IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaporisi baboshe abaganga ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore bakwiye (...)

Abaporisi baboshe abaganga ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore bakwiye guhanwa

lundi 10 Ntwarante 2014

Ishirahamwe ry’abaforoma batagira imbibe riranegura ingendo yagizwe na bamwe mu baporisi, mu kuboha abaforoma bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore, inyuma y’aho umwe mu banywanyi b’umugambwe MSD yoba yaratorotse ariko yivuriza kuri ivyo bitaro.

Nk’uko Maggy Kwizera yabibariye bagenzi bacu b’iradiyo RPA, uwakomerekeye ku rugamba, canke uwakomerekejwe mu bundi buryo bwose, afise uburenganzira bwo kuvuzwa. Ivyakozwe na bamwe mu baporisi rero aho bakubaguye abo baforoma, bikaba bikwiye guterwa ivyatsi n’abantu bose bakurikiranira hafi agateka ka zina muntu. Asaba abarongoye igiporisi ko abakoze ivyo bobazwa, kuko baburagije abavuzi mu kazi kabo.

Eka ndetse n’abaganga bakorera kuri ivyo bitaro, bakaba basohoye urwandiko, aho basaba ko atamuntu afise ikirwanisho n’umwe yosubira kwinjira muri ivyo bitaro, kuko abo baforoma batewe ubwoba, mu gihe abo baporisi nyene, bagirizwa kuba barateye n’ubwoba bamwe mu barwaza b’abo banywanyi b’umugambwe MSD, inyuma y’aho bamwe barashwe bari mu ngoro y’umugambwe, abandi nabo bagakomereka cane.


Aristide Nizigire

Messages

  • nibaza ko indero ikenewe mukazi kose umuntakora bikavyagenzuko bagahotera abaforoma nibara tugeze kure imbere siheza.kera umuganga yarubahirizwa

  • CNDD ni puku-puku KANYESHMBA KIBURANDERO hose aho bageze!!!!!!Shame bateye isoni nabize babo ntanaka discipline(IKINYABUPFURA)bigera bagira kubo bihuye!!!Always BUSHMEN BIHAVIOURS:MSD,Kubasirikare,kubaUFB,etc...).Muteye isoni mumanze muje kwiga indero na human right

  • IMANA iyo ihaye abantu bamwe barayimanuza,mbega aba police barazi droit de l’homme?UMUHISI NYAKUBAHWA PRESIDENT NTARYAMIRA CYPRIEN niwe yashira imbere discipline mu bisata vyose bigize inzego zigihugu nibibuke bikubite agashi.Hanyuma no saba ababijejwe kwigisha droit de la personnalite humaine abajejwe gukingira abanyagihugu,hagakora bisunze yo.

  • None naho mukenye vyarabananiye kuronka agafoto ka CPLR ka vuba?Gerageza nawe nu ayo mafoto yo muri 1950 muyavaneko!

  • Abapolisi nibagerageze kwitonda mukazi kabo!uwo nawe avuga ngobigishwe ngw’ivya human right watch,amenye ko abavyize kandi bovyigisha arabagamba b’72-93,abo nabo ntaco bamaze mukudukingira murico gihe

  • Abanyakibiri murabasazi aba msd nibirofa knd nabanywarumugi!mbega aba police sabantu?nibobokwemera guterwa amabuy?ivyo twarabisezerey nimucir birarura kubera ntituzovyemera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.