IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abapolisi 750 bashasha nibo bagiye kwinjizwa

Abapolisi 750 bashasha nibo bagiye kwinjizwa

jeudi 10 Gitugutu 2013

Mu kiganiro caremeshejwe ku munsi w’ejo kuwa gatatu n’uwujejwe igikorwa co kwinjiza abapolisi bashasha mu gipolisi c’Uburundi, komiseri Tharcisse Yamuremye yamenyesheje abarundi bose mu minsi ya vuba hazokwinjizwa abapolisi bagera ku majana indwi na mirongo itanu (750).

Muri ico gitigiri c’abapolisi amajana indwi na mirongo itanu bazokwinjizwa, hazoba harimwo ibibanza amajana abiri na mirongo itandatu vy’abapolisi basanzwe (brigadiers) hamwe n’ibibanza mirongo itandatu vy’abategurirwa kuba intwazangabo (candidats officiers).

Nk’uko Komiseri Tharcisse Yamuremye, abo bapolisi bazokwinjizwa kugira basubire mu bibanza vy’abariko barakukuruka. Ni mu ntumbero kandi yo kugerageza kwubahiriza ibitigiri vy’amako n’ibitsina nk’uko ibwirizwa nshingiro ribisaba.

Iryo yinjizw ry’abapolisi bashasha rizoba rije inyuma y’imyaka icenda igipolisi c’Uburundi gitunganijwe gushasha kibayeho.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.