IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bane basabiwe gukurwa muri EALA

Abarundi bane basabiwe gukurwa muri EALA

lundi 23 Munyonyo 2015, par egide

Uburundi bwamenyesheje inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EALA : East Afrika Legislative Assembly) ko bane mu bashingamateka b’abarundi batakiri mu baserukira Uburundi muri iyo nama nshingamateka.

Dan Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere i Kigali, yamenyesheje ko yaronse ikete ry’inama nshingamateka y’Uburundi, rimumenyesha ko bane mu bashingamateka icenda bahora baserukira Uburundi muri iyo nama nshingamateka, batakaje ibibanza vyabo.

JPEG - 43 ko
Dan Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (hagati), mu kiganiro n’abamenyeshamakuru

Abashingamateka bakuwe mu baserukira Uburundi ni Jérémie Ngendakumana yaheruka kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD inyuma y’ukugaragaza ko adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, Martin Nduwimana, Yves Nsabimana hamwe na Frederic Ngenzebuhoro.

Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Dan Kidega, avuga ko yakiriye ivyo Uburundi bwasavye, ariko ko ingingo izofatwa mu nyuma amaze kuraba ico amategeko avuga, akuvugana n’abashingamateka begwa n’ico kibazo, akongera kandi akavugana n’izindi nzego zibijejwe.


IGIHE

Messages

  • bafuswe bafuswe nyene ntarindi subiramwo reta yavuze yavuze ntakindi . kandi turakura ivyatsi twebwe abanyagihugu dukunda igihugu cacu kungingo zukwikukira reta yuburundi iguma ifata namajambere tugezeko. dukesha nyakwuba papa wacu nyene icubahiro peter habari njema kubarundi.

  • Oh Mana Nyeni Mbabazi Garukira Uburundi,none Uwutavuga Rumwe Nubutegetsi Aca Abumwansi?Muvuga Ko Abansi Bigihugu Mwabomoye None Abo Mukura Kubuzi Bazira Ko Badashigikiye Mandat Amaherezo Azoba Ayahe.Reka Turindire.

  • Ok! Nibirukanwe Kuko Bàrahemukiye Abarundi .Kuko Ubunabone Bari Mubasenyura Uburundi Bari Hanze, Twebwe Abarundi ,ntitwemera Ko Boguma Babesha Ngo Hariho Ivyo Baduserukiramwo , Nabo Ubu Ahubwo Bakwiyegukurikiranwa Nubucamanza ,kuvyobariko Barakorera Uburundi ,barihanze,,

  • Futa Imihimbiri Komwabatebeje?

  • Nibakurwe kuko ntaco bafashije ngo EAC ibuze ihonyabwoko. bakorera inda zabo. Nta Burundi bakorera. Ariko nosaba ko EAC itokwemerera abandi barundi barungitswe ku ntwaro ya Nkurumbi Peter.
    Ahubwo ni bafute Uburundi muri EAC gushika aho tuzorenkera intwaro n’umukuru w’igihugu. Ubu nta butegetsi buriho, nta Uburundi butagire leta.
    Ihonya bwoko ribandanya rigirwa na ex-président Nkurumbi.

  • Ariko Abarundi Beshi Bashaka Amahoro Abashingamateka Nibarabe Inyungu Zabeshi

  • @habumugisha: Banya uvuga ivyo wishakiye mu gihe ukironka ibikoroka biva ku meza ya Nkurumbi, umusi ibisigazwa bizohera, ururimi ruzogoba

  • @ Tuze mbese nubuhe bwoko buliguhonya ?? ko muburundi hali amoko 3 ???
    None lirahonywa nande ko mubuyobozi bwagisilikali halimo abahutu nabatutsi no mugipolisi hakabamo abahutu nabatutsi yemwe no mumbonera kure hakaba halimo abatutsi nabatwa nabahutu , na president NKURUNZIZA AKABA ALI UMUTUTSI !!!! kereka niba ali abatwa rero NONE NKURUNZIZA MAMA WE SUMUTUTSI PAPA WE SUMUTUTSI _?????? ngaho nimudushakire ibisekuruza bya Nkurunziza !!! ewe sha Ntamuhutu ufite ubwenge nkaburya bwa Nkurunziza !!! iyo aza kuba umuhutu ntaba yaranagarutse muburundi kuli ijya KUDETA

  • ko bafuswe nkubu wunguts iki?mbona mupfuy mukenye

  • Ingingo nziza caane kuko ntibaribaserikiye abarundi;baserukira aba Belge aba rwandais bo muri cinared ;ibu rero basebuja nibabasubizeyo turabe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.