IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bavuye mu mihingo itandukanye bitavye urugendo rw’amahoro

Abanyagihugu bavuye mu mihingo itandukanye bitavye urugendo rw’amahoro

samedi 28 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Abanyagihugu isinzi bari bitavye akamo bari batewe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi, yabahamagarira mu rugendo rw’amahoro kuri uwu wa gatandatu. Mubari bitavye urwo rugendo, harimwo abana b’abanyeshure bavuga ko bakuwe ku mashure kw’itegeko.

Isaha zine z’agatondo, kuri "Rond point des Nations Unies", haruguru y’isoko mfatakibanza ya COTEBU, nk’uko umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yabishikirije, abari bitavye urwo rugendo niho batangura kwegerana, bamwe bazanwe n’imiduga yo mu bwoko bwa "Coaster" yanditseko ikomine ije ivamwo imwe yose, abandi bari mu miduga yo mu bwoko bwa "Double Cabine" yarimwo n’ivyuma bishikana amajwi kure. Urugendo rumaze gutangura, abari murirwo bagenda bararirimba, mu nyuma ariko bakaba batanguye kuririmba ibimeze nk’ivy’umugambwe, aho hari abavuga bati : Ni nde afise nk’aba tugahaya, ahandi bakaririmba bati : "Yaratabaye.", ahandi bati : "Uwufise amakenga nahere."
Naho Juma Saidi yari yamenyesheje ko urwo rugendo atari urwa poritike, hari abari bitwaje isanamu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanditseko iti : "Dusenga dukora, dukora dusenga."

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko urwo rugendo ruva kuri "Rond point des Nations Unies", haruguru y’isoko mfatakibanza ya COTEBU, gushika ahitiriwe ikibanza c’ukwikukira, vyahavuye bihinduka kuko bazungurutse igisagara ca Bujumbura, mu nyuma bamanukana ku ntatemwa y’incungu ya demokarasi, barabandanya baja kurusozerera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, hafi y’ikivuko ca Bujumbura, ari naho Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavugiye ijambo rw’uwo munsi.

Muri iryo jambo rya Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yaneguye amaradiyo yagiriza ko yihaye intumbero yo guhamagarira abanyagihugu mu migumuko, asaba abanyagihugu kudasamazwa n’abanyeporitike bamwe bamwe, hamwe n’amashirahamwe amwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike ata kindi bashaka, kubwa Juma Saidi, atari ugushikira ubutegetsi ku nguvu. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura ati : "Nibateshwe bate kubera amase ya kera ntagihoma urutaro."

JPEG - 2.2 Mo
Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Juma Saidi yibukije ko imyiyerekano itarekuwe n’amategeko ihanwa n’itegeko rigenga amanana, araheza agira ati : "Guhera ubu, dusavye abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro, ko bokwubahiriza iryo tegeko mu gutesha uwo wese yihaye kuja mu migumuko." Aragabisha uwo wese yipfuza intambara ko ata ntambwe azoterana abarundi, amenyesha ko abarundi biteguriye kumurwaniriza hamwe.

Abanyagihugu bari benshi bitavye urwo rugendo, bakaba bari bagizwe ahanini n’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye, abo twashoboye kuganira bakaba batumenyesheje ko bahawe itegeko n’ubuyobozi bw’amashure yabo, ryo kwitaba urwo rugendo. N’abagendesha amakinga n’amapikipiki bari benshi, bikavugwa, mbere na bamwe muribo bakaba bavyiyemereye ko bahava bahabwa inyuma y’urwo rugendo, amafaranga y’akavunamusase.
Imiduga (bus) yunguruza abantu mu kuza mu rugendo hamwe n’ugusubira inyuma, ikaba yari yategekanijwe, bose bakaba bakurwa muma komine babamwo, bakongera bagasubizwayo.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi akaba yamenyesheje ko urugendo nk’urwo rw’amahoro ruzokwama rukorwa ku musi yose ya gatandatu ya nyuma y’ukwezi.


Egide Nduwimana

Messages

  • jewe ndashaka kwibariza uyumwanditsi utubazo dukurikira: Mbegaga uruvyino rurimwo amajambo avugango’ NINDAFISE NKABATUGAHAYA rukoreshwa muvyimigambwe? ikindikibazo kohariho abantu babarinkozizibibi baririmba indirimbo zisanzwe zikoreshwa mumasengero mugihe uzokwumva urusendero runaka ririko ruraruririmba uzocurugereranya nazankozizikibi? Ikindi kibazo mbega murugendonkuru rwokwishimira kwigihugu kirimumahoro atamasasu arikwarakivugiramwo wewe rurakubabaza kubera ruvugako arukuguma tubumbatira amahoro? niyaba utanezerezwa nabavugako arukubumbatira amahoro vyasebikunze urimuwundimurwi umezegute?
    JEWE UKONAGUKURIKIRANYE MENGO WASANUWASHAKA GUTESHA AGACIRO URURUGENDO? UTUMENYETSO DUTATU TWEREKANAKO WASHAKA GUTESHA AGACIRO URURUGENDO NUTUDUKURIKIRA: 1 NGOBAZANYE AMANYESHURE, 2 NGOHAJE AMANYONZI BAMABASKERI, 3 MBEGANONE HARABOWOBUZI BATAJE MWURURUGENDO? KUKOJEWE MBONABANTUBOSE BARUJEMWO KANDINAWE NTIWAHEJEJE NGUTUBWIRE ABOWOBAWABONYE BATARUJEMWO.
    NDARANGIJE MVUGANGO NUNE BABAHAYE AKAVUNAMUSASE NYUMAYOKWISHIMIRA AMAHORO ARIMUGIHUGU BICABIGUSHAVUZA?

  • Lorsqu’un pouvoir recours aux moyens si extraordinaires - bus gratuits envoyés dans les communes, paiement des cyclistes/motocyclistes - pour déplacer les gens, il est clair que ce pouvoir est usé jusqu’àla corde. Quand les gens sont convaincus de la chose, ils sortent spontanément. Comme ils l’ont fait lors de la libération de Rugurika.

    Gukwirikira ce pouvoir ninko "kwina akaheze". Au lieu de perdre leur temps, au lieu de chercher àreplonger le pays dans l’abîme, les DDs intelligents pourraient présenter une autre personnalité qui, si élue, amènerait une équipe moins pourrie.

  • Burya Turavye Neza Niyomyiyerekano Muvuga Ngo Nurugendo Gwamahoro Twosanga Atarivyo Ntitwocatwemeza Ngo Nivyo Ngo Nuko Bigizwe Nubutegetsi Bwibujumbura Wosanga Harimwo Nokwiyamamaza Biteye Amakenga Inka Ihumana Ica Ishaka Kurisha Yonyene Burya Biragoye.

  • Biraboneka ko urugendo rw’amahoro rwabaye urugendo rw’amahera,kuko iyo hataba amahera,abo ba taxi velo na moto,ntibari gutonda kubushake bwabo,ayo ma bus ,ama micros n’ibindi bisaba uburyo bw’amahera,nta bantu bangana uko barigutonda.Hama ngo "ninde afise nkaba tugahaya?"Inguvu zitangwa n’UWUHORAHO,suguhayana na gato,na bakeyi bararonka inguvu zidasanzwe,uturorero ni twinshi kw’isi.

  • YaaaaaDD ntababanywanyi ufise ubaza kuja kumanukana//////!!!yaaaaa urushwe na bobo atawe yatumyeko??atawe yarihiye??????bayiiiiiiiiiidddddddbayiiiiiiiii

  • We Juma saidi tahura ibi bikurikira: igifise intango kigira n’iherezo! Ntiwavutse witwa umukuru w’igisagara ca Bujumbura kandi ntuzopfa witwa umukurukuru w’ico Gisagara!

  • Burya nahora soma iki kinyamakuru sinaribwatahureko harahantu cegamiye,urumva ukuntu casuzuguye urugendo rw’amahoro ukamengo ntagaciro rwari rufise,nciye nsanga atari IGIHE.BI ahubwo ni INYANKABURUNDI.BI

  • wamwanditsi ukaba wipfuza ko ikinyamakuru kigira abasomyi reke kwerekana kuri mubarwanya leta andika amakuru nkumunyamakuru yigenga nkubaze iyo abantu bafise ifoto yumukuru wigihugu UCA uvuga NGO bitwje ibimenyetso vyumugambwe ikindi abanyeshure bariga samedi mumaze igihe muvyo mwandika mwerekana komwahinduye intumbero yikinyamakuru

  • wamwanditsi ukaba wipfuza ko ikinyamakuru kigira abasomyi reke kwerekana kuri mubarwanya leta andika amakuru nkumunyamakuru yigenga nkubaze iyo abantu bafise ifoto yumukuru wigihugu UCA uvuga NGO bitwje ibimenyetso vyumugambwe ikindi abanyeshure bariga samedi mumaze igihe muvyo mwandika mwerekana komwahinduye intumbero yikinyamakuru

  • Uyumwanditsi wacu sinz’’icoyashatse kugerako kuvugango harabanyeshure nabanyonzi bamakinga!. None uciye muri youtube ukandikamwongo: MARCHE DE PAIX BUJA MAIRIE 28/02/2015 kobidahura nivyo wavuze1?. urabona ukuntu wahenze abobantu bitwa Nwari!?.

  • INYANKABURUNDI.BI Murakoze kunduca ivutu

  • humbira hiyo basha ntawutekera amazi mu rukangaga, nta mahoro agugwa amafranga, nta kurorera imiduga iza kugutora ikagusubiziwawe umenga nukwinginga ayo mahoro yamingingano rero hariho abatayakeneye; mbega kwa nyakwubahwa BOBO uwavuye mu cibitoke yikoreye igitoke hari umuduga wagiye ku mutora? umutima nu kubona kure mwa bipfu mwe!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.