IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi na nderabigisha ENS bemeye gusubira (...)

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi na nderabigisha ENS bemeye gusubira kwiga

samedi 13 Kigarama 2014

Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bafashe ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo yegereyegere bari bamazemwo amezi abiri. Abaserukira abo banyeshure bamenyesha ko batanze ikiringo c’ukwezi kumwe kugira barabe ko umuyobozi mushasha wa Kaminuza y’Uburundi yokemura ibibazo vyabo bijanye n’ukumenyeshwa agaciro k’impamyabushobozi bazoronka mu ndinganizo nshasha y’ivyirwa (BMD.

Rurasuma Simoni Mariya, umwe mu baserukira abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi, amenyesha ko iyo ngingo y’ugusubira kwiga inyuma y’amazi abiri bari bamaze muri yegereyegere, bayifashe mu ntumbero y’ukwitaba akamo k’umuyobozi mushasha wa Kaminuza y’Uburundi yabasavye ko bosubira mu mashure. Muri iyo ngingo y’ugusubira kwiga yafashwe kuri uwu wa gatanu, abo banyeshure bamenyesha ko bahaye ikiringo c’ukwezi umuyobozi mushasha wa Kaminuza y’Uburundi.

JPEG - 41.3 ko
Rurasuma Simoni Mariya, umwe mu baserukira abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi

N’abanyeshure ba ENS bahagaritse yegereyegere

Abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS, nabo nyene bahora muri yegereyegere kuva kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2014, nabo nyene bafashe ingingo y’ugusubira kwiga. Olivier Ndayisenga, umwe mu baserukira abo banyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS amenyesha ko basubiriye kwiga kubera hari bimwe muvyo basaba bamaze kuronka. Ahamagarira abanyeshure bagenzi we gutangura ivyigwa kuva aho bukera kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 Kigarama 2014.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.