Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarongoye imigambwe basabwa kwisunga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarongoye imigambwe basabwa kwisunga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi

Abarongoye imigambwe basabwa kwisunga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi

mercredi 21 Myandagaro 2013

Mu nama yahuje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’abamwe mu barongoye imigambwe barikumwe na ba buramatari b’intara zose z’Uburundi, yari ifise intumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bibazo bihanze ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima bw’igihugu.

Muri iyo nama kwari kandi uguteza imbere ibiganiro mu banyepolitike, nk’uko bisanzwe biri muri bimwe biyemeza muri ya nama yahuza abanyepolitike.
Iyo nama kandi ikaba ije hageze mu gihugu c’Uburundi kuko amatora yo mu mwaka w’2015 ariko aregereza. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yamenyesheje ko ari akaryo kuri abo bari aho bose, ko kuvugana ukungene bokwifata mu kiringo c’imbere y ‘amatora kuko muri kino gihe abaserukira imigambwe baguma bagwiza ingendo mu ntara za ruguru mu ntumbero yo gukoresha amanama abanywanyi babo.

Iyo nama ikaba itegura inama yindi izobera mu ntara ya Gitega mu kwezi kwa Nyakanga muri uno mwaka. Iyo nama ikazohagarara ahanini ku mubano mwiza wohaba mu matora yo mu mwaka w’2015. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yasavye abaje baserukiye imigambwe yabo gukora ibikorwa vyabo, ariko bisunze ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Yabasavye kandi ko bokwama batanga icegeranyo uko imyaka 3 iheze kuko ibihano bitegekanijwe kubazokwica amatwi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.