IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshure umunani bo kw’ishuri ryisumbuye rya Rubanga barakomerekejwe

Abanyeshure umunani bo kw’ishuri ryisumbuye rya Rubanga barakomerekejwe

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 18 Ruhuhuma abanyeshure umunani bo kw’ishuri ryisumbuye rya Rubanga muri komine Matana intara ya Bururi barakomerekejwe n’abantu bataramenyekana.

Nk’uko amakuru dukesha umuyobozi w’iryo shuri abimenyesha,ngo abo bakoze iryo bara baje bitwaje imbugita bashika bacumita umukuru w’abanyeshuri bo mu gisata ca mbere c’amashuri yisumbuye.

Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha, ngo abanyeshuri batatu birukanywe burundu bagirizwa gukubita uwundi munyeshuri nibo bikekwa ko boba barakoze ico gitero.

Amatohoza ariko arabandanya kugira bamenye vy’ukuri aboba barakoze ivyo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.