IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu batembera mu gisagara ca Bujumbura badafise akazi bagiye (...)

Abantu batembera mu gisagara ca Bujumbura badafise akazi bagiye kwirukanwa

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA amenyesha abantu bava mu ntara zo mu gihugu c’Uburundi bakaja mu gisagara ca Bujumbura ata kazi bahafise ko mu minsi iri imbere bagiye gusubizwa iwabo, igisagara kigumemwo abafiye ico bakorerayo.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko ingingo zibereye zafashwe ku bantu banyagara mu gisagara ca Bujumbura ataco bariko barakora. Nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA, umuntu wese azoba agiye mu gisagara ategerezwa kuzoba agiye gukora akazi afiseyo.

"Barya bantu bicara, basigaye badandaza abana, mu minsi iri imbere bagiye kwirukanwa basubire iyo baje bava kuko igisagara kirafise ukuntu gitunganijwe.

JPEG - 68.8 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabimenyesheje kuri uwu wa mbere, mu gihe yari ahagarariye ibikorwa vy’ugusambura utuzu twubatswe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, utuzu turi muri site ya Ntahangwa hamwe n’aho bita Ku Mase.

Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura arashima ingene ico gikorwa cagenze, akavuga ko abanyagihugu ubwabo aribo bisamburiye ata nguvu zirinze gukoreshwa, akavuga ko ari mu ntumbero y’ugukingira inkengera z’ikiyaga Tanganyika, hamwe n’ibidukikije.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga kandi ko abanyagihugu bategetswe gusambura utwo tuzu kuko twabatswe mu bibanza bitari ivy’abo banyagihugu, kandi ko vyari bikenewe ko abo banyagihugu bakingirwa ntibatwarwe n’amazi, ntiraribwe n’ibikoko, kandi ntibarware.

"Twarabasiguriye ko aho hantu badashobora kuhaba. Twarababwiye ko kuwa mbere bokuramwo ibintu vy’ingirakamaro hanyuma bakagenda iyo baje bava."


IGIHE

Messages

  • Umututsi iyamenje agirako!!Aragenza make na giswaswa yaratekanye!!

  • NYAKUBAWHA BANDANYA UKOSORA KUGEZA IGISAGARA GITEKANYE IKIBAZO GISIGAYE NICI MOTO ZIRIRWA ZIGANDAGURA ABANTU MUZIRUKANE ZIZE RUGURU NAHO MABIKOZD TURAHERA

  • ivyo vyokwirukana abene gihugu ngobasubire iyobaje bava nakamaramaza, mbe iwabo nihe,?mbe umunyagisara ninde?umwene gihugu arekuriwe kuba ahashtse hose mugihugu ciwe.!

  • Jewe nkumuntu wimvukira ya Bujumbura ndashimye icogikorwa cogutunganya intara mvukamwo yariyariganjiwe nabayijemwo bose bakacabifata ukwobishakiye ukamengo twebwe mvukira zaho ntajambo tugira nihazeharabamwo abafise icobakora gusa nabaje gusabakazi batarakaronka bategerezwa kubivuga ahobavuye naho basembereye bakabimenyesha abajejwe intwaro icakuzanye.

  • Iyo Ngingo Ije Hageze.

  • Soma ibwirizwa shingiro: umurundi wese ararekuriwe kuba aho agomba hose mu Burundi. Iyo nzira ni mbi: ejo umunyagitega azotegeka ko ata muntu atari umunyagitega kandi ata kazi abafise ko ahava akaja iyo avuka. None iyo ngingo ntimubona ko ishobora kudushikana kure tutifuza? Ako n’akajagari gusa

  • Nivyo,nimubikore,harinwo,nibisuma

  • uwo avuze ko freddy ari umututsi aribeshe cane. kandi nawe siwe kuko atavyo azi. freddy n, umuhutu. kwihakana ubwoko bwiwe. n, ikimenyetso gikomeye ko ari umubegito. uwihakonye se. nta n,umwe atokwihakana.

  • sivyo nagato! Yoo!rimbur neza basha sivyo!

  • At Nzompfamvuga,
    Ivyuvuze bitandukanye nivyo bavuze Bujumbura abayibamwo abeshi nabavamuzindi ntara aborerobafise uburenganzira bwokubangaha Bujumbura nkatwebwemvukira ariko ujewirirwa urondera uwuguha ikiraka cogituritsa grenade muntarayacu akokakaba arikokaba akazikawe wewe ntitugushaka kandi nokuvuga Ko ako arikokazikakuzanye gukora ndazikonawe bizogutera isoni kinivuga, ndababwirarero mwenabo nibaruviremwo twarishe.

  • EWE MBONIMPA URARUSHE REKA BENE GIHUGU BIDEMVYE MUGIHU CABO SOMANEZA IBWIRI SHINGIRO UZUHEZE UFATE INGINGO WIBUKE KANDI AKAZI GATANGWA NIMANA NTANUMWE BITOBERA IRIMWICOKIBANZA URIMWO

  • ntabwo arivyiza nagato kwirukana mwenewanyu canke mushikawe ngonuko asa nabi canke atakazi afise na Los Angeles new York Paris dubai UK cape town abantu batagira imirimo barabayeho ntacobagisha muri government sinunva iyo ntambara yabakene nabatunzi aho ituruka kunda abomurongoye wirukanye mwenewanyu uhaye indaro umunyamahanga what’s the point urukundo ruruta vyose umugabo nawe nintwari murugo ntabwarintare rekabobana bimana

  • Iyub Uwund Wameny Iyo Waj Uva.Naw Uzotha Mubndi Kuk Aho Si Mucaso Na Nyoko.

  • Niyatari Kweli,mwari Mukwiye Kuraba Ikiberey Uretse Uko,kuko Abanyagihugu Nibo Batanga Intebe.Kubirukana Nivyiza,nne Hazosigare Abahe Konabakivukiramwo Ikigisagara Kubwishi Aribo Biyangaza Bizogenda Gute?Muzobatwarahe?Uwaruguru Avayo Kuko Aje Guhiga Life.Murarabe Ni Danger.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.