IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu boba bananirwa kworora inka z’ikizungu

Abanyagihugu boba bananirwa kworora inka z’ikizungu

vendredi 2 Myandagaro 2013

Abagize umurwi ujejwe ivy’uburimyi n’ubworozi mu nama nshimgamateka y’Uburundi, baherutse kwemeza ko ubwoko bushasha bw’inka za kijambere ziriko ziratangwa mu gihugu hagati, zipfa cane nk’uko abo batowe n’abanyigihugu bavyiboneye mu ntara zine z’igihugu.

Mu cegeranyo abo bashingamateka bashikirije kuri uyu wa 31 Mukakaro uyu mwaka imbere y’abashingamateka, uyo murwi w’abashingamateka bagize ayo matohoza, bavuga ko izo nka zicwa n’ukwo abazoroye badafise uburyo buhagije bwo kuzitunga, uburyo bw’ukuzivuza zirwaye n’ibindi. Uwo murwi w’abashingamateka rero ukaba usaba ko hoba inyigisho ku baganga bibitungwa mu makomine yose y’igihugu, mu ntumbero yo kuzikingira indwara z’ivyaduka.

Twobibutsa ko abanyagihugu b’abarundi bariko barahamagarirwa kugabanya gutunga inka z’indundi mu gihe izo nka bivurwa ko ata kinini zinjiza mu miryango, atari ugutera ubukene mu miryango, mu kuzironderera aho ziba, kuzironderera ubwatsi, na cane cane ko amatongo yaze, kandi bikaba vyibonekeza ko abatari bake batagikunda inka za barundi ko zirisha mu matongo yabo.

Inka z’ikizungu rero ngo hamwe zokwijukirwa, zofasha ndetse no mu kugabanya ubukene burangwa mu gihugu hamwe abanyagihugu nka bose bokwitwararika umugambi wo kuzorora kandi bakazitwararika neza. Ibikorwa vyose vyo kuri zo, haba kuzivuza, kuzigaburira, kuzubakira aho ziba, zovyikorera mu gihe zifashwe neza, kuko amata zikamwa usanga ari menshi, ku buryo atamuryango woyanywa ngo uyaheze, udashoyeko amata amwe nk’uko bivugwa na bamwe mu borozi b’izo nka za kijambere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.