Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyepolitike bumvikanye gutegura amatora atekanye mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abanyepolitike bumvikanye gutegura amatora atekanye mu mwaka (...)

Abanyepolitike bumvikanye gutegura amatora atekanye mu mwaka w’2015

jeudi 14 Ntwarante 2013

Inama yari imaze iminsi itatu ihuza abanyepolitike bose bo mu Burundi mu ntumbero yo gutegura amatora meza mu mwaka w’2015 yararangiye kuri uyu wa gatatu. Bose bumvikanye ku ntumbero imwe: gutunganya neza amatora, kwubahana mu gushikiriza ivyiyumviro no gutegura amategeko yose atunganya amatora mu mwumvikano ntangere.

Inama yari yatanguye ku munsi wa mbere w’iyi ndwi italike 11 gushika kuri uyu wa gatatu italike 13 Ntwarante 2013, ihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Intumbero yari imwe: kuraba ivyaranze amatora yo mu mwaka w’2010 kugira bahakure icigwa maze amatora yo mu mwaka w’2015 azogende neza.

Barangije inama, imigambwe iri muri Reta, Reta yonyene ubwayo n’imigambwe itavuga rumwe na Reta bumvikanye ku ngingo ngenderwako yo gukurikiza.

1. Gushiraho icuka ciza mu banyepolitike bose, abari muri Reta n’abatavuga rumwe nayo kugira baganire badatana mu mitwe mu ntwaro rusangi.

2. Gutegura amatora atekanye,atagira agasembwa, yitabwe na bose.

3. Guhindura itegeko rigenga amatora imbere y’uko uyu mwaka w’2013 urangira kugira amatora yo mu mwaka w’2015 atangure gutegurwa neza.

4. Guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ariko habanje kuba umwumvikano hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo ku ngingo zohinduka.

5. Imigambwe yose yiyemeje gukurikiza amategeko ku rubuga rwa politike.

6. Kwama imigambwe iri muri Reta n’iyitari muri Reta iganira igihe cose bikenewe kugira icuka kibe ciza.

7. Imigambwe yose yiyemeje gukurikiranira hagufi urwaruka rwegamiye iyo migambwe kugira ntiruhungabanye amahoro n’umutekano.

8. imigambwe yose yiyemeje kubahiriza ibizoba vyavuye mu matora yo mu mwaka w’2015.

9. Kudakoresha inguvu ahubwo gushira imbere inama n’ingingo muri vyose.

10.Kubahiriza ubuwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro no kugira amanama ata wandya wa ngura.

11. gukura mu nzira inzitizi zose zotuma amatora atagenda neza mu mwaka w’2015.

12. Gutangura kuganira kuvyerekeye ko hokoresha ikarata imwe y’amatora ku migambwe yose.

13. Kwegeranya amatora amwe amwe mu mwaka w’2015 kugira ikiringo c’amatora kibe gito.

14. Gutunganya neza ibiranga imigambwe yose.

15. Gushiraho umugwi wo kuraba neza ko ivyumvikanyweko ingene vyoshirwa mu ngiro kandi ko uwo mugwi wojamwo abo vyega bose.

16. Reta ngo itegerezwa kubahiriza ivyo vyose yiyemeje kandi ikabishira mu ngiro.

Inyuma y’iryo tanganzo ryasomwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Reta y’u Burundi yarashimye ivyashitsweko. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana yamenyesheje ko ivyavuyemwo vyorohereza impande zose. Yavuze ko Reta yemeye kubishira mu ngiro, aca asaba n’imigambwe gukora batiziganya kugira amatora azogende neza.

Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA, umwe muri itatu iri muri Reta yarashimye ko imigambwe yose yaganiriye mu kiringo c’iminsi itatu ihanahana ivyiyumviro mu mwuka mwiza ata kwinubana. Yamenyesheje ko ata nkeka izo ngingo nizakurikizwa, amatora yo mu mwaka w’2015 azoba atekanye kandi yubahiriza intwaro rusangi.

N’imigambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri irashima iyo nama. Chovinau Mugengwezo avugira urwo runani ADC-Ikibiri amenyesha ko ari irya mbere inyuma y’ibiganiro vyabereye i Arusha mu mwaka w’2000, haba ibiganiro bihuza abanyepolitike bose mu Burundi. Yamenyesheje ko yizeye ko Reta hamwe n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ishira mu ngiro ivyo yiyemeje.

Asaba ko abo banyepolitike bose boca baja hamwe bagashiraho umugwi uzokurikiranira hagufi ishirwa mu ngiro y’ivyo biyemeje.

N’inama ya mbere ihuza abanyepolitike harimwo n’abari bahunze u Burundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD yari yahunze u Burundi yavuze ko iyo nama yarimwo yari ikomeye. Yamenyesheje ko ata kibuza ko amatora yo mu mwaka w’2015 azogenda neza mu gihe bose boshira mu ngiro ivyo biyemeje.

Ivyo vyose abanyepolitike biyemeje bari imbere y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Bulaya UE, ubumwe bwa Afirika UA n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abahinga.

Ayo mashirahamwe mpuzamakungu yasavye ko ivyo abo banyepolitike biyemeje bobishira mu ngiro. Ataraho ngo ayo mashirahamwe mpuzamakungu ngo ntazotanga imfashanyo yo mu matora yo mu mwaka w’2015.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.