IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abapfasoni barongoye abandi bahanurwa kurondera akanya ko kuyaga n’imiryango (...)

Abapfasoni barongoye abandi bahanurwa kurondera akanya ko kuyaga n’imiryango yabo

dimanche 22 Kigarama 2013

Igihe yariko abonana n’abapfasoni barongoye abandi mu nzego zitandukanye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza yabasavye kurondera akanya ko kuyaga n’imiryango yabo.

Umupfasoni Denise Nkurunziza ahanura abapfasoni b’imboneza mu bandi ko mu vyo bokora vyose, bategerezwa kurondera akanya ko kuyaga n’imiryango yabo, bagategura ikiyago kirimwo igisabisho, kugira ibikorwa barangura, n’ibikorwa vyo mu muryango babishire mu biganza vy’Imana.

Igisabisho rero kikaba gitunga umuryango, kigatunga abana, amatungo y’umuryango, ubumwe mu bubakanye nk’uko umutambukani w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yabandanije abibamenyesha. Mu gihe rero ico gisabisho kitoshirwa imbere mu ngo, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu avuga ko inzigo, ikibi, kutubahana hagati y’abubakanye, kwamana umubabaro, kudahuriza kundero y’abana, ukwikunda bikaba arivyo wosanga arivyo birangwa mu muryango, ivyo rero bikaba intango yo gusambura urugo.

Mu gusozera izo nyigisho, abari ngaho bakaba barashoboye kuraba agakino kateguwe n’umurwi witwa ’’ La Compassion’’ aho muri ako gakino bavugamwo ingorane z’umuryango utayaga, aho ivyo bitera ingaruka mbi mu muryango wose. Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yarangije yipfuriza umunsi mukuru mwiza wa Noël abari aho n’imiryango yabo, eka n’umwaka mushasha mwiza w’2014.


Aristide Nizigire

Messages

  • None ivyo avuga arabigira be b’umugabo wiwe?Canke se ivyo ni ivy abarongoye abandi gusa canke ni ivya buri Mukenyezi?Bari babuze ico bakora?Ko atabahanuye ngo bazokwubahirize ibiringo bahabwa n’amategeko?Ko atababujije kurya ibiturire?Mbega ivyo ahanura abandi abironse kuva aho umugabo atwariye canke yari asanzwe abikora?Igihe izotubarize ivyo bintu!

  • Jewe nibaza ko ashaka kwitoza. mugabo ico nokubwira mwene data politique n’ugusenga ntibijana no muri bible biranditswe ko atawukorera bashebuja babiri none wewe woba urinde ukorera bashebuja babiri. Jewe nama mvuga nti reka nti tuzobone madame gbagbo muburundi bwacu nawene yavuga ubutumwa. imana ikugirire neza mwene data.

  • Kabizi, wasomyeneza ivyo uyomutambukanyi wumukuruw’Igihuguyavuzekoko!? Jewemuvyoyavuze ndavyemera guhera kuriwenyenenubwiwe nokuritwebwe uwutabikurikije ategerezwakugiringorane, ntacotuma tutoshima ivyoyavuze wewerero uriko urabipinga urazoreka kuvyubahiriza uzorebe k’utibonerako, kandinubwo wobamubihuguvya Bulaya ntibizogutinya, buryakupinga ukuri nivyobituma umuntu usangayagorewe ahantu abandi bahahiririwe.

  • Erega «Mama» nibazako atariwe azi ingene ingo zitunganijwe gusumba abandi!ndi mu Burundi kandi ndaziko na mama amvyara uwomuha akanya ngo yigishe abandi yobikora!Umuyobozi rero mwiza ahera iwe!Navugane na Nkurunziza atange igihugu hanyuma twemere ivyo akora!Nayo ivyo guhenda aba Paysans vyovyo ni aveko twaramuhinyuye!Aho abantu bapfiriye mu gihugu batorwa bakaswe imitwe yari hehe?Umugabo wiwe siwe yatwara igihugu?Ko atavuze ati ibi bintu bihagarare?Bazohinyuka sindakubeshe!Imana Izogaragaza abayibeshera!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.