Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarongoye UPRONA bashiriye urwandiko Edouard Nduwimana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarongoye UPRONA bashiriye urwandiko Edouard Nduwimana

Abarongoye UPRONA bashiriye urwandiko Edouard Nduwimana

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Abarongoye umugambwe UPRONA wemewe n’urwego nyobozi rw’uwo mugambwe bashiriye umushikiranganji Edouard Nduwimana, kuri uwu wa gatatu, icegeranyo c’ivyo bapfunditse mu nama yabahuje ku genekekerezo rya 16 Ruhuhuma 2014, ari naho hafatwa ingingo yo gufatira ibihano Concilie Nibigira na Bonventure Niyoyankana. Abo bashiriye urwandiko Edouard Nduwimana bamusavye ko yokwubahiriza ivyo abadasigana ba UPRONA biyumvikaniye muri iyo nama.

Karori Nditije umukuru wa UPRONA atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ari kumwe n’icegera ciwe Evariste Ngayimpenda, bashiriye urwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, aho bashatse kumumenyesha ivyo bashitseko. Muri ivyo bashikirije Edouard Nduwimana, bamusavye kwubahiriza inzego zatowe na komite nkuru y’umugambwe, ari nayo yashize Karori Nditije ku burongozi bwa UPRONA, hamwe na Evariste Ngayimpenda ku cegera c’umukuru w’uwo mugambwe. Abo bituye Edouard Nduwimanabamwibukije bamenyesheje Edouard Nduwimana ko abo yahaye umugambwe bafatiwe ibihano, Concilie Nibigira na Bonaventure Niyoyankana bakaba barirukanywe burundi muri uwo mugambwe, abashikiranganji babiri aribo Giteruzi Dieudonné na Nkezabahizi Tharcisse bakaba bahagaritswe mu mugambwe amezi atandatu.

Karori Ndirije yaboyeho akaryo ko gusubira kwibutsa ko umugambwe UPRONA utari muri Reta, ari naco gituma abashikiranganji barungitsweyo na Concilie Nibigira babafata nk’aba CNDD FDD. Nditije Karori yasavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kwubahiriza ivyo abadasigana ba UPRONA bumvikanye, yongere abakurireho abaporisi bari ku ngoro y’uwo mugambwe, bakabuza abagize uwo mugambwe kuhinjira. Mu gihe Edouard Nduwimana yokwirengagiza ivyo asabwa, mu mugambwe UPRONA bamenyesha ko bazokwitwara muri sentare zo hanze. Mu mugambwe UPRONA bakebura inama nshingamateka ko itohirahira ngo yirukane abashingamateka batayoboka Concile Nibigira nk’uko bimaze iminsi bivugwa, kuko ingaruka zishobora kutaba nziza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ingaruka ngo zishobora kutaba nziza?ese wibaza ngo hari ico tubatinyako?ako gahutu Nditije katagira ubwenge gakwiye gukubitwa izakabwana .Baza Ngeze arakubwira neza karori reka kunya aho utema

  • kuberako muri uprana hariho akagwi karongowe na nditije badashaka kubana nabandi nditije fata akokarwi kawe ugende mugihugu kitagira amategeko ushinge leta yawe apana ngaha muburundi kuko àha hari abagabo.

  • Jacques uri ikijuju comurwego rwohejuru nukuri!!!nahora ngira ngo muba dd hoba ahrimwo abize bake bafise nubwenge nne wewe ngira uri muribabandi systeme DD yahaye batageze nokuntebe yishure si woba warayiciyeko naho je regret fort iyo utuma ureka aho wicaye hakicara uwundi yabuze uburyo bwo kwiga peut etre ko twobonye abazana ivyiyumviro vyingirakamaro mugihugu biteza imbere igihugu nabarundi boose atari aba DD gusa!!puu uri ikijuuuuju

  • nn ga jacques wew ufisubwengubwahe?bungana gute?ufisubwe ntamera nkawe gutukana bakubwiye karindero namba warize?jew ndubahiriza iciyumviro cuwundi nambutwara ntacutumariye gusa edouard nakurikizamategeko apana ayasoma munziwe,arenganure aboba uprona

  • nukuri ndabonye harabanywa rumogi urashobora gutuka umugabo atari son jackets ntimungana

  • Mbega wewe uvuga Nditije kwo ari ikigugu hamwe yoba ikigugu wewe woca uba iki!%? Reka ndakubarire nditije numugabo adahemuka [urazobaza Buyoya)/ [bivuga ko atazopfa ahemutse kubera amaronko hamwe uburundi bworonka ba NDITIJE ba 5 bwokira’mugabo kuriwe nivyo ukunda abica kuko nivyo wita ubwenge ok sha jacque

  • mbega yemwe ubukene nibwo butuma abarundi babura amahera yukuza kuri internet ngo batange ivyiyumviro vyabo ku nkuru zimwe na zimwe

  • Aboba UPRONA ba Karori Nditije twashaka babwire abarundi namakungu iyongaruka iyariyo? kuko abeshi baciye bibaza ko wobawashatse kuvugako iyongaruka koyoba arinkimwe yakorerwa incungu ya democratie perezida Ndadaye! ubonako nuwuri murimwebwe abahanuye ababwirati nimuze dufatanye nabandi twerekane ko tutakiri baba UPRONA bakoze ibibimurikahise muca mumuhagarika guhera kukiringo kingana namezi atandatu (6) gushika kumwaka bifatanye nukumubwira ngo nigikoresho ca reta canke CNDD FDD.

  • Jewe nagire mpanure abantu batukanira kururu rubuga rwa internet,surwo gutukanirako ahubwo nurwo gucishako ivyiyumviro vyubaka igihugu cacu catwibarutse.jewe murambabaza cane!

  • Wa mugore wiswe concilie uramenje jizira .umugambwe umwana w’umwami yiguze agaheba ubusima bwiwe.mwe na NDUWIMANA. murawuciye umutwe.kumvo zinda.sha jewe nibazako utafashe umwanya ngo wiyumvire inkurikizi zivyo uriko uarkor. Juda ESCALIOTE yabonye yagurishije umwana w’imana arahindukira abwira abamuhaye amahera ngo ayabasubize abonye ingene inzirakarengane umunyakuri amerewe.none wewe ubonye uburundi iyo bugira burwe kubera wewe uraryama ugasinzira.buca abashingamateka batowe bakurwa.haze imbonerakure na ba musitanteri wa nyakabiga .wibuke abantu batora umushingamateka umwe ibihumbi mirongo irindwi ku bashinamateka 16 wibaze abo bantu batoye ababahagararira mugabo wewe ukabifuta.quel femme burundaise mbuga iyo niyo emmencipation que les femmes burundaise ont toujours cherhé ba gore muri mu mashirahamwe asaba ukwigenga.gerageza mumubwire le comportement d’une femme emencipée.si non arabakuyeko agashambara.

  • Jacques, nsomye ivyo wanditse mbona ko mumajambo makeya utarezwe namba. Tu fais la honte àtes parents, je suis sûr qu’ils ne t’ont pas éduqué de cette manière. Ube wibanga ivyo uvuga. Canke ugende abavyeyi basubire bate umwanya bakurere. C’est dommage ko abantu bandika ibitutsi au lieu yo gutanga ivyiyumviro uko biri kose.

  • @Mama canke Giramahoro,
    amahoro.Ko maze imisi ndakurondera kuri ya numero yawe sindagutore wahinduye izina na numero?Ndabona ko usigaye ukomeye muri discusion ?@

  • hemwe mu menye ikintu kimwe.ibintu vyose birahera.kiretse imana nayo ikunda ukuri.nibigira arakwiye kwigarura.kuko yarahemutse kandi amenye aba DD niko bamye.giswaswa arabizi.mbega ko yandikiye ikete edourd amusaba umugambwe kuva abaho yabonye umugambwe usabwa ministre ryari?barkoze aba mwirukanye mu mugamba kuko c’est un appranti qui veut prendre le devant.agomba gutwara umugambwe atazi nabatanga uburongozi bwawo?quelle genre de femme acazovamwo abarundi barakirindiye.NDITIJE komera ukomerane ukuri intsinzi ni rwawe nkako ubwenge si ubwo ubuze. uprona ni iyakera montre toujours votre experince nka kumwe mwakurauburundi mu minwe ya ba zungu nayo nibigira naje mu bakenyerera rugamba areke IFB ikore et elle bénéficièra des dividandes

  • Nkurunziza ni umugabo !!! Ahubwo nace ashira muri prison intagondwa za Uprona zishe Ndadaye naho ubundi izo ntagondwa zishe abarundi guhera 73 nibazishire munzu y’imbohe aho zitabona izuba n’umucanwa!!

  • Wesha HAVYARIMANA uti umaze imisi uturondera,sha wewe urimburakimazi kweri.urarondera uwo mudafitaniye gahunda,bufata isuka ukutse ikivi,kugira ugwize umwimbu.jewe imba nafatiriwe nigikogwa.nicogituma utontora.muga abagenzi barahambereye.mbona mwarahawe impanuro zikwiye.nayo wewe BIP Telcom raba uhindure,ivyiyunviro vyawe ntakanovera bifise,ww uri mwabo mutabona igihugu aho kigeze,turimuri vision20-50,pour CNDD-FDD,bafadikanije nabandi banyamigambwe bavyunva,barengera ubwoko ni migambwe yabo,mwebwe emera murongogwe nabagabo bijunja nijambo babikwiye kandi bitorewe nabene Gihugu.kura iyo ngenge bitekerezo vy,intambara mugihugu.ntantambwe muzoduterana ndakurahiye.vibuzimu muje ibuntu,.

  • Murahumba ubuhoho ntimuzomwica. Ubu nabaye nanje umu DD. Namaze gushirira. Kuva aba DD batwara ubuniho banshimishije. Kuba babashiz hasi kabisa ni big up. Iyomihimbiri yatwaye kuva kera natwe turiko duhunga none urabe ngo baraduza akaruru. Zirye zose nizikiri mumagi. Mbe Busokoza ntaragaruka iburundi? Yagiye gutegura coup d’etat kandi?? Urahumbasha ubu sinkakera.

  • Komera sha NTAHOKAJA.aba DD barahabona,iyo mihimbiri yihende tubahekenye,iyo coud,Etat ntizoberera,ubuho sinkakera aho bica Nyakubahwa NDADAYE bakamuherana,oya ubuho kuri Presidant wacu NKURUNZIZA twitoreye ntbakorako!!.bakozeko naho bazibonerako,nkayimbwa yaboneye kumugezi,CNDD-FDD Oyyyyyyyyeeeeeeee.vision2015 mpaka 2050.bashake bameneke iyo mihimbiri yaba NYABURURI,bagomba kwiganza mugihugu ukamenga barakiranguye.reka tubarindire izo mburakimazi,turabe iyo coud,Etat bariko barategura tubanze twihurire.nibaza kwatawufise inda izokoroka.

  • mbega ubujuju ? ukora ikibi ukaba w’ishe abawe :ubusambanyi,ubwicanyi,ubusuma bw’amatungo y’igihugu,akarenganyo Katagira uko kangana ,mana Igihugu cacu BARACISHE ! Mana dukureko Urwo RUSYO!!!!ahandi ho! Abarundi barashira .

  • Mbega DD ntigomba Democratie Abahutu Y’atumaze ,Abatutsi baheyaheyana yabahindutse ,NONE mugomba Iki?
    Abahutu twarabonye ko ataneza mudushakira ,Mu gomba abatutsi ba NDUWIMANA,ba gaston barye natwe benewanyu dufyuye BISA ABANDI?????

  • nyakubahwa mukuru w’IGIHUGU turagusaba Ureke 3 ème Manda uzoba ufashije igihugu n’abanyagihugu abaguhenda Ubime amatwi.kandi uzoba uteye iteka igihugu nabagutoye .KANDI dushaka democratie yukuri ,Amahoro asasagare muburundi .

    MANA MUGIRAVYOSE FASHA UBURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.