Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bakwiye gukurikiranira hafi itegeko rigenga amafaranga Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abanyagihugu bakwiye gukurikiranira hafi itegeko rigenga amafaranga Reta (...)

Abanyagihugu bakwiye gukurikiranira hafi itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha

lundi 17 Ntwarante 2014

Harakwiye kuba amahimiriza adasanzwe, kuko abanyagihugu baracari inyuma cane ntibazi na gato uko amafaranga yabo akoreshwa. Ni nayo ntumbero amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yafashe intumbero yo kuza arakurikiranira hagufi itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha, kugira bikorwe mu muco n’umunyagihugu agire ico aterereye abicishije kuri ayo amshirahamwe.

Amafaranga Reta ikoresha yerekana neza na neza imigambi Reta izokora niyizoshirwa imbere. Inyuma rero yaho ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bweretse amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bikuru bikuru, biri mw’itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha mu mwaka wa 2014, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaciye yiha intumbero yo gukorera hamwe. Intumbero y’uko gukorera hamwe kukaba kwari gushirahamwe intererano n’ivyo basaba abasanzwe bafata ingingo, nk’uko bandikiye inama nshingamateka kugira ifatire kuvyo ayo mashirahamwe yari yasavye mu manama bagiye bagira.

Mu ruganda rwatunganijwe n’sihirahamwe PARCEM, uno munsi kakaba kari akaryo ko kurabira hamwe ingene bobandanya babikurikiranira hafi. Richard Ntawe asanzwe atunganya ibikorwa muri PARCEM, amenyesha ko abanyagihugu bakiri inyuma cane, ntibazi ingene amafaranga y’igihugu akoreshwa, kandi ari ingombwa ko abenegihugu baza baramenya ingene bigenda. Muri PARCEM basaba reta ko yoreka kuza iracerwa mu kwerekana integuro y’itegeko, rigenga amafranga reta izokoresha, kuko iyo baribonye kare bituma baterera nk’uko bibandanywa bivugwa na Richard Ntawe.

Abari aho muri urwo ruganda bakaba batashe bemeranije ko hobaho ihimiriza ku banyagihugu nk’uko ishirahamwe PARCEM rija ryaratanguye, muri wa mugambi amafaranga yacu uburenganzira bwacu kugira nabo baze barakurikiranira hafi.


Floxella Karire

Messages

  • Ivyo sinzi kobizoshoboka hakiri intwaro ya CNDD

  • BIRASHOBOKA MU GIHE TWOBA TUZI GUSOMA NO KWANDIKA KUKO SI DD YONYENE YIVYE ..IGIKWIYE NUKO TWARI KURONKA PARLEMENT VYUKURI IRI INDEPENDANT ..MUGIHE COSE PARLEMENT IZOBA IKORERA IMIGAMBWE NKUKO TUBIBONA ,,NTAKIZOHINDUKA ..KUKO NICO PARLEMENT YAGOMBA GUKORA....RABA NABO BATOZA ICO BASHOBOYE ,,,GIHAHE N ABANDI BA ANALPHABETES ..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.