Bopfuye Ntibobaye Abazamu b’Isi nibahambwe Neza Ariko Mbabazwa Nababuzwe Irengero Ariko Hagowe Uwabishe Imbere Ya Allah(Yehova)

  • Mbega ONU ishinzwe guharura abapfuye gusumba kubakingira Ngo ntibabandanye bicwa ahubwo vyarayinaniye niyinumire

  • BANYE PORITIKE MWICANA MU PFA IVYISI MBEGA MURAZI KO BIZOSHIRANA NAYO???.NIMWIHANE,ISI IGEZE KUMPFIRO.

  • MBEGA YEMWE.KO TUMARANA TURI BAMWE!!!AMAHEREZO YACU NAYAHE???.AHO NTIMUBONA KOTUGOWE???TWIHANE UMWANYA UKIRIHO!!!

  • MBEGA IMANA YATUREMYE NGOTWICANE???.TUREKE KUBABAZA IMANA,UWOROSHE NUWUHAMBAYE TWESE ,AMAHEREZO NIMUKUBOKO KW IMANA

  • Ahaa!!muragabe abarundi kuka abo bagabo ijana babasoda ntibabazotworoheza kuka baje naband bazoza aboza nabo 3bagateka kazinamuntu kuko mwemey abo ijana nabandi bazoza

  • mbega,ivyotwandikabirashikira.iyoreta.ninkozizibibizosezigendana.imitweyabantumumagunira??mumucunge,umukuruwigisagarantahave,ahungishangobamutumyemubikorwavyakazihanze.!nkumuvugiziwisodagasuparibaratuza.!

  • Mbega ko reta ya NKURUNZIZA yanka ko ukuri kuja ahabona ? vyoroha biguma bizomenyekana, uwakoze inabi ahanirwe abona.

  • rekekuba mwikora ahomutibonango agateka kazinamuntu kubayehomuburundi mwogandaguye abantubanganuko hongerasana aceni kuujiceka walundi muuko vinyago laisiwene mwendawazimu cicaa

  • Mbe Ko Reta Ya NKURUNZIZA yanka ko ukuri kuja abona? vyoroha biguma bizomenyekana uwakoze inabi ahanirwe ahabona.

  • mbe freddy urimeyeko wahavy abana babandi kandi bafisimiryago shetani murikumwe uzuvyemange ko wahavye bene burundi mbe ko wahavye ntamiryango baribafise?

  • JE NDINDIRIYE ICO IMANA YIKORERA KUKO NIYO IGANJE KW’ISI NO MW’IJURU SATAN AU BURUNDI ET SUR TOUTE LA TERRE VA BIENTOT ETRE JUGE ET LE JUGEMENT DU TOUT PUISSANT EST SEUL JUSTE!!

  • Opposition CNARED irinda kubibazwa kuberako Aba rebelles bamaze bamwe kwitanga, Hallelua Mana rugira vyose!!!!

  • ariko Maire de la ville ni ikijuju arashobora kwemera ko azi ingene abantu banizwe munyakabiga,musaga,mutakura,ngagara rindira azobibazwe kwavyemanze Mu kibanza ca PITER abacitse kwicumu baruzuye aba polisi na basoda bumutima turiho twarabona tuzovuga INGENE VYAGENZE .INGENE BASOMBA BAGACA BABANIGA .YEZU KIZA UBURUNDI.

  • NN GAYEMWE! TWEBWE UBANYAGIHUGU DUKORIKI?

  • Jewe mbona Umwumvikano W’uburundi Umengo Ninkinamico !Ariko Turakwiy Kumeny Ukuri.

  • IYIPHOTO MWASHIZEHA NTIHUYE NIBIRI MUNKURU MUTUBWIYE, JEWE NABONA IYIPHOTO YARIHUYE NIVYABAYE MWUMWANYA WAMASAHA MAKE, ARIKO IVYANDITSWE MUNKURU MWARIGUSHIRAHO IFOTO YAHARYA MWITONGO RYABAYFUYE CANKE AHANTU HARIBINOGO. JEWE NGIZE NDACUGURURA IMACHINE NCANIBAZA NGO BAMUJERI BARAYE BIHAYE INKUMBI?

  • Reka mbabwire rero, iyi l’etat ya Nkurunziza ifise umugambi wokumara abantu, muve mukwihenda muhaguruke naho ubundi murashize, kandi amakungu ntakyo azabamarira nabanyarwanda nibo bikemuriye ikibazo, nimukanguke Barundi barundikazi

  • Mbegivyo bivugisha ninde ya bibatumye? ntamatohoza twebwe abobicanyi twabatunye, nibagumehamwe bareke kurotwarotwa, birirwa barica umututsi numuhutu atabashigikiye mubugugu bwabo, batahure neza umunezero bafise muguhonya imisore ninkumi, nabagabo nabagore ,nabatama nabatamakazi.uwomunezero umusumwe uzohinduka umubabaro, nibareke kwibesha ntaho vyabonetse mwene kwica yongera kwigira kwitohoza! none kobabampunguza, abobavuga kobabateye kobirirwa baratangaza ngobishe amajana. ariko unomusi bavuze 58 abandi babatwaye mumazu zabo kubagira kwibimara. ngaho niho bamenyekanira kobatayumutwe ntibigera bibuka ivyo bivugiye bonyene, twarabahinyuyeeee musigaye mugenzitwe nkuruyuzi.

  • turasabye abo bategetsi bahagarike kwica kdi murbe ibyo binogo aba dd bamazabantu

  • uwuzorukarisha ruzomumwa mugani wa mutama wacu twitoreye niwe abikunda none baja gutera amakambi bazi kwari bimwe vyakera ndadaye bishe nurya nyene ntawundi murakoza agati muntozi muze murabe carafashwe basha ubu natwe twarashikiriwe mutama wacu guma kwibanga abasara basare

  • uwuzorukarisha ruzomumwa mugani wa mutama wacu twitoreye niwe abikunda none baja gutera amakambi bazi kwari bimwe vyakera ndadaye bishe nurya nyene ntawundi murakoza agati muntozi muze murabe carafashwe basha ubu natwe twarashikiriwe mutama wacu guma kwibanga abasara basare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.