Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyepolitike bahunze u Burundi ngo barashobora gutahuka vuba, ariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abanyepolitike bahunze u Burundi ngo barashobora gutahuka vuba, ariko (...)

Abanyepolitike bahunze u Burundi ngo barashobora gutahuka vuba, ariko hariho abanse

mardi 15 Nzero 2013

Umukuru w’umugambwe Sahwanya-FRODEBU ariwe anarongoye urunani ADC-Ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta yavuze ko abanyepolitike bahunze u Burundi bashobora gutahuka muri uyu mwaka w’2013. Leonce Ngendakumana amenyesha ko bazoba baje gutegura amatora yo mu mwaka w’2015. Ariko naho biri uko, Agathon Rwasa yaramaze gutangaza ko adashobora gutahuka.

‘’Umwaka w’2013 twawitiriye umwaka w’umwizero muri politique hamwe no gusubiza hamwe mu vyiyumviro vya politique. Nico gishobora gutuma abanyepolitique bahunze u Burundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 batahuka. Twizeye ko bashobora gutaha mu gice ca mbere c’uyu mwaka’’, ivyo ni ibishikirizwa na Leonce Ngendakumana.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza na Reta yiwe biyemeje gukora ibishoboka vyose kugira abo banyepolitique barenga batanu bahunze batahuke imbere y’uko amatora yo mu mwaka w’2015 atangura gutegurwa nyezina hamwe rero n’imbere y’uko hatangura umugambi wo kunywanisha abarundi n’inzego z’ubutungane bw’inyuma y’intambara.

Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC-Ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe amenyesha ko nabo banyepolitike bafise ivyiyumviro boterera kugira iyo migambi ikomeye y’igihugu iranguke neza.

Abenyepolitike batavuga rumwe na Reta bahunze u Burundi ni Agathon Rwasa arongoye umugambwe wahoze ari umuhari ugwana FNL, Leonadr Nyangoma arongoye umugambwe CNDD, Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, Pascaline Kampayano yari yatanzwe n’umugambwe UPD-Zigamibanga ngo awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu n’abandi batavuga rumwe na Reta ariko batarongoye imigambwe. Bahunze inyuma y’amatora yo mu maka w’2010.

Leonce Ngendakumana amenyesha ko abo banyepolitike batinya gutahuka kubera umutekano wabo kubera icuka kitameze neza muri politike. Basaba ko bosubizwa imigambwe yabo, bagacungererwa umutekano hanyuma hakaba ibiganiro vyobahuza na Reta.

Naho biri uko hariho abanyepolitike bamaze gutangaza ko badashobora gusubira guhonyoza ikirenge mu Burundi kubera hariho umugambi wo kubagandagura. Aho ni nka Agathon Rwasa yavuze ko hariho umugambi wo kumwica hakoreshajwe ishano.

Kw’ifoto : Leonce Ngendakumana arongoye ADC-Ikibiri


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.