IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura babandanya (...)

Abanyagihugu bo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura babandanya kugabishwa

vendredi 30 Gitugutu 2015, par egide

Abanyagihugu bo mu makaritiye y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura batunze batabifitiye uruhusha babandanya kugabishwa. Reveriyano NDIKUMANA umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi asaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hafi bo boza baradoma urutoke ku batunze ibirwanisho.

Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi mu gisagara ca Bujumbura, Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka yamenyesheje ko Reta y’Uburundi idashobora kwemera ko hari ibice bimwe vy’igihugu c’Uburundi vyigenza nk’igihugu kiri mu kindi. Reveriyano NDIKURIYO yibukije abo bajejwe intwaro ko uruhara rwabo ari nkenerwa mu kwerekana abanyagihugu batunze ibirwanisho.

Abanyagihugu bo mu makaritiye y’igisagara ca Bujumbura babandanya kugabishwa mu gihe amezi abiri yari yatanzwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira babe babisubije yaheze kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2015. Mu bushikiranganji bw’umutekano bakaba bamenyesheje ko hagiye gukoreshwa ubundi buhinga.

Naho biri uko, Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi ku bice 98 kw’ijana mu gihugu cose, kiretse mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura.

Mu gihe ikiringo c’ugusubiza ku bushake ibirwanisho biri mu banyagihugu batabifitiye uburenganzira caheze kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2014, Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ko hagiye gukoreshwa ibikoresho vy’ubuhinga bwa none igiporisi c’Uburundi caronse, akemeza ko ibirwanisho aho vyanyegejwe hose hagiye kumenyekana.


IGIHE

Messages

  • Reveriano aratanguye kugira ubwoba. Murawunywa tu, nimurindire gato

  • Ivyo Bunyoni yavuze nivyo, kuko nabakuru bivuriro canke abajejwe gukurikirana ivyubutunzi ukwo batanga ama raporo yukuntu ibintu vyifashe bigenda birahindagurika arinacogituma abakomeje kwihatira kwica abarundi ngobakunde bamaramaze Bunyoni muracumurira ubusa kubarundibenewanyu noku Mana. Rekangaruke kukigo caricocose cubuvuzi habangaha Burundi canke mubindibihugu bikenye canke ibikize, mugicecamberucumwaka bashobora gutangazako abarwayi bahapfiriye bangana 2 mugicecakabiri cumwaka hagapfira abarwayi 4 total yabarwayi bahapfiriye umwakawose bakaba ari 6 Ariko basubirinyuma bagasanga mumezi 12 agize umwaka ukwezikwa 1-2-3-4-5 ntamuntu yigeze apfa iyo report baraheza bagatangazako ibintu vyifashe neza ariko report yukwezi 6 hakaca hapfababarwayi 2 iyo raporo iraberekako ibintu bitamezeneza nukwonyene bigendabirahindagurika ntivyigera bihagarara ahantuhamwe. Nukubakurikirana ivyubutunzi ninkukwonyene biradugamwukukwezi mukundi bikamanuka gurtyogurtyo. Nokumutekano wigihugu caba icuburundi cankibindibihugu mumeziyose agize umwaka 12 hapfuye abantu 12 bishwe ntibaba ugupfa bagiyebaricwa uwumwe burikwe, harigiye batangazako kuvamukwezi kwambere gushika mukwa 11 hishwe abantu 3 atariko mukwezi kwa 12 hishwe 9 ivyorero usubiye ugukurikirana ukwovyagenze murikwezi ushobora usanga report ivugako abantu babiribishwe mukwezikwa 1 umwe yicwaukwezikwa 6 icenda bicwamukwa 12 uwuriko arabazwa ivyuutekano mukwezikwambere araheza akavugako bitamezeneza kuko ukwezikwa 1 hishwe abantu 2 uwumukuriye akamubwirati mumezi abiri ibintu bizobebimezeneza nyumayamezi 6 bakamubaza ukovyishashe agatagazako irigurugero 98% ngokuko kuvamukwekwakabiri kugeramu 9 hishwe umuntumwe, ariko raporo ikurikira ugasanga hapfuye abashika 9 Benewacu mwicabenewanyu ngomukunde mweneke abomwita amakungu kwibintu vyifashenabi mugihugu mwitakwaricanyu gezaho gezaho kora polike ariko mwirinde gukorera piblisiti kukwica masokuru nabanyokuru banyu, bask nabanyoko, benewanyu nabashikibanyu, abahundu nabakobwabayu nimwirinda gukora ivyo nihotuzokwemerako mwifuriza abarundi koko iterambere, noyowoburiko urampekura ukongera ukambeshako unyifuriza kazozanziza!?.

  • Akokagabo kits muvyo katajejwe kigiyehera

  • UBU NTIMWOSOHORITEGEKO ABASODA TUGAKORA NUMUSUMWE IZOMBWATWOBA TWAZEGERANIJE VUGA?

  • Naho nagendeye sinaribwabone Reta yibijuju nkiya nkurumbi erga bose wamenga bavuka kumuvyeyumwe rindira gato mwa mbwamwe kazima inkwavu zatanguye kwiruka kumbwa mugiye kurubona

  • Wifyuzamaso wewe utangitegeko nkande mwavyadukamwe imisi yigisuma iraharuye ubutegetsi mwihaye mugiye kubusubiza benebwo mwabicanyi mwe

  • Uwo manzi we nuwahe atukana nkuko ? basi tinya imana . we ntiwarezwe nabavyeyi umengo uruwo mwibarabara

  • Muragaba muragaba, inkoho zigiye kuza zozo muzozimenya gute? izo mwatanze muaha aba cndd mwarazibatse zozo? Mbe umunyakauru wa RTNB yishwe basanze afise zingahe? abarenga amajana bagandagugwa buri munsi basanze bafise zingahe? kenyera ahubwo mugarure amahoro muganire n’amakungu, muganire nabo, abasoda bokorera muri somalia bamaze amezi 8 badahembwa izo bazozana zo muzozifata gute? Ko buca tudahembwa kubera nta mafaranga yinjira bo murabagabisha gute? Bunyoni oyeeeeeeeeeeeeeee hahaha

  • Erega iyo leta tizwi na makungu na kagwi kabicanyi na babandi mugabo kitegure kuja mukinko mpuzamahanga ikibabaje nuko Nkurunnziza abesha abandi kuko akeneye imfugwa bazabana

  • Uwo.Mukenguzamateka.Naturure.Ahubwo.We Igihe.Bamutora.Nukwoyagamburukira.C.Nd.d.Mwenumuruwigihugu Mucamwishiriraho Imirw Yabasirikar Harigisod.Igiporis Nimbonerakure.Zikorankimend Bose Mwarabahaye.Ibirwanisho Ubuhengerey Bitumaze.Murabonye.Kobikwiye.Kubibaka Nkawewe.Revelien Ndinkajewe.Nocandagukura Uhinduye.Ivyomwishiniye.Ubu Imbonerakure.Igiporisi .Ntikikivuga..Izonkoho.Nimuzireke.Kuomwaremeye.Ko Umunyagihugu Afa Ntakund

  • Mbe Reveriyano ko aho kurondera amahoro mukayaga nabo mutavugarumwe mwishinga gushuhurira abaporisi kubanyagihugu babica mwibaza ko IMANA izobasiga amarembe muriko mukora ivyabasazi kandi mwitwa indongozi .Rindira IMANA Ibakubite kumitwe mwa bahimbirimwe.

  • uwomugambi niwo uzofasha igihugu

  • Attantion!!! Abicanyi ubu bari mu moko yose bava mu migambwe yose ntakindi kiriko kirakora ataramahera kuko hari bampemuke ndamuke bashaka kuguma bica abantu ngo leta vyayinaniye. Mugabe hariho ninteguro kobazokwiyambika impuzu zigipolice canke zigisoda barase abantu bace bavyagiriza igipolice canke igisoda bigwe kuri leta. Vyoba vyiza bahinduye izindi Tennu. Kugira ngo hoho turabe. Ibisigaye ivyo bagira nta murundi numwe akeneye ingwano yaba umututsi canke umuhutu kira noneho twarahanye abageni.

  • oya nibabitange bashaka uburundi bwame mwamaraso erega birababaje .

  • oya nibabitange bashaka uburundi bwame mwamaraso erega birababaje .

  • emwe ababifise nibunve unyegeze ikara mugashambara rikaguturira nowa yaraburira abantu ntibunve kugeza umwuzure urahonya bose nabo bazibonerako pe

  • None Komuvuga Bujumbura ngonihohari abatunze ibigwanisho batabifitiyurusha, none muri MAKAMBA ivyo rudorofe Yatanze Barabisubije???? 

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.