IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bo mu busoro baridogera REGIDESO ko itabaha amazi

Abanyagihugu bo mu busoro baridogera REGIDESO ko itabaha amazi

jeudi 27 Ruheshi 2013

Abanyagihugu bo muri karitiye busoro muri komine kanyosha, baridoga ko ata mazi ya Regideso bafise. Abo banyagihugu bo ngaho mu Busoro bavuga ko amabombo yumye haraheze umwaka urenga kandi hari amakaratiye yubatswe vuba afise amazi n’amatara.

Abanyagihugu bo ngaho mu busoro bakaba basaba abarongoye ishirahamwe REGIDESO ko ryoreka kubarenganya kuko n’abo bakeneye amazi nk’abandi banyagihugu bose bo mu Burundi. Bavuga ko bamaze gutera akamo ishirahamwe REGIDESO akatari gake bakavuga ko akamo bakumvise ariko bakarindira amaso agahera mu nzira.
Abo banyagihugu bo mu Busoro bavuga ko batunzwe n’Imana kuko baba barishwe n’indwara ziva kw’isuku rike baravye ighe bamaze batagira amazi. Bavuga ko amazi yo kunywa bayagura amafaranga menshi canke bakayabura.

Basaba abashingamateka n’abandi batowe mu gisagara ca Bujumbura ko bobashikira imbere ikibazo c’abo kikabona gutorerwa umuti. Twobibutsa ko mu Busoro ari i karatiye yo muri komine Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.