IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kumoso : Amakenga ni yose ku mirima yabo

Kumoso : Amakenga ni yose ku mirima yabo

dimanche 9 Munyonyo 2014

Abanyagihugu bo mu ntara z’Ukumoso bavuga ko imirima yabo isigaye itumukamwo umukungugu gusa, inyuma yaho ukwezi kwose kurangiriye ata n’ima ry’imvura rikorotse hasi.

Abatunzwe n’uburimyi eka mbere n’abakozi ba Reta bazi ko barinda gusuma, bose baratewe umutima uhagaze n’iyo ngorane y’ikena ry’imvura. Imirima yatanguye guhishira, ndetse abarimyi bakaba bemeza ko inzara igiye kwugariza imiryango yabo. Ariko rero iryo kena ry’imvura rikaba ryatanguye kwibonekeza kuva imbere y’igihe, abanyagihugu bo mu ntara z’Ukumoso na cane cane abo mu makomine ya Gisuru, Ruyigi, Kinyinya, Nyabitsinda bakaba basabwe ko botera imbuto mu mirima yabo zishobora kurinda uruzuba, mu ntumbero yo kwikingira inzara.

Mukamenya ko abo banyagihugu bavuga ko babaye bararima mu myonga, ariko ivyo batizeye ko bizobatunga gushika mu kindi gihe c’irima, mu gihe batogarukirwako canke ngo akavura gakorokere hasi, gashobore gukiza inkungugu ituma imirima.

.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.