Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamurenge basaba ko ubutungane bwokora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyamurenge basaba ko ubutungane bwokora

Abanyamurenge basaba ko ubutungane bwokora

lundi 2 Nyakanga 2013

Moise Nyarugabo umwe mu bagize inama nkenguzamateka y’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, asaba ko Rwasa Agathon na Pasteur Habimana boshirwa imbere y’ubutungane bakabazwa ku bijanye n’ubwicanyi bw’abanyamurenge mu mwaka w’2004.

Mu kiganiro Moise Nyarugabo asanzwe nawe nyene ava mu bwoko bw’abanyamurenge yahaye yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko ubwicanyi bw’abanyamurenge 166 mu mwaka w’2004, ari ubwicanyi bw’agahomerabunwa, ndetse akabona ko ari ihonyabwoko bakorewe. Ku kibazo c’ukwo Metussela Nikobamye ariwe Pasteur Habimana arahira akarengwako burya bwicanyi atariwe yobubazwa, kandi mu gihe mu gihe burya bwicanyi bwaba ariwe yavyiyemereye ku maradiyo atandukanye, ko aribo babagandaguye, Nyarugabo avuga ko ivyo ataco bitwaye, yobihakana canke yovyemera, ko gusa ubuhinga bwa none bwateye imbere, agasaba gusa ko ivyo yobivugira imbere y’ubutungane.

Umukenguzamateka Moise Nyarugabo rero asaba Leta y’Uburundi ko hamwe yoba idashoboye gushira abo bantu imbere y’ubutungane, ko yosaba amasentare mpuzamakungu agaheza akabakubita intahe mu gahanga. Amakuru dukesha radiyo Isanganiro avuga ko Rwasa Agathon yiyamiriza ivy’ubwicanyi bwo mu gatumba bwakorewe impunzi z’abanyamurenge, akavuga ko uwavyiyemereye ariwe yobibazwa ku gatwe kiwe, kandi atari ku gatwe ka FNL y’ico gihe.

Twobibutsa ko mu gihe c’ubwicanyi bw’abanyamurenge 166, Metussela Nikobamye (Pasteur Habimana) yari umuvugizi wa FNL.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.