IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu basabwa kwama badoma urutoke ku nkozi z’ikibi

Abanyagihugu basabwa kwama badoma urutoke ku nkozi z’ikibi

vendredi 31 Rusama 2013

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gasupari Baratuzi, yaraye abeshuje inkuru zivuga ko hari umurwi w’abarwanyi woba uriho, kandi ariwo woba waragize igitero ku modoka yahuye n’abagizi ba nabi i Buringa muri komine Gihanga.

Colonel Baratuza amenyesha ko iyo modoka yaguye mu minwe y’abagizi ba nabi, atakindi bakora atari ukubuza umutekano abanyagihugu. Umuvugizi w’igisirikare avuga ko atamurwi w’abarwanyi woba uriho mu gihe ugira igitero k’umuduga uriko urarengana, bagasahura ivy’abanyagihugu bavuye gusuma, ati ako ni akarwi k’abasuma.

Ku bivurwa ko iryo bara ryakozwe na FNL ishami rya Nzabampema, avuga ko kuba baravyemanze ko aribo babikoze, bitebe bitebuke bazobibazwa imbere y’ubutungane.
Twobibutsa ko imodoka yo mu bwoko bwa dyna yaguye mu minwe y’inkozi zikibi maze abantu babiri baca baraitaba Imana, nayo ica iraturirwa. Abakoze ivyo bakaba baciye bazimanganira mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.