Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarongoye UPRONA ku Musaga ntibatumiwe mu nama ya Concilie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarongoye UPRONA ku Musaga ntibatumiwe mu nama ya Concilie (...)

Abarongoye UPRONA ku Musaga ntibatumiwe mu nama ya Concilie Nibigira

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu waratunganije kuri uwu w’Imana muri komine Musaga inama yabonetsemwo akajagari kuko abayoboka Karori Nditije batari batumiwe nabo nyene baje muri iyo nama. Babiri muribo baciye batabwa muri yompi.

Ishami ry’umugambwe UPRONA ryemewe n’amategeko, rirongowe na Concilie Nibigira ryaratunganije muri komine Musaga kuri uwu w’Imana inama yabaye habanje kuboneka ukunyinyurana hagati y’abayoboka Concilie Nibigira n’abavuga ko bari inyuma y’umushingamateka Karori Nditije.
Uwuvuga ko ariwe aramutswa umugambwe UPRONA, Concilie Nibigira yamenyesheje ko iyo nama batunganije ari iyo kunagura n’ugukomeza umugambwe, bongere bagerageze gutora inyishu z’ibibazo biri mu mugambwe UPRONA. Nk’uko Concilie Nibigira yabishikirije, bipfuza gutora inzego zotegura ikoraniro kaminuza rizotomora ku boshingwa amabanga y’ukurongora uwo mugambwe UPRONA.

JPEG - 8.3 ko
Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Iyo nama imbere y’uko itangura, bamwe mubayoboka umushingamateka Karori Nditije muri iyo komine ya Musaga batari batumiwe muri iyo nama barashatse kwinjira barabankira, haca haduka intureka zagiye guhera abaporisi bahashitse, babiri muribo bagaca bafatwa n’igiporisi.

Abo bayoboka Karori Nditije bamenyesha ko bitangaje kubona inama y’umugambwe UPRONA itunganwa muri komine Musaga, ariko abarongoye umugambwe muri iyo komine ntibayimenyeshwe, bakavuga mbere ko yari yatumiwemwo Imbonerakure n’abakenyererarugamba ba CNDD FDD. Basaba Concilie Nibigira avuga ko arongoye umugambwe UPRONA ko yovavanura n’iyo ngendo y’ukuguma ashaka gusambura umugambwe UPRONA, ahubwo yemere aje hamwe n’abandi badasigana, umugambwe UPRONA wiyunge.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.