IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu babishaka bahamagariwe gutera igikumu ku rwandiko rusaba (...)

Abanyagihugu babishaka bahamagariwe gutera igikumu ku rwandiko rusaba amatohoza

lundi 2 Ruheshi 2014

Umunyagihugu wese yipfuza amatohoza ku myimenyerezo ya gisirikare bivugwa ko ibera mu gihugu ca Congo asabwa gutera igikumu ku rwandiko "Pétition" rwanditswe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru.

Nk’uko Vital Nshimirimana abimenyesha amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru batanguye gutera igikumu kuri urwo rwandiko kugira bace bahamagarira abandi barundi bose bavyipfuza kugira bahamvye ayo mashirahamwe mu guhamagarira Reta y’Uburundi ifadikanije n’ibindi bihugu vyegwa n’ico kibazo gushiraho umurwi udahengamye, kugira batohoze ku bimaze iminsi bivugwa ku birwanisho vyoba biriko birahabwa urwaruka rw’Imbonerakure hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare yoba iriko ikorwa ku butaka bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 39.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Urwo rwandiko ruzoterwako igikumu n’umuntu wese avyipfuza, bakazorusanga ku vyicaro vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahari hose mu Burundi hamwe no ku maradiyo n’ibinyamakuru bitandukanye, mu nyuma rukazoca ruhabwa abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo, uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika.

Tubamenyeshe ko urwo rwandiko ruzoterwako igikumu mu kiringo c’iminsi 15 gushika kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2014, igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba.


Floxella Karire

Messages

  • VIVE SOSIYETE POLITIKE CIVILE, TURABAKEJE KURAYO MASINYATIRE MURONDERA. ABANYAGIHUGU TUBASABIRA KU MANA IZE IBAFASHE MURONKE NIBURIBURI IBIKUMU VYABANYAGIHUGU 3.000.000. UWUZOSINYA AZOVUGA UMWIDONDORO WIWE, IZINA RYASE NANYINA NAHO AVUKA. IVYOBIKUMU NIMUTABISHIKANA, TWEBWE ABANYAGIHUGU TUZOCA DUSABA UMUSHIKIRIZA MANZA MUKURU WA REPUBULIKA, GUHIGA BUHONGO ABAZOBA BABITUNGANIJE.

  • Societe civile namwe murimaramaje, none vyabifaranga benenyoko babazungu babaha mubikoza iki ??????????? Kubera iki mutokwikora kumufuko wanyu ngo muhitane honyangahonyanga, adc=ikibiri, nuwuhagarariye ubumwe bwa afrika namushikiwanyu aserukira leta zunze ubumwe zamerika mukaja gutohoza ikongo??????????? Nukuvugira aho mwicaye,mwiyambika ivyatsi bibisi nukuvuza amahori ngomuri mumatohoza???????? Nimuceceke kuko murutwa nawa mutama mbonimpa,ubwenge bwiwe bwahindutse ubwumwana we yashoboye gushika ondesi kiliba gufotora akoresheje ikarumu abazungu bamuhaye. Ikaramu yafotoje mbonimpa arabonye ko abazungu bamubeshe kuko, afotoye yaciye imuha amafoto yo muri 1996 yubwicanyi bwa congo. hihihihihiiiii

  • BENEWACU NIMUSHIRE UBWOBA MUKORE KUMUGARAGARO NKABANYAPOLITIKE 2015, MUZE MWIPIME MUZE GUHINDURA IBINTU. ATARI UKO MUZOVUGA NIMIFUTU IBAFASHE HAHAHAHAHAAAAAA

  • Vital ariko namwe mwarigiriye nabi, guhenda mbonimpa ngo atange arya mafoto ngo niho mworonka infashanyo nyinshi. Ubu na bazungu bagiye kuzoza baritondera ama lisite yibiziga mubaha, kuko nabo bara guye mugahundwe babonye arya ma foto. Uraza uravuga wugaye umunwa ataruko imizimu yabarya bantu azohava akuja mukanwa yayayayayaaaa

  • None ko igihugu ca Congo cavuze ko ivyo atavyo kizi ntimwumva ko mushaka kudutakariza umwanya wacu gusa, mwabuze ibindi mukora muje kudusaba ibikumu n’ibindi!!!

  • Ivyo muvuga vyari vyiza,ariko mwe mushaka kutumarira mu mpimba.none ko akamo kanyu nakamakungu ko katumvikanye suko babonyeko ataho bifatiye kiretse ibihuha.aho hantu abanyagihugu turahagabira kuko ndabona ko harimwo inyungu za bamwe!!!!!

  • Iyo nimigumuko muyindi kuko abanyagihugu turafise abaduserukira ahubwo uwo mugabo nawe nyene nafatwe kuko ashaka gutera imigumuko abarundi twararushe nizo mburakimazi zama zishaka gusubiza uburundi mwihumbi mukurementanya ibinyoma bidafise ico bimariye uburundi nabarundi tunyotewe amahoro niterambere ntitunyotewe ntitunyotewe abagumutsi badutesha umutwe

  • Ivyo ni ibintu bidashoboka Vital guko namakungu yaramaze kubona birya binyoma vya Mbonimpa. Nibaza ko ata bindi vyemezo bakeneye guko Congo nayo nyene vyoba vyega irabihakana, hama na Leta yuburundi nayo nyene iravyiyamiriza none ayo matohoza nayo mushaka nayahe. Ikindi mwebwe muvuga ko mwahejeje kugira ayanyu guko Mbonimpa nawe nyene ari muri Societe civile, yarerekanye ivyo yabonye bitarivyo. RPA na Iwacu abo bose bavuga ko bagize iryo tohoza, none ibindi mushaka ni ibiki ? Erega Leta none ababivuze ko berekanye ivyo batohoje erega bafatiye kuri arya ma foto y’ibiziga nimba ari ya genocide yo murwanda mwerekanye. Mushaka mugire amatohoza agira kabiri ? Nibaza ko atawababujije guko nayandi mwayagize atawe mwagiye inama.

  • Ababantu kubona bifuriza ko igihugu cabo kibaruvumwa turarwajije kabisa!!!!!!???? Arikokuvakera umwana yashavuza abavyeyi akabifuriza kobogirirwanani vyase bikunze yabariko ikwegera imivumo, abarero nabobakomeje kurondera ibishobokavyose ngo igihugu kiberuvumwa kandigihugu arinkakurya kumuvyeyi ntakibuza ntibigiyeguteba ahobukera murahumirwa mbere ndabahaye igihe gitogishoboka, kandi umuntavyitondeye womengo nabantu bafashwe namadayimoni kandiyabarenze abasenga mukomeze kubasengera bitabayivyo baragiye guhura nibibazo kandintimugire ndababeshe kuko amazi asanayamaze kurenga inkombe. Nimwirebere ukuntu amadayimoni abatera gukazanya niminwa ntikigubwako nisazi!!!

  • Asha turabishigikiye ataruko nunva harimwo abiyotsa ngo nukwimaramaza abandi bavuga ibitandukanye mwareka se hakaba amatohoza biciye muriyo nzira nyene izo societe civile zahisemwo;nuko nanje ntari ngaho igikumu ciwanje cobayemwo pe ukuri kukaja ahabona ntabwo nobaye nkuwo yiyita Philbert;Ferdinand;Amerika;bavuga umengo barico bikekako

  • Rwose abangaba haruwabatumwe kuzavyura akavyuyo amatora yimirije imyiteguto niyingiyi kandi abazagira akokauyo barenda kwigaragaraza.

  • Nukuri ico mbonye co uburundi bugowe bukiriko!Mbegubwibone bwabantu bamwebamwe!Begakagaye!Mbegagasuzuguro!Arikiconobivugako,Mbonimpa we ni Umugabo kukoyubahutsakavugukuri nubwobimezuko.Ukurinakwo,ntikunyegezwa nahowokwigirumuhinga wahe!Kazozakazobitwereka.Arikiconogendampanuye,uko tutobabakoreshwa cankabavugishwa n’inzara.Kuko,Inzara irahera arikigihemukibintigihera.Isi yarabayekabateyubwobabantu,abatwajumukazo(hitler,pinoshe,idiamin dada,nabandi...)Arikamaherezoyabo harinabatabonwe imva zabo.Watwazigikenyewareka,watwazumukazo,wigiruwuvugukuri,nagombandakubwirekwiherezoryawatariryiza.Uzokorokakuryakuwutereyibuye mukirere rikorotserikorokaninguvuzisumbizoryatanguranye.Vyiza wogira iyo experience harigihe yokwigisha cankikagutumawiyumvira.

  • Vutar ,ivyo bintu vya societe civile bivemwo vyakurushijubwenge kukivyupanga numwana wo mumwaka wambere ntabitahura,mbe wewe wukwiyugaranira munzu ayo ma signatures nibikumu ntiwovyigirira,we ufisuburyo bunganiki bwo guhamagaza bantu ,we urumunyepolitique wishakira kuvuga nguronkicorirenza sha,sha courage ayo menyo wanika nkibigori vyabuzumvura

  • ewe societe civile! eka uri civile nyen.. mbega iyo mubuz ico mukora muca muhamagarira abene gihugu ngo baje gutera ibikumu? murareba mutange kuko mweho vyabananiy. mbega leta yacu mwebw ko muyirwanya burya muzoyishobora? vitari we! warukwiye kuja gisanga mbonimpa kuko ivyukora ntaciza kiremwo.mbega mwebw musumvya ubushobozi inzego z’umtekano zemew na leta hamw namakungu? reka kudutesha umwanya ivyanyu twarabihinyuye mwishakira ivyo mwuzuza inda zanyu.twebw abanyagihugu twarameny ukuri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.