Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bari mu bihugu vyo hanze nabo bariko baritegurira amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abarundi bari mu bihugu vyo hanze nabo bariko baritegurira amatora

Abarundi bari mu bihugu vyo hanze nabo bariko baritegurira amatora

jeudi 27 Munyonyo 2014

Abarundi bari mu bihugu vyo hanze bariko bariyandikisha kugira baze bitabire nabone amatora buca aba mu mwaka w’2015.

Nk’uko tubibwirwa na Eddy Kevin Gahire arongoye ishirahamwe ry’ abarundi baba mu bihugu vy’abarabu, akavuga ko ukwiyandikisha kuriko kubera mu buserukizi bw’Uburundi aho i Dubai aho bizorangira kuri uyu wa 7 Kigarama uwu mwaka. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Eddy Kevin Gahire akaba avuga ko bariko barakora uko bashoboye kwose kugira abarundi baba aho i Dubai bashobore kwiyandikisha bose baze batore mu matora yo mu mwaka uza.

Abarundi hafi igihugu baba muri ivyo bihugu vy’abarabu, bafise imyaka ikwiye yo gutora bakaba aribo bitezwe mu buserukizi bw’Uburundi kugira baze biyandikishe. Nayo muri iki gihe havugwa vyinshi ku mutekano mu Burundi, uwo murundi aba mu bihugu vy’abarabu, asaba abantu bose y’aba abanyeporitike, abanyamahanga baba i Burundi, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike gukora ibishoboka mu gufasha gutsimbataza amahoro mu Burundi.

Asaba abarundi kwijukira ibikorwa, bareke kwama bazera inze, kuko umwansi bose basangiye ari ubukene.


Aristide Nizigire

Messages

  • Muratubarize I South Africa (Afrika Yepfo). Ngo ambassadeur aguma abinyegeza kuko abenshi mubaba mwico gihugu kandi bakwije ivyangombwa Ari abayoboka Rwasa.

  • Urupapuro rw’inzira be n’amategeko yo kwigenza neza, ko twumva ko aha uburenganzira abanyeporitike bigenga uburenganzira bumwe n’imigambwe, umuvugizi wa CENI yodusigurira igituma bitariko birubahirizwa mu gucungera iyandikwa ry’abazotora, haba mu makungu no mu Burundi ? Mbe izo nzandiko "Feuille de route" na "Code de bonne conduite" ni kuki zitari ku rubuga rwa CENI (kiretse niba niaravye nabi) ?

    Murakenuye.

  • Ndumva ari vyiza cane,gusa aherekanwe igiharuro cabarundi baba dubai bacanditse nabi

  • Yewe Josua, Agathon ntazokwitoza ariko abomuhaye amajwi yarababwiyeko bazoyaha Dr. Minani wa Frodebu nyakuri.

  • Ariko abarundi birase birananiranye kugabanya ububegito nububeshi agaheriheri gushikaho umuntu nkuyu yiyise JOSUA avugango twebwe abarundi tubamuri SAfrica ngo Ambasseder aratwinyegeza ngokugira ntidutore ngokuko twesedusanabanywanyi ba Agathon! Umuntukuyurero niwawundi anezerezwa ninduru mubavukanyigusa, kuko uyu icashaka nu kwereka reta Yi Bujumbura Ko twebwe abarundi tubamuri SAfrica tubanyenabi nubuserukizi bwuburundi buringaha SAfrica rekandababwizukuri jewendikondavuga sinduwo kwa Agathon kandi sindimumugambwe urikubitegetsi muburundi arikontakibi uwuserukira uburundi arankorera nanje ndamubonye ndamwubaha nkuwuserukira igihugu canjecamavukiro nomumisiheze umukuru wigihugu cuburundi yariyaje mwakinogihugu nubwotudasangije umugambwe sivyonasizimbere nagiye kumusanganira nkumukuru wigihugu canjecamavukiro nomumubonano yagirishije abarundi nanjenarimwo kandinabona % kondikumwe numukuru wigihugu canje kandi nubwabizi kotutari mumugambwe aturukamwo ntamuntunumwe yigezeyimirirwa kwinjira aharihateguwe kwabonanira nabarundi kanduwariwese yabazikibazo yamwishurana uburwaneza. Ndababwizukuri kugira ibintubihindu ntibizoca mukubesheranira nokutubahana murakoze. Yari: Hutsi.

  • Mushingantahe Hutsi. Nsanze Uri umubeshi wamberere abaho. Reka ndakwibarize. Twese ko twari I Cape Town, mbe Nkurunziza yarabonanye n’Abarundi? Aho mwi Salle yategerezwa guhuriramwo n’Abarundi havugirijwe ururirimbo rwa FNL, Nkurunziza ntiyaciye atinya kwinjira Ngo abonane n’abarundi. Munyuma urya mu menja Ngo Ni Ambassador siwe yaje kubesha Ngo : umukuru w’Igihugu Ngo Doctor yamubujije kuza kubonana n’Abarundi. Please ubwo bubeshi genda ubusangire nabo mucuditse kuko murazwi. Mbe nti tuzi akagwi kaba Tutsi gakorana na ambassador. Ko yakumiye ABA Hutu BA BA DD kandi bakirukanwa.

  • Bagenzi muba muri South Africa na cane cane muri Cape Town. Mwari mukwiye guhindura ingeso yubube gito ubebeshi nubwangushi. Aho abarundi bake baba beshi baba muriyintara barimwo ama demons bakwiye gusengerwa, sinzi ko ari trauma canke ubube gito bwabo. Nya kwubahwa Ambassadeur ntaco atakoze kugirango abarundi baba muri South Africa y’epfo baje hamwe, niwe Ambassadeur wenyene ashobora kuvugana numuntu uwariwe wese akamwumviriza, abandi tuzi kuva muri 1999 ahubwo nogutumbera kuri ambassade ntiwaRI UVYEMEREWE.Burya umwana urezwe neza asohora amaguru.Abo batyoza inzego z’igihugu bari bakwiye guharirwa ivomo. Kubijanye nokwiyandikisha, Ambassade yarasohoye itangazo abafise ivyangombwa barashobora kwiyandikisha. Itangazo ryahawe uwuserukira Abarundi muri Afrika y’epfo nawe yarihaye abaserukira intara. Twese abarundi twararibonye,nibazako riri mugifaransa abadashobora kurisoma mwosaba abandi bakabibafasha kurisomaUrumva ko abidoga ari ibigwarudubi,.Ikindi naco nuko mwomenya ko abenshi bariko baravuza urwamo kuri Ambassade ari impunzi. Selon ya mataegeko agenga impunzi ntimwemerewe gutora. Mwabuze ico mukora nimutume munuma kuko igihugu ntigwarwa n’ibihuha , ububeshi nububegito.
    Jean Luc Muheto South Africa

  • Ewevl Jean Luc muheto urateye isoni. Mbe woreka guhogora. Uyo mu Ambassadeur uvugira wibaza Yuko turazi ivyo muhuriyeko! Dusigurire niba yigera aganira n’Abahutu? Reka nkwibutse ikintu kimwe. Ko tubona wabaye umuvuguzi wiyo Demon mbe kuberiki yasambuye inzego zose za CNDD-FDD zari zirongowe naba Hutu maze akabasubiriza ABA Tutsi? Mpinyuza , Gauteng ntiyahashize Umu Tutsi, Durban sumu Tutsi, Cape ntiyaje kuhahomeka ABA Tutsi, iyo atahasanga abahutu bashiririye Ngo bamwiyamirize. Please reka igihe ciwe kirimukurangira, maze turabe iyo muja kuvumba inzoga.

  • nsomye ivyo mbonye ari danger :!!!yemwe nukwambaza Uhoraho Gusa Kuko Ivyo Turimwo Ni Urudubi "

  • Steven, Muri CNDD FDD hatandukanye niyo FNL yanyu ya Rwasa, umva ABAHUTU na BATUTSI nubwo dutandukaniye kubwoko arikokumugambwe tucatuba umwe cokimwe nukoturi abarundi, nicogitima kubera utazi ukotwiyubatse urikuravuga ngobakuyeho abahutu bashiraho abatutsi, icombabaza nukowarikuvuga Ko bashizeho abantu batari abarundi nawewe nimba urumurundi baragushiraho ntangorane tuzobibonamwo. Ndabasaba mugerageze kugabanya ayoma politike twakoreshakera igihe twakomeza kuvuga ko abahutu twarenganijwe mugihugucacu, nonemwebwe murikomurabona umututsi ahawe amabanga ukamengo ibarariraguye! Oyamuri CNDD FDD sikobimeze keratwase kwabahutu dukomezakurenganywa kandi ntanuwundi womubundibwoko twokwemera kwarenganywa canke atotuyobora,twese turangana imbere yamategeko umuhutu arashoye kuyobora amokoyose agize abarundi, umututse arashoboye kuyobora amokoyose agize abarundi numutwa nawe nikwokwuko arashoboye kuyobora ayandimoko agize abarundi

  • @ Twaje, Imana iguhezagire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.