Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamerika bariteguriye kwigarurira Mars - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Abanyamerika bariteguriye kwigarurira Mars

Abanyamerika bariteguriye kwigarurira Mars

jeudi 9 Rusama 2013

Buzz Aldrin umuntu wa kabiri yagiye ku kwezi muri Mukakaro 1969, yamenyesheje ko Leta zunze Ubumwe za Amerika zifadikanije n’amashirahamwe y’igenga ko boraba uburyo borungika abandi bantu baja ku kwezi mu kuraba ko isi yiswe Mars hogira abayibako.

Uwo mushakashatsi w’imyaka 83 y’amavuka, amenyesha ko Leta zunze ubumwe za Amerika zokora ku buryo zokwama arizo zifata iyambere m’ubushakashatsi muvy’ugutez’imbere ico gisata bafashijwe n’ubukerebutsi bw’amashirahamwe yigenga.

Buzz amenyesha ko mu myaka y’2030 n’2040, isi yitwa Mars yoba ifise abantu bayibako, ariko ivyo vyose vyova mu bukerebutsi bw’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 10.4 ko

Arongera akamenyesha ko ikirere gitandukanya isi ibayeko abantu muri iki gihe be n’isi Mars biri mu migambi yiwe ariko arashira ahabona kugira bize vyihwezwe imbere yuko Mars nayo igira abayibako.

Kubwa Buzz rero ngo ntabona ikindi intwaro ya Obama ikwiye kwereka abanyamerika atari nyabuna gufata ingingo y’ukuja kuba kuri Mars. Ku bwiwe avuga ko n’ubu bishoboka, ati kandi n’ubu bariteguriye kurungika abandi bantu ku kwezi kugira batangure kwitegurira kuja kuba kw’isi Mars.

JPEG - 12 ko

Ivyo rero Aldrin Buzz umuhinga muvyo kuja ku kwezi akaba yabimenyeshereje muri kaminuza yitwa Georges Washington mu kiganiro cari kijanye n’ivyirwa vy’isi abantu babayeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.