Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeporitike batavugana ukuri bazobera intambamyi amatora yo mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyeporitike batavugana ukuri bazobera intambamyi amatora yo mu mwaka (...)

Abanyeporitike batavugana ukuri bazobera intambamyi amatora yo mu mwaka w’2015

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Umubano wa poritike mu Burundi mu mwaka w’2013 waranzwe n’ibiganiro vyo kuja inama mw’itunganywa ry’ubutegetsi bw’igihugu n’aho kenshi vyabonetse ko ivyaba vyashikirijwe bitafatirwako mu ngingo zafashwe, ivyo bikabonekera ku bikorwa vyo ku rubuga rwa poritike. Muri ukwo kuganira, abanyeporitike bovugana ukuri kuko ariho n’amatora igihugu cimirije mu mwaka w’2015 yogenda neza.

Mu gihe hasigaye umwaka udakwira kugira amatora y’indongozi z’igihugu c’Uburundi atangure, ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Developpement) ryatunganije ikiganiro, aho bashira ahabona icigwa cakozwe ku bijanye n’ukurabira hamwe ingene umubano wa poritike wabaye mu mwaka w’2013, kugira amatora yo mu mwaka w’2015 ashobore kwitegurirwa neza muri uwu mwaka w’2014, kandi azohuze bose. Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko muri uwu mwaka w’2014, ibimenyetso bifitaniye isano n’ivyo mu mwaka w’2010 bimaze kwibonekeza, aho agatanga akarorero k’indyane ziri mu mugambwe UPRONA, ugupfungwa kw’umunyeporitike Ferederiko Bamvuginyumvira, ikurwa rya Isidore Rufyikiri mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE akamenyesha ko ivyo bibazo bidatorewe inyishu bishobora gutosekaza umubano wa poritike n’itegurwa ryiza ry’amatora yo mu mwaka w’2015.

Vincent Nkeshimana, umuhinga yatunganije ico cigwa abisabwe n’ishirahamwe FOCODE, yerekanye ibibazo bishobora gutuma abanyeporitike batitaba amatora ku rugero rumwe, bivanye n’inzitizi zimwe zimwe nk’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD zibangamira ibikorwa vy’imigambwe batavuga rumwe, abanyeporitike bahendesha abanyagihugu amafaranga n’ibindi, hamwe n’ikibazo c’umugambwe uri ku butegetsi wagirizwa ko ucanishamwo imigambwe batavuga rumwe mu gushiraho amababa awuyoboka.

JPEG - 18.3 ko
Vincent Nkeshimana yatunganije icigwa

Muri ico cigwa, umuhinga Vincent Nkeshimana amenyesha ko igisata c’ubutungane cari gikwiye kwigenga, ivyaha vyakozwe n’abategetsi bo muri Reta n’igiporisi, canke ibindi bihangange bigahanwa, kuko ari naho amategeko azokwubahirizwa. Abajejwe intwaro bovavanura n’ingendo yo kwivanga mu ngingo ziba zafashwe, ubutungane nabwo bugahabwa ubwigenge.

Mwomenya ko n’aho ibiganiro bihuza abanyeporitike vyatunganijwe nko ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, abari batumiwe muri ico kiganiro bamenyesheje ko umugambwe uri ku butegetsi utavavanuye n’ukwivanga mw’itunganwa ry’iyindi migambwe, uzoba werekanye ko udashigikiye na gato intwaro rusangi. Rwasa Agathon, umwe mubari muri ico kiganiro yatanze akarorero ka hafi k’indyane ziri mu mugambwe UPRONA, kandi biboneka ko ubutegetsi buzifisemwo uruhara. Uwo avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL amenyesha ko iyo vy’ukuri ubutegetsi buba budafise uruhara mu bibazo vy’umugambwe UPRONA, bwari kurindira ku munsi w’Imana, kuko ari naryo sango urwego nyobozi ry’umugambwe UPRONA rwari rwatanze kugira rwitunganye, baheze bashikirize umukuru w’igihugu amazina azotorwamwo icegera ca mbere c’umukuru, hamwe n’amazina y’abosubira mu bibanza vy’abashikiranganji batatu ba UPRONA batanze imihoho. Rwasa Agathon agatangazwa rero n’ayo mazina yamaze gushikirizwa umukuru w’igihugu kandi abarongoye umugambwe UPRONA batazi uwayatanze, na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu ntashobore gutomora mu kwerekana aho ayo mazina yazanye.

JPEG - 37.4 ko
Rwasa Agathon

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.