Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamyuga bo mu muryango wa EAC baragaya ingene ihayanishwa ry’utugenegene (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abanyamyuga bo mu muryango wa EAC baragaya ingene ihayanishwa ry’utugenegene (...)

Abanyamyuga bo mu muryango wa EAC baragaya ingene ihayanishwa ry’utugenegene ryateguwe

mardi 11 Kigarama 2012

Abo ba nyamyuga bari bamaze indwi yose berekana bongera bagurisha ivyo bahingura. Abaje bava mu bindi bihugu bigize umuryango wa Afirika y’ubuseruko bavuga ko bababajwe n’ukubona u Barundi bwabiteguye butabimenyesheje abanyagihugu bihagije.

Kuva ku wa kabiri kigarama gushika ku wa cenda uko kwezi nyene, ikigo ndangakaranga Musée vivant c’i Bujumbura cari cakiriye abanyamyuga bagera ku majana indwi(700). Uhashitse warabona ko harivyahindutse kuko abantu baracanacanako baroye kuraba n’ugusuma ivyahinguwe n’abanyamyuga bo muri Afirika y’ubuseruko.

Naho umuntu arabishije amaso wamenga abantu ni benshi, abanyamyuga bo bemeza ko abajejwe gutegura n’ugutunganya iryo higanwa batavyifashemwo neza. Ahanini babagiriza ko batamenyekanishije bihagije iryo higanwa Abanyagihugu ico bita mu gifaransa" publicité". Ikindi naco nk’uko vyamenyeshejwe n’umwe mu bapfasoni b’abanyarwanda amenyereye bene ayo mahiganwa ngo n’integuro ubwayo yari imeze nabi. Ku bwiwe ngo ntibitahuritse ingene umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi boza kwugurura iryo hayanishwa rija ryaramze gutangura. Ahanura abarundi kuja mu gihugu c’u Rwanda gusuma urusaku n’ukwigira ku banyarwanda ibijanye n’itunganywa rya bene ayo mahiganwa.

Umukenyezi yaje ava mu gihugu ca Kenya nawe yatumenyesheje ko kuza i Burundi muriryo higanwa yobigeranya n’uguta umwanya kuko mu misi indwi yose bahamaze bagurishije neza imisi ibiri ya nyuma bitewe n’uko abatunganije ayo mahiganwa batabibwiye abanyagihugu babicishije ku mbonesha kure(télévision), mu vyandiko (affiches) hamwe no ku maradiyo bihagije.

Ivyo n’abaje bava mu gihugu c’u Buganda barabivuga n’abo nyene bakababazwa n’ukubona abaguzi baje ku musi wa nyuma. Ivyo bivugwa n’abo banyamyuga n’abadandaza bo mu bihugu bitandukanye vya Afirika y’ubuseruko biremezwa kandi n’abaguzi b’abarundi twahuriye aho ku kigo ndanagkaranga Musée vivant c’i Bujumbura. Umukenyezi umwe w’umurundikazi twahuye ari kumwe n’umugabo wiwe w’umuzungu yagize ati" Jewe ndafise imboneshakure i muhira i wanje ariko ntavyo nigeze menya. Aha ndahinjiye kuko nahabonye imiduga myinshi ndiko ndarengana nca mbaza icahabaye, niko kumbwira ko hari exposition". Yongeyeko ati: ‘‘Ndababaye kubona nje umusi wa nyuma kandi ntari nanavyiteguriye’’. Turetse uwo, hari n’abandi benshi batubwiye ko babimenyeshejwe n’abagenzi babo bariko batera inkuru.

Uko kutamenyekanisha iryo higanwa kwatumye abo banamyuga n’abadandaza batagurisha nk’uko bavyifuza, mbere bamwe muribo bavuga ko batayumwanya kandi bahomvye kuko iyo baguma i wabo bari kugurisha vyinshi. Mw’ishiramwe ry’abanyamyuga b’abarundi ari naryo ryafadikanije n’ubushikiranganji bw’ubudandaji gutunganya iryo higanwa ntibahakana ivyo bagirizwa. Jumapili RADJABU arongoye iryo shirahamwe avuga ko vyatumwe n’uburyo buke bari bafise. Asaba Reta y’u Burundi kwitaho igisata c’imyuga kurushiriza.

Ryari ribaye irya mbere u Burundi butunganya ihiganwa bene iryo ku rwego rwa Afirika y’Ubuseruko. Ariko rero abanyamyuga n’abadandaza b’ibihingurwa muri Afirika y’ubuseruko akenshi baraza i Bujumbura kugurisha ivyabo cane cane mu bihe vy’imisi mikuru nka Noheri, umwaka mushasha na Pasika.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.