Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi b’abarundi basaba insamirizi zo mu Rwanda kuvuza indirimbo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi b’abarundi basaba insamirizi zo mu Rwanda kuvuza indirimbo (...)

Abaririmvyi b’abarundi basaba insamirizi zo mu Rwanda kuvuza indirimbo zabo

vendredi 20 Nyakanga 2013

Mu myaka iheze, indirimbo z’abarundi wasanga zivuzwa cane ku maradiyo y’Urwanda, na cane cane ko ururimi rw’ikirundi rusa n’ikinyarwanda, kandi ndetse amajambo abarundi bakoresha usanga kenshi asa n’ayabanyarwanda. Muri iki gihe rero, biramaze kugaragara ko indirimbo z’abarundi zitakivuzwa cane nka kera n’amaradiyo y’Urwanda.

Bamwe mu baririmvyi babajijwe n’ikinyamakuru IGIHE, baremeza ko ubu indirimbo z’abo zitakivuzwa cane. Lolilo umwe mu baririmvyi bo mu Burundi, avuga ko kera indirimbo ziwe zavuzwa cane n’amaradiyo yo muri ico gihugu, ariko ubu akaba atazi imvo zoba zaratumye indirimbo ziwe zitakivuzwa. Abandanya avuga ko igihe yari mu mahanga, indirimbo ziwe zatangura kumenyekana mu gihugu c’Urwanda, imbere y’uko mu Burundi zimenyekana.

Ku bwa Rally Joe uwundi muririmvyi w’umurundi, avuga ko atumva igituma ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Urwanda bitigera bivuza indirimbo z’abarundi. Rally Joe rero akaba yemeza ko naho izo nsamirizi zo mu gihugu c’Urwanda zitavuza indirimbo zabo, abanyarwanda bazi neza ko abarundi bashoboye umuziki.

Nayo Samantha umwigeme w’umurundikazi aherutse kuronka agashimwe ka Primusic, aho yabaye uwakabiri, avuga ko ibinyamakuru vyo mu Rwanda vyoba vyafashe intumbero yo kutavuza indirimbo z’abarundi kubera indirimbo z’abanyarwanda zivuzwa cane mu Burundi, ndetse indirimbo yitwa Turikumwe ya King James, ikaba iri mu zabaye izambere mw’ihiganwa ryitwa Top Ten Awards ritegurwa na Bonesha FM.

Abo baririmvyi ukwo ari bose, bakaba bahurije ku kintu kimwe co gusaba ko amaradiyo yo mu Rwanda yosubira akavuza indirimbo z’abarundi nk’uko vyahora kuva kera.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.