Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeporitike basaba udutoroshi "Torche à lumière ultraviolet" mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abanyeporitike basaba udutoroshi "Torche à lumière ultraviolet" mu (...)

Abanyeporitike basaba udutoroshi "Torche à lumière ultraviolet" mu matora

samedi 14 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu banyeporitike bamwe bamwe no mu murwi CENI ntibabona kumwe icerekeye gukoresha twa dudotoroshi dushobora gutuma babona umuntu ko yari yatoye bamumuritse aho basize irangi, utwo bita mu rurimi rw’igifaransa "Torche à lumiere ultraviolet".

Yaba abanyamigambwe, bamwe bazitoza ku giti cabo hamwe n’umurwi CENI barahuriza hamwe ko utwo dutoroshi twari dukenewe ariko rero umwe wese aratanga insiguro ziwe. Rwasa avuga ko utwo dukoresho twari dukenewe kugira bize bishoboke ko amakosa yibonekeje mw’iyandikwa rya mbere na cane cane abiyandikishije kenshi incuro irenga imwe ntibashobora gutora akarenga rimwe.

JPEG - 72.6 ko
Mu murwi CENI bariko bashira mu nyabwonko abiyandikishije

Mu mugambwe CNDD-FDD naho babona ko ivyo bintu biramutse bibaye vyohava bituma ikiringo categekanijwe ku matora kitubahirizwa. Umukuru w’umurwi CENI nawe atanga insiguro ko abanyamigambwe hamwe n’izindi mpande ziraba amatora yaba abafasha batigeze bumvikana kuri ico kibazo. Kubwa Petero Karaveri Ndayicariye, umwanya wagenewe amatora hamwe n’uburyo bukenewe biri mu ntambamyi zituma utwo dukoresho tudashobora gukoreshwa mu matora abarundi bimirije muri uwu mwaka w’2015.

Kubw’umunyamabanga mukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Euphrasie Bigirimana nawe, atagikozwe bizogorana gukosora amakosa yagiye yibonekeza mw’iyandikwa na cane cane abiyandikishije incuro nyinshi.

Abo banyeporitike bagira bati muvyo twabonye bishobora gukosorwa harimwo amakosa afatiye kw’izina, kuri karangamuntu, amazina y’abavyeyi asa, ariko gushika ubu bavuga ko hari hakenewe ko hoboneka ikintu kiza gikosora amakosa ku cerekeye abiyandikishije incuro nyinshi. Ayo makenga bakaba bayashikirije ku munsi wa gatanu igihe bari baramutse bishikira kuraba aho ibikorwa vyo gushira mu nyabwonko abiyandikishije kigeze. Ico gikorwa kikaba kiriko kibera kw’ibarabara rya Gatumba mu nyubakwa za ’’CECORES’’.


Floxella Karire

Messages

  • None ko bavuga ngo utwo du toroshi ntituzokora kubera umwanya ,we wumva ivyo vyumvikana!umwanya singorane urahari canke bongerekoukwezi kumwe canke abiri kuko ntanzu iriko irasha ariko ibintu bigende neza.Canke ko Ndayicariye avuze uko niyerekane rero ingene arya makosa yabaye agiye kuyakosora adakosowe naho urumvako batoguma bakorera ku makosa kuko ivyo biha umugambwe uri ku butegetsi inguvu kuko niwo wateguye ubwo busuma bwashizwe mu ngiro na CENI.Ndayicariye nabe umushingantahe kuko igihugu kimuzeyeko amatora atagira akanenge kuko ataravye neza vyose bizoja ku gatwe kiwe nka hamwe atokwumviriza abo vyega bose.ndavuga simvura.

  • Burundi bwacu burateye ikigongwe kweri. Abanyapolitike basegerereza udusitimu!!! imigambwe yabo ntabigega bafise? Abo nibashikira ubutegetsi baroba amasiha komesha. Harakwiye itegeko risaba imigambwe kwerekana ubutunz bwayoi imbere yukwemeregwa. Nahahandi ho ntahodutera tuja Amasiha ariyo asaba kwitoza.

  • Natwe Abanyagihugu Turashigikiy Utwo Dutoshi Arik Nuk Mukuja Kuducomand Mumakungu Hogenda Abo Mur Ceni Nuwo Mur Minube Kuk Ceni Igiye Yonyene Yohava Izana Udu Torch Mwirya Lumier Dukoresha Harimwo Inkona Bigatuma Bizana Ayandi Makenga Ikindi Naco Nuko Amatora Atorenza 18h Bikab Vyose Vyaheze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.