Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi bibazako bari mw’ihiganwa"Kora Awards"baribeshera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi bibazako bari mw’ihiganwa"Kora Awards"baribeshera

Abaririmvyi bibazako bari mw’ihiganwa"Kora Awards"baribeshera

vendredi 23 Rusama 2014

Haraheze iminsi itari mike hariko havugwa ihiganwa rya "Kora Awards" aho abaririmvyi bari k’urutonde basaba n’abakunzi babo kubaha amajwi, hagumye ibibazo vyo kumenya ryari iryo higanwa ryatanguye n’ukuntu abaririmvyi bashitseyo. Ukuri kuriko kuriserura, ihiganwa "Kora Awards"ntiriratangura.

Muramaze iminsi itari mike mubona urutonde rw’abaririmvyi bo muri Afrika, bamwe bacisha ku murongo ngurukana bumenyi basaba ko abakunzi babo bobatora. Aha turavuga umuririmvyi Sat-b amaze igihe asaba ko bomuhunda amajwi kugira atsindire ihiganwa. Eka si uwo wenyene, harimwo uwitwa Knowles na Christopher bo mu Rwanda, ba Teddy Afro bo muri Ethiyopiya n’abandi benshi mwagiye murabona.

Amakuru dukesha mugenzi wacu akorera insamirizi "Umuco Fm"atubwirako yavuganye n’umuririmvyi Sat B amubaza ingene yoba yaragiye mw’ihiganwa "Kora Awards", uwo nawe yamwishuye ko atazi ingene yagiye k’urutonde. Bagenzacu bo mu kinyamakuru "Igihe.com"babajije Christopher na Knowles ingene kuri urwo rotonde, bishuye nka Sat-b.

Ayo makuru nyene amenyeshako babajije bamwe mu bategura ihiganwa "Kora Awards" kugira batange umuco. Inyishu yatanzwe n’uko "Kora Awards"ifise ubuhinga bushasha bwo gushira k’urutonde buri ndwi abaririmvyi canke indirimbo vyatowe kurusha ibindi. Aho ni mw’ihiganwa "Kora Top 20". Ihiganwa nyezina ntiriratangura.

Amakuru uwo mu menyeshamakuru abandanya aduha avugako ihiganwa "Kora Awards"ry’uno mwaka w’i 2014 ritaratangura. Hageze ko ritangura bazomenyesha uko rizoba rimeze, ivyo umuririmvyi azoba asabwa kugira ashirwe k’urutonde kandi bizoca no k’umurongo ntangazamakuru wa "Kora Awards"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.