IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamahanga bafatiye ibihano Uburundi basabwe gutaha iwabo

Abanyamahanga bafatiye ibihano Uburundi basabwe gutaha iwabo

dimanche 17 Ndamukiza 2016, par egide

Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi basabwe gusubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).

Mu rugendo rw’amahoro yarimwo kuri uwu wa gatandatu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko naho abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bogenda, ataco igihugu kizoba kubera gifise isi imera kandi Abarundi barazi kurima, bakazobaho ata ngorane.

JPEG - 126.2 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Gaston SINDIWMO yagize ati : «Hari abamaze iminsi bafatira ibihano Uburundi, bakandika ko n’imigenderanire n’igihugu cacu bayihagaritse, abo kuva bayihagarika baracari mu Burundi kandi n’ibiro bakoreramwo baravyugaye, bakirirwa batembera mu gisagara ca Bujumbura. Ni ukuvuga rero, ntaco bagikora ngaha.. Bavuze ko bahagaritse imigenderanire n’igihugu cacu c’Uburundi, nta kazi bagifise ngaha, nibatahe. Bakaba bagumye ngaha, nibakore icabazanye, bace basaba visa ya Tourisme, hanyuma bagire tourisme tubizi.»

Léonce NGENDAKUMANA, arongoye urunani ADC IKIBIRI ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi amenyesha ko iyo mvugo ya Gaston SINDIMWO yerekana ingendo ubutegetsi y’ugushaka kwirukana abo bose bashobora kubona n’ugushira ahabona amabi ariko akorerwa Abarundi, akavuga ko bagomba kwirukana n’abo bandi kugira ivyo bariko barakora ntibimenyekane.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Léonce NGENDAKUMANA asanzwe ariwe arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU asaba ahubwo ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko bwofata inzira y’ibiganiro kugira hajeho ubutegetsi bushobora kubana hamwe n’ukuyaga neza n’amakungu.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo Bari Baratevye!None Kiretse Kubandanya Batanga Amavisa Kubo Bahenda Bakajana Iwabo Harikindi Nokubandanya Bafata Munda Ibihweba Vyabo Hari Ikindi?Nibemange Yuko Ari Ingenzi Maze Uburundi Bumenye Uko Bubafata." Il N’y A Pas De Relations Diplomatiques Sans Intérêts"

  • Umukunzi wigihugu Cacu n’ Imana Je mbona bogenda kwakazikabo kaheze bahakoriki Abo nibamaneko

  • Ntagitangaje kwumva sindimwo avugivyo izina nityomuntu ntiwokwubahuka kwambara ubusa ngureke kuvuga ayasunitswe nimpwemu aho nikimenyetso cuko ibihano bibarembeje nubwo mupfa kwihagararako mugabo ndaguye ndagaratse ngumwana arezwe neza asohora ukuboko iyo bataguma babisembereza Ngo babavugutire umuti nkuwo bavugutiye basadam nabakadafi akokanyaro ntako muba mufise ahubwo nibagire vuba bugare zirya abasade zose hama birukane nabiyita abambasaderi kuko ntareta ihari muburundi bahagarariye nikimenyamenya nizomvugo zikoreshwa nabantu biyita Ngo nabatware ntamutware wukuri yovuga ayamuhe nkayo izozose ninkurikizi mbi zigihugu kitagira abagitwara

  • Nibitahire Ntacabazanye Atarikuryanisha Abarundi

  • Ntatevye rekanshimire nyakwubahwa icegera cambere cumukuru wigihugu Gaston Sidimwo.

    Kandi ntatevye rekanegure uwiyise umukuru mumigambwe Frodebu Leonce Ngendakumana.
    Ndashaka kunegura noguswaza/kumaramaza Leonce Ngendakumana ndamubaza nti: mbegaga Leonce nkubu wewe warungitse umuntu aza guserukira uburundi mujindigihugu akagerayo burimusi yirirwa yitemberera mugisagara bureau akugaraburimusi wewe ubwawe ntiwomutumizako akavayo? Kabiri burya ukurikiranye ivyobihugu bifise ababiserukira mu Burundi ukwobakora birimuvyo bumvikanye konavyo bashobora kubikora?
    Jewe mugihe bavuze ko badashaka bafashanya nuburundi bokwisozaabashaka bakisabira impapuro zibaha uburenganzira bwokwibera muburundi nkingenzi atarukuvugako barimuburundi ngokubwo gufashanya nigihugu bacamwo, kandigituma twemera ko abantu bavamubihuguvyadufatiye ibihano bokomeza kwibera mugihugu cacu nuko tumaze kumenyako nabo ivyo ibihuguvyabo bikorera uburundi usanga bibatangaza!.

  • wagahunguwe"tari"sinakubwiye ko wanyoye vyabi kokayine mwanywa mumiguko ko wumva atareta ihari urazanana nizonkotanyi sha hama ushinge leta yawe ko wumva!akarimi nka kagome gusa!Ahubwo ukibivuga jewe Gaston numva umengo nomuterura nuko naba ndiko ngora protocole,usanga ubwo buzungu mwibarabara buyerera kumutaga ,mwijoro eka mumahoteri ubusangayo mububare,kandi atakazi bufise ngaha Non leta nihuruhusha nka kwakundi rwagasore yategeka ko atamurundi atosubira gusumira mumaduka yabwo nka za "GIFT LEND"ITALBU"nahandi canke muduhe uruhusha tubayobore nki ngurube gushika kukibuga cindege Imana ihezagire S.E Nkurunziza alias "l’homme fort"

  • Nagomba ngire icoshikirije kuriryo icegera cuwahoze arongoye uburundi Nkurunziza Peter. ukonugutumutwe kwa bobagutsi bahano muburundi,murazi iyumwana inzara imufashe usanga yarize numuseru wakereye agatagura gukwegera kagaseru mukanwa. Nkuko bishikirijwe nanyakubahwa umukuru wi Reoce, iyongingo yokwirukana amashiramwe akurikiranira hafi amabi ariko akorerwa abarundi, babonye yuko ihonyabo bariko barakorera mugihugu,ntibimenyekane cane mumakungu. igisigaye mbona, nuko amakungu, harihagezeko, bahaguruka bagafatingingo zaruhasha, atarizo kubembereza Nkurunziza kuko sumuntu yonanirana. na OSAMA yarahambaye kusumbuyo, amanyama yaraheze, Abobantu bakagenda, duce dutangura kugaba abantu arabahonya. kubesha ngo uburundi buracamera ukwo nukwiyemera kwumugabo iyo yafashwe, jewe Uburundi nirirwa ndabutembera. haraho usanga himerera imikere akimbati nako ukamengo nakarizo kimbeba ! uravye ubuzima abanyagihugu babayemwo ni nterakigogwe ! ngo dufise isi imera! ni mba imera harya munziwe.

  • nawe nasubire iwabo i congo kuko nta congo ntaco iriko iradufasa

  • Kuki Iyo Ngingo Ije Yaratevye? Ubwo Bugabo Nta Kuntu Bwoguma Bubesha Buri Mu Gihugu Cacu. Ahubwo Ni Mubuhe Amasaha Bube Bwakuye Meza.

  • Non sindano wewe ava mû yihe ntara y’Uburundi? Na we nyene natahe iwabo. Turamuzi.

  • Wewe ntabwenge ufite ryama hera gusa mugabo harumusi uzoyaruka

  • Nimba ibintu nkivyo vyovugirwa mwibarabara twatay akaranga ,iyo babandikira ariko imigenderanire ntihagaze ku mafranga gusa baha reta,none abagiye guserukir urundi nabo yabahamagaye?

  • Ni bagende kuko nta bucuti tugifitaniye. None ko batwiyambuye baracaduhiko iki? Uko ni kuneganega aho waneguwe!! Evacuez le Burundi!!!!

  • Nukuri Turasavye Dushimitse Abobamenja Batuvire Mugihugu Twebwe Tuzobaho Ntakuntu Botugumiramugihugu Imfashanyozabo Barazihagaritse Nibagende Ukobaje Imana Irikumwe Natwe

  • AHO GASTON,KOMEREZAHO MUBURUNDI UBU DUKENEYE ABAKOZI NAKARE UWUDAKORATNTAKARYE.UBUNDI ABO BANYAMAHANGA SIBO BADUCANISHAMWO BITWAZA NGO BASERUKIRA IBIHUGU NAHO NABAVYONZI

  • Mbega ivyo bijuju vyavuzeko SE Kurunziza bomuvugutira umuti nkuwa kadhafi na sadam babonye amahoro yaciye aza mwivyo bihugu? ubuho ntangwano zikiriyo? bibaye muburundi ntihobura aboca bamara imyaka ijana barahunze mugihe vyoba vyiza nabari hanze bahungutse. kuri ndadaye ko bamwishe vyatumye. Ngeze atwara igihugu? sotora abenegihugu muzobabona. muga mwibuke imiryango yanyu ntimurabe ngo muri hanze yaco. iciza nukubana mumahoro nimba mwibuka kahise kigihugu.

  • Arahimvye imbuzakwatsa basi. None mbega iyo niyo mvugo y’imigenderanire? Muri Relations Exterieures bahora batwigisha ingene dukoresha ururimi iyo turiko turayaga n’abanyamahanga. None aho bovuga ngo dufise "un vice-president que nous meritons?"

  • Non Aho Birirwa Barayerera Ata Co Bakora Nti Wumva Ko Bariko Bakora Mission Zitazwi

  • Nibazibir bitahir niho inzobwa nza nkurumbi zogondozw benewacu kobahez yamar bazovishur.

  • Abarundi naho twitwaza ngo turazi ubwenge ibijuju navyo bibaho.uwo muntu ariko arota kudusubiza muntambra izohere mu rugo rwiwe yashaka ihitane wenyene.uyo wese yipfuza intambara numwe afise uruhara mu bishe NDADAYE ubu rero ashaka SE NKURUNZIZA??ati cira birarura twarabahinyuye!!!!Gaston nakomere kwibanga twebwe nta binebwe bidakora dushaka mu Burundi abo bazungu turabiyamirirje kuko aho batugejeje twarahabonye kandi ico batumariye twarakibonye.ico bashoboye nukuryanisha abarundi mukutuzanamwo amoko.Nayo uwawucanye nawote twebwe ntiturikumweee!!

  • Baratimitwe Ubwobugabo bwankurunziza, hamwe nakakagirwa mana kabo. Ahubwo narikubemera kwarabagabo,bagatangaza ati guhera unomusi abotwarungitse kuduserukira mumakungu tubakeneye guherunomusi barare bashitse kukibuga cindege Bujumbura, niho nobemera kwarabagabo bubugabo. Murivyo reta ya bagumutsi iriko iratangaza, ngo ntibakeneye abaserukira ibihugu vyabo ngaha muburundi, ntaco bishobora guhindura kungingo zafashwe namakungu, ukwo ndavyita nkukurondeza rondeza, barabe kobobatenzurira babarungikire nutudorare na dukeya.Ariko siyo nzira ishobora ngukemura ibibazo barimwo vyo kwica abantu, ikibazo congaha muburundi numwana wi myaka 15 ukimushikirije rwagitorerinyishu corara kironse inyishi itomoye.harigitabo nasomye ngo ubwenge bwabanya bwenge, bwahindutsubupfu, none naciye nsanga ubwenge bwa Nkurunziza nakarwi kiwe bafatanije gufukama, igihugu munda ubwenge bwabo bwahindutsu bupfu.umwanya bataratwica muzofashe kuraba iherezo ryabooooooo.

  • Mana Sabira Igihugu Cacu Kironke Amahoro.

  • hahahahaaaaa, ntabwo nari numva fiasco diplomatique nkiyi! ni gute umutegetsi mukuru nkuyu ashobora kubahuka akavuga ibintu nkibi, ewe Burundi uragowe.

  • Sindimwo nawe turagusavye usubire iwanyu muri CONGO kuko nturi umurundi kandi CONGO ntaco itumariye.

  • Uwomugabo Gaston Yibagiye Ahoyavuye.Ntazikoyahora Arumuhimbiri Kwi Volant .Ahayobura Ayahembwa Yosubira Kuvugivyo.

  • urakoze nyakwubahwa imburakimazi zose nukuzifatiringingo, batahureko kirimwo abagabo bijunja nijambo....ndasubiye kumenyesha abakunzi yuko ahomuzosoma hose mugasangaho ivyiyumviro bivuganabi reta nabaigize uwavyanditse akiyita kamaro uyo ntazobarije!! ntimuzobifatenkama....murakoze

  • Ibi vyerekana ko atazi igihugu ayobora kandi birababaje. Uburundi ni igihugu gikenye kigikeneye gufashwa n’amahanga nkuko biri ku bindi bihugu vya Africa kandi bwo buri mu bikenye cane. Rero kwiha gukoresha imvugo nkiyo bigaragaza utazi ico gukora. Nyabuna shakisha ukuntu wogarura umubano, naho ubundi uzoba uriko urahenda abanyagihugu, nabonye hariho abashimye ivyo wavuze ariko inzara niyabarya ni wewe bazotangurirako batitaye kuvyo uriko uravua uno munsi! Reka dukorane ubwenge twirinde gusambura igihugu!

  • iyo nimvo yo gucanamwo ahubwo ivyoba vyiza n’uko boja hamwe bakumvikana kugira batorere hamwe ico kibazo.

  • burya tuze tugira comment twasomye inkuru neza je mbona uwo reonce ataco afise ashikiriza bo nyene ubwabo barikuye mu Burundi kuko si reta nibo bahagaritse ubucuti nubutegetsi koko iyo umwana arerwa n’ umuyaya agapha aca ataha ntakazi aba gifise murugo

  • YATANZE IMPANURO NZIZA CA IMANA IMUHEZAGIRE TURABAKUNDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.