Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu barenga 500 barishwe mu mwaka w’2012-APRODH - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abantu barenga 500 barishwe mu mwaka w’2012-APRODH

Abantu barenga 500 barishwe mu mwaka w’2012-APRODH

mardi 8 Nzero 2013

Ivyo biharuro birangwa n’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu APRODH. Vyerekana ko mu mwaka w’2012 hishwe abantu benshi, abagera kuri 516 mugihe mu mwaka w’2011 hari hishwe abagera kuri 453. Imvo ngo ziratandukanye harimwo n’iza politike.

‘’Benshi bishwe ku mvo za politike, abandi bagirijwe ubusuma bw’abantu bitwaje ibishwanisho, uburozi abandi nabo ku mvo zitazwi’’,
ivyo n’ibishikirizwa na Pierre claver Mbonimpa arongoye ishiramwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu.
Amenyesha ko mu mwaka uheze w’2012, hishwe abantu bagera kuri 516 mugihe mu mwaka w’2011 hari hishwe abantu bagera kuri 453.

Naho biri uko Pierre claver Mbonimpa avuga ko ubwicanyi ndengerabutungane bwagabanutse. Ngo mu mwaka w’2012 hishwe abantu 12 mugihe mu mwaka w’2011 hari hishwe abantu bagera kuri 78 mu buryo budasiguritse bakuwe mu nzego z’umutekano n’ubutekano.

Avuga ko abagirizwa ahanini harimwo abapolisi n’abandi bantu bari mu tugwi twitwaje ibirwanisho hamwe ngo n’urwaruka ruri mu migambwe itandukanye. Amenyesha ko higeze gushingwa watohoje kuvyerekeye ubwicanyi ndengerabutungane ariko ngo hafashwe abantu bakeya kandi batobato gusa.

Ishirahamwe APRODH rimenyesha ko ubwicanyi bubandanya bwibonekeza kubera ukudahana n’ugukingira ikibaba abategetsi bamwe bamwe mu gipolisi n’ipereza bagiriwa amabi nk’ayo. Ikindi ngo ni ukutigenga kw’abacamanza batamikwa ijambo kugira bace urwa ngondagonde.

Ivyo biharuro birateye amakenga abatari bake harimwo Frederic Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Amenyesha ko bitumvikana ingene abantu barenga 500 bashobora kwicwa kakaba akamizwe n’ingoma.
Avuga kandi ko Reta yohagabira kuko bishobora gutuma abanyagihugu bibaza ko badakingiwe umutekano. Arashima ko hari icegera c’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega Michel Nugweze batazira Gwembe yafashwe yagirizwa ubwicanyi ndengerabutungane.

Naho biri uko, Frederic Bmvuginyumvira amenyesha ko atari uwo mupolisi wenyene yakora ivyaha nk’ivyo. Agasaba ko Reta yofata n’abandi bakorana ayo mabi.

Kw’ifoto :Pierre claver Mbnimpa arongoye APRODH


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.