Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abanyepolitike bakwiye kuja hamwe bagategura amatora atagira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Abanyepolitike bakwiye kuja hamwe bagategura amatora atagira (...)

"Abanyepolitike bakwiye kuja hamwe bagategura amatora atagira utunenge"

mardi 5 Munyonyo 2013

Imigambwe yemewe n’amamategeko mu Burundi iri mu ruganda rw’iminsi ibiri, aho bariko baravugana ibijanye n’ugutegura amatora meza yo mu mwaka w’2015, mu gutanguza icuka ciza hagati y’imigambwe, co kimwe n’ukurandurana n’imizi ukutihanganiranira mu vya politike.

Muri urwo ruganda rwuguruwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Bernard Busokoza, yasavye ko hovamwo ikintu kizima, kizofasha abanyapolitike bo mu Burundi bumva kumwe urugendo rugana mu matora yo mu mwaka w’2015. Kuri ivyo nyene, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba asaba abakuru b’imigambwe ko bofasha urwaruka rukomoka mu migambwe yabo, ukutihanganiranira kuvurwa mu gihugu kukaba nk’umugani.

Urwo ruganda rwatunganijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bufashijwe n’ishirahamwe ry’Abanyamerika IFS mu ntumbero yo gutegura amatora meza yizewe na bose, kandi atagira utunenge. Abagiye barafata amajambo rero bose bakaba bagaruka ku gutegura amatora meza, yizewe na bose. Yaba uwuserukira Leta zunzubumwe z’Amerika canke uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, basaba Leta y’Uburundi n’abanyapolitike bose muri rusangi ko amatora yo mu mwka w’2015 yoba akarorero.

Twobamenyesha ko inyuma yaho, habaye akanama hagati y’abari mu runani ADC Ikibiri, aho bariko bararabira hamwe ibiri ku rutonde rw’ivyirwa. Bavuga ko uravye urutonde rw’ivyirwa ruhushanye nivyo bari bamaze kwumvikana n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ndetse bamwe mubo muri ADC ikibiri bakavuga ko ataco biteze kinini muri urwo ruganda, ko ahubwo ari ugushaka kubeza agatima, narirya hari aho bakigirirwa iterabwoba, eka kandi hakaba hari imigambwe imwe mu yihurikiye muri urwo runani ifise ingorane zuburongozi, izo nazo bakazagiriza ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Izo ngorane rero zibonekeje no mu nyubakwa yariko iberamwo urwo ruganda, aho imigambwe imwe imwe wasanga ifise abayiserukiye barenga babiri, mu gihe hatumiwe umuntu umwe umwe, ivyo bikagaruka kuri za ngorane zisanwzwe ziri muri politike y’Uburundi. Akarorero umugambwe FNL gushika ubu ufise abarongozi babiri, umwe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, mu gihe uwundi nawe avuga ko ashigikiye n’abanamarimwe. Iyo ngorane nyene igaruka no muri UPD Zigamibanga, iyo migambwe yose igice kimwe kimwe kiri muri ADC mu gihe ikindi gice usanga bivurwa ko gicuditse na Leta.

Urwo ruganda rwitabwe nabatari bake harimwo imigambwe yose iri mu runani ADC Ikibiri, abahoze barongoye igihugu, abarongoye imigambwe iri ku butegetsi, abari mu yindi migambwe yemewe n’amategeko, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira amashengero, abari mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, bamwe mu baburamatari, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, n’abandi atari bake.


Aristide Nizigire

Messages

  • Oyeeeeeee, abanyepolike bose b’igihugu cacu, bakoranye. Ndabona bitifashe nabi. Ese vyohora uko abantu bagahura. Agahengwe kagiye kuboneka mu Burundi. Etape BNUB n’ayo mashirahamwe y’abagiraneza dont IFS basigaje gukora, ni ugutumira urwaruka rwose ruhurikiye mu Migambwe ces differents politiciens biyitirira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.