Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamigambwe barasabwa kuba bariyumvira ibimenyetso bizobaranga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abanyamigambwe barasabwa kuba bariyumvira ibimenyetso bizobaranga

Abanyamigambwe barasabwa kuba bariyumvira ibimenyetso bizobaranga

jeudi 19 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ikarata imwe yitora abarundi bazokoresha mu matora twimirije, yaba iyabajenama ba ma komine, abashingamateka ,ay’umukuru w’igihugu ,abakenguzamateka, abajenama b’imitumba n’amakaritiye irafise akarusho kanini nk’uko mu murwi CENI babivuga. Basaba abanyeporitike kuba bariyumvira ibimenyetso bizobaranga.

JPEG - 50.3 ko
Bamwe mu bagize umurwi CENI

Kuri iyo karata haba hariko amazina y’abitoza ,amafoto y’abitoza bose, ibimenyetso biranga imigambwe n’abitoza ku giti cabo hamwe n’ikibanza aho uwutora ashira igikumu ciwe. Iyo karata y’itora rero ituma hataba ubusuma, habonetse iyumwe, niza bose ziraboneka, kuko abitoza bose bari ku gipapuro kimwe. Ikarata imwe y’itora ituma bwa buryo bwo kwiba amajwi, canke naho ugasanga baterwa ubwoba bashitse mu mihana iwabo babazwa uwobatoye ntibisubira gukunda.

Kuri uno wa gatatu mu nama yateguwe n’umurwi CENI urikumwe nabo bose begwa n’ikibazo c’amatora hano mu Burundi, baragerageje gusigura ingene iyo karata ikora, mbere baraheza banabereka ,ibicapo vy’ikarata zimwe zimwe zagiye zikora nko mu bihugu nka Guinée, Madagascar n’ahandi. Umurwi CENI ukaba waciye ushikiriza abanyamigambwe baraho ko boba bariyumvira igicapo c’iyo karata ingene izoba imeze.

Mu murwi CENI bareretse kandi abanyamigambwe ryari uwutora ijwi ryiwe rishobora kuba impfagusa, aho ni nk’igihe uwutora atoye uwitoza arenga umwe, canke ikarata y’itora idasa n’iyatanzwe n’umurwi CENI, abatora baca bashirako inzandiko zabo, iyo iyo karata ipfunyiranye,canke ifutanganije. Kamwe mu karorero kerekanywe n’umurwi CENI, kakaba araho umwe umwe wese mu bitoza aba afise inimero bijanye, ariko bamwe mu baraho bakaba bavuga ko iyo karata iteye amakenga kuko vyohava bituma harabaterwa ubwoba babazwa inimero batoye.

Umukuru w’umurwi CENI Petero Karaveri Mbonimpa akaba yamenyesheje abaraho ko utwo twari uturorero gusa, nayo ikarata nyayo izokora mu matora twimirije ikaba izoja ahabona mu gihe umurwi CENI uzoba wamenye abitoza hamwe n’ibimenyetso bibaranga. Mu minsi ya vuba bakaba bazosubira guhurira hamwe kugira bahanahane ivyiyumviro kuri iyo karata.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.