IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyepolitike bahurije ku kugishwa inama imbere ya vyose

Abanyepolitike bahurije ku kugishwa inama imbere ya vyose

vendredi 1er Munyonyo 2013

Abanyepolitike bo mu Burundi barahuriza ku kwumvikana ko ibwirizwa shingiro ryohinyanyurwa, ariko ko imbere ya vyose hobanza umwumvikano w’ingingo zohinyanyurwa, bakazumvikanako kugira ntihagire umugambwe woharanira inyungu za bamwe mu kwikika inyuma y’ukwo guhindura ubwirizwa shingiro.

Abakuru b’imigambwe, waba uwuri ku butegetsi n’iyiri muri Leta, yaba iyitavuga rumwe na Reta, abadaharira ivyicaro vya Politike bari bahuriye ku muhingamo wo kuri uwu wa kane mu kuganiro cari categuwe n’ishirahamwe COSOME (Coalition de la Societé Civile pour le Monitoring des Elections). Muri ico kiyago, bariko bahanahana ivyiyumviro namba vy’ukuri hari hageze ko ibwirizwa shingiro rihindurwa n’inzira vyocamwo kugira umwumvikano abarundi baronse uvuye mu masezerano ya Arusha ntutosekare.

Manwangari Jean Baptiste, asanzwe ari muri bamwe biyemeza gusubiza umutamana umugambwe w’abasigana UPRONA abona ko uguhindura ibwirizwa shingiro ari ukurondera gusambura amasezerano y’i Arusha avuga ko ata ngingo n’imwe yofatwa hatashizwe imbere ubumwe n’umwumvikano w’abarundi. Ico ciyumviro yagisangiye n’umukenguzamateka Domosiyano Ndayizeye wo mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba yahoze arongoye Uburundi. Umukenguzamateka Ndayizeye, na Ferederiko Bamvuginyumvira nawe nyene wo muri FRODEBU baremera ko vyari bikwiye ko ingingo zimwe zimwe zitagihuye n’umwanya turimwo zohinyanyurwa, ariko ko vyaca aho vyaciye ubwa mbere, abo vyega bose bagaterera ivyiyumviro.

N’aho Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, aho yabisikanya na Terensiyo Sinunguruza yiyemeje gukurikirana ivyo bijanye n’ibwirizwa shingiro aho bigeze. Chauvineau Mugwengezo wo mu mugambwe UPD ZIGAMIBANGA, akaba ari n’umuvugizi w’urunani ADC IKIBIRI amenyesha ko integuro y’iryo bwirizwa niyamara gushika mu nama nshingamateka ata nkeka izocayo yiruka, kuko kubwiwe bimaze kugaragara ko abashingamateka n’abakenguzamateka batora ivyo baba bumvikanye mu migambwe iwabo, mukibuka ko mu nama nshingamateka na nkenguzamateka benshi muribo ari abo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Umuhinga muvya politike, Eliya Sentamba, nawe nyene yari yatumiwe muri ico kiganiro amenyesha ko n’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yashikirije ko bibaye nkenerwa integuro y’ibwirizwa shingiro ryohinduka rizobanza kwemezwa n’abanyagihugu, bizogorana ko abo banyagihugu bagira ico bahindura kuko imigambwe yose itazoshobora kuronka uburyo bwo gushikira abanywanyi bayo kugira ibasigurire. Patiri Désiré Yamuremye, umuhinga muvya politike yibukije ko amahoro igihugu gifise ubu yavuye mu masezerano imirwi yose yarwanye yemeje kugira ashike ku mwumvikano. Uguhindura ibwirizwa shingiro, abifata nk’ugusenyura atawugishijwe inama ivyo bumvikanye bose. "Umukuru w’igihugu namba yibuka uko intambara yaheze mu Burundi, ntahirahire ngo arungike iyo nteguro abo vyega bose batagishijwe inama".

Umushingamateka Festus Ntanyungu wo mu mugambwe CNDD FDD amenyesha ko inzego zifise uko zikora, ko iyo nteguro ifise uko izokwirwa. Justine Nkurunziza, arongoye ishirahamwe COSOME (Coalition de la Societé Civile pour le Monitoring des Elections) ntafata kumwe ico ciyumviro na Festus ntanyungu, kuko n’igihe baja i Arusha, izo nzego zari zihari, ko ahubwo bahisemwo kwicarana kugira bashike ku mwumvikano uhumuriza bose. Yunganiwe n’uwurongoye urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivycaro vya Politike. Vital Nshimirimana amenyesha ko abo banyepolitike batoshira imbere ivyicaro bazoronka muri iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, ahubwo ko bokwibuka ko impera n’imperuka ingaruka zija ku banyagihugu.

Impanuro z’umuhinga muvya politike, Patiri Desire Yamuremye zashimwe n’abari bitavye ico kiganiro catanguye isaha y’icenda gushika isaha cumi n’imwe muri Hotel Water Front. Patiri Yamuremye ati : "Hari abatabona ingorane zishobora guterwa n’uguhindura ibwirizwa shingiro abo vyega batagishijwe inama. Zirahari kandi ni nyinshi. Gutwara rero ni ugukinga ivyoshobora gutera ingorane.

Tubamenyeshe ko mu ngingo nkuru nkuru muvya politike n’imigambwe bitegekanijwe guhinduka mu bwirizwa shingiro ari uko ibibanza bibiri vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu bizovamwo kimwe, bongeremwo ikibanza c’umushikiranganji wa mbere, abahoze ari abakuru b’ibihugu bazoguma mu nama nkenguzamateka, ariko nk’abarorerezi badashobora gufata ingingo, umukuru w’igihugu azoba ashobora kugena abo akeneye abashingamateka n’abakenguzamateka batarinze kubemeza. Ingingo yo mu nama nshingamateka ntizoba icemejwe ku bice 2 kuri bitatu, ahubwo ku bice 50,1 kw’ijana. Umugambwe kugira uronke intebe mu nama nshingamateka, ntibazoba bagiharuye ibice bibiri kw’ijana, ahubwo ibice bitanu kw’ijana. Abatari bake rero babona ko ari imigambi yo gukumira iyindi migambwe, ivyo navyo bikaba bitandukanye n’intwaro rusangi y’umwumvikano.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndabona imitwe itanguye gushuha gose kuko biraboneka ko amagabura nyama agezweko nko mu bihe twahitiyemwo. Ariko ni abanya politique bacu nibashirewmo ubushingantahe bumvikane. Ariko nihaba réferendum najewe nzokwemeza ko notre Président abandanya kuturongora kuko yatubereye imboneza.

  • Nibisare hamwe batorere umuti ibibazo vyapolitike mugihugu cacu! vyotunezera bose bashize hamwe!

    Mugabo biraboneka ko imitwe yatanguye gushuha kabisa

  • Kuja inama n’ingingo, ni vyiza kandi nta n’umwe atobishima. Ariko, sinzi igituma mu gushikiriza iciyumviro ces politiciens baguma bitwaza Arusha?
    J’ai l’impression ko umenga tuguma hahandi. Nizere ko muri iyo nama COSOME yateguye, nos politiciens bashikirije ivyohinduka muri iyo Nouvelle Constitution. Mu gihe rero vyanse, birumvikana ko benegihugu tuzoheza tukaruca. Aha rero, la situation risque d’être beaucoup plus compréhensive et claire qu’après Mai 2010. Hasubiye kuba abakinjura, bica vyigaragaza, c-à-d VICTOIRE ECRASANTE PAR CNDD-FDD KO@Box
    Mugabo CNDD-FDD ikwiye kwikubit’agashi ihanuz’abandi

    Ivyiyumviro vyanje kuri iyo Constitution bikaba bikurikira:
    1. Gusubira gutorwa kwa Nkurunziza i 2015, simbona ingoran’aho iri. Usangwa
    ari ugutinya ko abatsinda, menye ko abarorerezi bakunda umukinyi mwiza
    2. Nta kamaro ko gusubiza ho ivyegera bibiri vy’Umukuru w’igihugu. Kimwe na
    1er ministre, birahagije. Igihaze, ni ukwiga ico ce vice-président azokora
    3. Kuvuga ko ababaye abakuru b’igihugu baba absoluement des Sénateurs àvie,
    ni ukubikura kuko:
    - batwar’amahera(économie)@kugabanya igitigiri c’abakenguzamateka
    - ntibatowe
    N.B. Ubwo buryo bwo kwikingira no kwama igihugu cariwe, ni ingendo ishaje.
    Umukenguzamateka abwirizwa gutorwa na benegihugu. Bagomba
    kubandanya politique kandi banamarir’akamaro kaboneka igihugu n’ababo,
    baraheza bagende umw’umwe wese iyo aturuka yitoze. Ivyo kuneka canke
    gusoroma aho batarimye, oui, ni ukwimaramazisha.
    Na kare, umushingamateka canke umukenguzamateka yabwirizwa kuba no
    kwama hafi y’abamutoye
    4. Nta kabi mbona ko ingingo mu nama nshingamateka yokwemezwa à50,1%
    Abayanka canke bayirwanya, nta banywanyi bafise
    5. Ni vyiza ko umugambwe ufise 5% uja mu nama nshingamateka. Iyizoja munsi
    y’ico giharuro, izopfume ihitamwo gusezera politique canke gucika imihari/
    amashirahamwe y’abikorera utwabo

  • @@Coldman’Zi watanze inama nziza , kabisa niko bikwiye kugenda.

  • Aho yabereye ubu nifuza ko Riberata Nicayenzi ariwe aba umukuru w’igihugu!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! c’est mon point de vue! kandi nashaka je serai son porte parole. Yampaye inka!!!!!!!!!!!!!!!

  • Hahahaaa. @kirinyota arantwengejeeee hemwe!!! Nanubu ndacatwenga

  • Aba dd batoye gukumira abandi erega constitution ihotora ifasha gusa ab dd ivyo birazwi none ivyo bashaka ni ukuganza bonyene na vya bijuju n ububegito bwinshiiii..OYA politike siyabo gusa ..Ntimukwege izindi ngirane kuko igihugu ni ica twese..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.