IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu batari bake bitavye akamo batewe n’amashirahamwe (...)

Abanyagihugu batari bake bitavye akamo batewe n’amashirahamwe n’amasendika

jeudi 5 Ntwarante 2015, par IGIHE

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura cane cane abadadandaza, bashoboye kwitaba akamo katewe n’amashirahamwe hamwe n’amasendika ahurikiye mu runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye, biyamiriza itagisi ry’amafaranga 42 ku munota mu bijanye no gutumatumanako amakuru hamwe n’igabanywa ry’igiciro c’igitoro.

Aho ikinyamakuru IGIHE cashoboye gushika, guhera kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, haraboneka imodoka zike zike zirengana bidasa nk’uko vyahora. Hagati mu gisagara ca Bujumbura akamo katewe n’amashirahamwe hamwe n’amasendika gasa nakitabwe, kuko aho twaciye amaduka hafi yose yugaye. Uhereye kuri Cathedrale kubandanya gushika hepfo y’ahakorera iradiyo Bonesha FM, hose amaduka arugaye, kiretse nka Pharmacie imwe gusa yari yuguruye. N’abasanzwe bunguruza abantu bakaba bitavye ako kamo, ku rugero runini.

Ku mashure amwe amwe twaciyeko naho nyene ni uko. Muri komine Rohero na Musaga abanyeshure ntibatonze n’abatonze baca bataha, kuko ata barezi bari bahari. Muri komine Musaga hamwe na Kanyosha, ibituro vy’amabisi vyagaragara, abantu nabo, bakaba bari bake cane, haboneka bus imwe imwe, abatwara amakinga akaba aribo bariko barakora cane akazi ko kwunguruza abantu nabo nyene bakaba bavuze ko babikoze kuko ku munsi w’ejo imvura yari yaguye bakaba bari baraye ataco baronse.

Ariko rero hariho amakaritiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura abitavye ako kamo bariko baraterwa ubwoba. Aha tukavuga nko muri komine Cibitoke, aho hari umukuru w’igiporisi yagenda arandika amaparati y’imiduga yari itonze itakoze, abo batakoze akabagiriza ko, ari abadakunda igihugu, nk’uko amakuru ava aho mu Cibitoke abitumenyesha.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega ibintu biryoshe komera barandi gwaniriza umwasi hamwe ,izonyaga zabo tuzikureko @igihe iciyumviro ncanje nataze kuri nyagoma kubera iki mwagikasemwo kubiri

  • @ Nwari, biryababukuyeko kubera wariwarengereye mazebahitamwo kurekura ibi ubona kurukuta ubonako ivyanditsemwo vyumvikana kuko nikovyagendeye Nyangoma, ndashimiye ababanditsi bakomeze kuzabaradukosora nkukonatwe tudahengeshanya kubakozora. Nwari nagombakukubwirako ababenikinyamakuru kuvabatanguye kuzabaragukosora waragabanije gutanga ivyiyumviro vyogutukana ndibagiwe nuyundimwanditsi nawenyene yariuagerageje kukwitaho akubwirako wogerageza ukagabanya ibitutsi nabandi, abobose barakwiye gushimirwa.

  • ntibitangaje nizamburakimazi zibujumbura batagiricobakora baradige mimisozi bababuzegukora kurwanyubuzimabuzimvye suguhagarikakazi uberekicobakora ahubwo mwabishe mwebwe mwarabiteguye mifisivyomufingura nabo batekubureta abanyagihugu muhaberermagabo kuko kugumuka ntawevyereye nukoharobeshi babonerwaho kiburivobakora akaroreto nimuri libiya nubu intambara ntawizogihe izoherera bazingobishe kadafi biraheze

  • UKO KUGUMUKA KWANYU?MBEGA MUSHAKA TUGIRE GREVE KUBITATURABA?NIMWE DUKORERA CANKE NIMWE MUDUHEMBA?BIGIYE KUBAGORA MUDAHINDUYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.