IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyarwanda batanu bavuga ko bafitiye Abarundi ubutumwa bw’Imana (...)

Abanyarwanda batanu bavuga ko bafitiye Abarundi ubutumwa bw’Imana bafashwe

mardi 30 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyarwanda batanu bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, ku Kanyaru, bariko berekeza mu Burundi, aho bivugwa ko bari bagiye gutanga ubuhanuzi bari bahawe n’Imana.

Abakobwa batatu n’abahungu babiri bavuga ko bahawe ubutumwa n’Imana yabasavye kuja kwigisha mu Burundi abantu bakava mu vyaha bakagarukira Imana, kuko ibiriko biberayo muri iyi minsi bibabaza Imana.

JPEG - 103.9 ko
Abo banyarwanda batanu bavuga ko bahawe ubutumwa n’Imana yabasavye kuja kwigisha mu Burundi

Abo banyeshure baba mu Murenge wa Gataraga, mu Karere ka Musanze, bakaba basanzwe ari abo bita "Abakarisimatike" bo mw’idini rya Gatorika.
Bose bafashe urugendo mu gitondo co kuwa 18 Myandagaro 2016 berekeza mu Burundi, ariko bakaba bashaka kubanza guca i Kibeho bakahasengera, imbere yo kubandanya urugendo rwabo, aho bavuga ko bari batumwe n’Imana kuvuga ubutumwa bwiza mu masengero hamwe no mu makoraniro.

Bakoze urugendo rw’amaguru rw’iminsi itatu baciye mu turere umunani, aho bavuye i Musanze, baca i Nyabihu, Ngororero, Muhanga, Ruhango, Nyanza, Huye, baza gufatirwa ku mupaka w’Akanyaru, mu Karere ka Gisagara kuwa 21 Myandagaro 2016.

Muri urwo rugendo rw’amaguru bagize iminsi itatu, abo banyarwanda barara aho bageze, bagasaba indaro aho bwije bageze.
Umuhoza Oliva ni umwe muri abo bafashwe. Yagize ati : "Imana yatanze ubutumwa twese budutambukaho ko tugomba kwigisha mu nsengero no mu makoraniro, tukabigisha ko bagomba kugarukira Imana kuko ibihabera muri iyi minsi biri kuyibabaza."

Nyirazaninka Marie Louise ni umuvyeyi wa Munyemana Olivier, umwe muri abo banyarwanda bari bagiye guhanura mu Burundi. Avuga ko umwana wiwe asanzwe asenga kandi akaba yaranamusezeye agira afate urwo rugendo.

JPEG - 173.6 ko
Bamwe mu bavyeyi b’abo banyarwanda bagaruriwe ku mupaka

Yagize ati : "Ajya kugenda yarabimbwiye, mubaza niba afite itike, ambwira ko bindenze, musaba gusengera urugendo nk’uko byari bisanzwe aragenda. Twakomeje kujya tuvugana bari mu rugendo musaba ko nibagera ku mupaka bagomba kwitonda kuko ngo mu Burundi hari umutekano muke."

Umuyobozi w’Akarere ka Musanze, ajejwe imibereho myiza y’abanyagihugu, Uwamariya Marie Claire, yashikirije abo banyarwanda imiryango yabo kuri uwu wa 27 Myandagaro 2016. Yasavye abavyeyi kuba maso, bagakurikirana abana babo muri vyose.

JPEG - 141.4 ko
Umuyobozi w’Akarere ka Musanze, ajejwe imibereho myiza y’abanyagihugu, Uwamariya Marie Claire, yashikirije abo banyarwanda imiryango yabo

Umwe mu bapadiri bo muri Diyoseze imwe yo mu Rwanda, atipfuje ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko ivyo aba banyarwanda bakoze bitandukanye cane n’ukwemera Gatorika, kuko umuntu wese ubonekewe canke agahabwa ubutumwa, abikora yubahirije amategeko.

Yagize ati : "Duhura n’ibibazo nk’ibi aho usanga hari abiyitirira kubonekerwa n’ubundi butumwa bwa kiliziya gusa ntawe ukwiye kubikora binyuranye n’amategeko kuko natwe dukorera Imana kandi niyo yadutumye."

Abo banyarwanda bagaruriwe ku mupaka w"Akanyaru ni Umutoni Marie Claire, Mutuyimana Claudine, Munyemana Olivier, Umuhoza Olive biga kuri GS Gataraga, hamwe na Nibishaka Théophile atiga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.