IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bamaze iminsi ahakorera umuhuza basabwe kwitura (...)

Abanyagihugu bamaze iminsi ahakorera umuhuza basabwe kwitura ubutungane

jeudi 30 Nzero 2014

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba asaba abanyagihugu bamaze iminsi ine bagandagaje imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi ko bokwitura ubutungane, kuko ibibazo vy’amafaranga arenga imiyaridi zine bavuga ko bishuza Reta vyabonetsemwo ubusuma.

JPEG - 36.3 ko
Bamaze iminsi ine barara imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara

Kuva ku munsi wa mbere w’iyi ndwi turimwo, imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara harara abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza baje gusaba Mohamed Rukara ko yobishuriza amafaranga yabo arenga imiriyaridi zine, ayo nayo bakayishuza ku bikorwa bakoze vyo kurwiza imivyaro y’ivyamwa, aho bamenyesha ko hafi imivyaro yakoze mu gihugu cose yavuye aho mu Kayanza. Abo banyagihugu bo mu Kayanza, bakavuga ko imyaka itatu iheze bariko barishuza. Mu gihe bari bamenyesheje ko bafise icizere ko bazotunganirizwa bakaronswa utwo babiriye akuya, Reta y’Uburundi yabakuriye inkoni ku gishitsi. Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko nyabuna abo banyagihugu bokwitura inzego z’ubutungane zibijewe, kuko ivyo bishuza vyabonetsemwo ubusuma bwinshi budatahuritse.

JPEG - 17.4 ko
Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko n’umurwi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu wari wahawe gukurikirana ico kibazo vyawutaye kuw’amazi, kuko wamenyesheje ko harimwo urusobekerane rw’ibintu vyinshi mu bijanye n’ivyo abo banyagihugu bavuga ko batanze imivyaro y’ivyamwa yakwiragijwe mu gihugu cose. Igisigaye n’ukumenya aho ubwo busuma n’urusobekerane bivugwa vyoba vyarabereye, n’aho iyo mivyaro y’ivyamwa yoba yaratewe. Namba yoba yaratewe, abayikwiragije mu gihugu bayihawe na nde? Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntaco barashima kubivugako.

Ku ruhande rw’abo banyagihugu, bamenyesha ko baje baziyeko, ko badahawe inyishu y’ico kibazo bamaranye imwaka itatu batarota basubira mu mihana yabo. Aho bagandagaje imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, abo banyagihugu bamenyesha ko inzara n’indwara vyamaze kuza gusongera isibe, bagasaba ko Reta ariyo muvyeyi w’abarundi bose yobatunganiriza, kuko umukozi aberwa n’agahembo.

JPEG - 34.3 ko
Bararahira ko batazova ahakorera umuhuza w’abarundi ikibazo cabo kidatorewe inyishu

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.