IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaporisi bagiye kwibutswa akarangamutima k’umwuga wabo

Abaporisi bagiye kwibutswa akarangamutima k’umwuga wabo

mercredi 4 Kigarama 2013

Mu ntumbero yo gukomeza akarangamutima k’abaporisi bo mu Burundi, hamwe n’ugushira mu ngiro ivyiyemejwe n’ubuyobozi bw’igiporisi c’Uburundi vyo guhesha isanama nziza abajejwe umutekano n’ugutsimbataza imigenderanire yabo n’abanyagihugu, hatangujwe isekeza ryo kwigisha abaporisi bose akarangamutima ko gukoresha ibirwanisho mu mwanya n’ibibanza biba bikenewe gusa.

Ivyo bikorwa vy’iryo sekeza bizorangurwa ahakorera abaporisi hose mu gihugu c’Uburundi, kuva ku genekerezo rya 9 gushika kurya 14 Kigarama 2013, vyatangujwe icese kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 4 Kigarama 2013 mu gisagara ca Bujumbura. Umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, André Ndayambaje amenyesha ko abaporisi basanzwe aribo bajejwe gucungera umutekano w’abanyagihugu bafise ibikoresho bikorako. Mu gihe muri ivyo bikoresho hasanzwe harimwo inkoho, n’ibindi bikoresho bicira umuriro, birakenewe ko abaporisi bigishwa akarangamutima ko kumenya ryari, na gute babikoresha mu mwanya bikenewe.

Abaporisi bose bazohabwa udutabu turimwo amajambo n’amasanamu, vyose vyerekana amategeko agenda umwuga wabo, n’akarangamutima bijanye.
Muri iryo sekeza rifise intumbero yo kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ryokorwa n’abajejwe umutekano, umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, André Ndayambaje amenyesha ko kazoba n’akaryo kuri we ko kuganira n’abaserukira abanyagihugu basanzwe bacungererwa umutekano n’abaporisi, kugira yiyumvire uko bakira ibikorwa vy’abaporisi.

N’iyindi mirwi ntizosigara inyuma, nk’abajejwe intwaro, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abacamanza, abakozi ba Reta hamwe n’abadandaza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.