Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo "Cocoa na Chocolate" rutera akamo abarongozi ba Afrika kwitaho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo "Cocoa na Chocolate" rutera akamo abarongozi ba Afrika kwitaho (...)

Ururirimbo "Cocoa na Chocolate" rutera akamo abarongozi ba Afrika kwitaho uburimyi

mercredi 2 Mukakaro 2014

Abaririmvyi batandukanye bo ku mugabane wa Afrika baherutse gukorera hamwe ururirimbo rusaba urwaruka rwo muri Afrika kutazera inze ahubwo rwijukire uburimyi ko ariryo tunga nyakuri rya Afrika, abategetsi nabo basabwa gushira umutahe munini mu burimyi.

Abaririmvyi bagera kuri 19 bava mu bihugu bigera kuri 13 vyo ku mugabane wa Afrika bagiye hamwe bakora uriririmbo nkoramutima bataziriye "Cocoa na Chocolate". Abo baririmvyi bahamagarira urwaruka rwa Afrika kumenya ko itunga nyakuri riri mu burimyi. Abo baririmvyi bereka urwaruka ko itunga barifise mu minwe yabo kandi baryicayeko.

Abo baririmvyi barakebura abarongozi ba Afrika kugira bashireho imigambi myiza yoteza imbere uburimvyi bagwize umwimbu, kugira bashobore gufasha imiriyoni n’imiriyoni z’Abanyafrika bugarijwe n’ubukene. Urwo ruririmbo ruri mu ruganda bise ONE.org rufise icivugo "Do Agriculture, It Pays" bati:" Kora uburimyi, burahemba."

Abo baririmvyi bagiye hamwe ni aba bakwirikira :

A.Y. (Tanzaniya), Bufallo Souljah (Zimbabwe), Dama Do Bling (Mozambique), D’Banj (Nigeria), Diamond (Tanzaniya), Dontom (Nigeriya), Fally Ipupa (DRC), Femi Kuti (Nigeriya), Judith Sephuma (Afrika y’epfo), Juliani (Kenya), Kunle Ayo (Nigeriya), Vusi Nova (Afrika y’epfo), Liz Ogumbo (Kenya), Nancy G (Swaziland), Omawumi (Nigeriya), Rachid Taha (Algeriya), Tiken Jah Fakoly (Cote d’Ivoire), Victoria Kimani (Kenya) na Wax Dey (Cameroun).

Umviriza ururirimbo "Cocoa na chocolate"

Amafato y’abaririmvyi b’ururirimbo "Cocoa na chocolate"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.