IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bo mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda baratinyirira umutekano (...)

Abarundi bo mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda baratinyirira umutekano wabo

dimanche 24 Nzero 2016

Abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya LUsenda mu Buseruko bwa Republik iharanira intwaro rusangi ya Kongo bamenyesha ko batewe impungenge n’umutekano wabo kuko ikambo barimwo yegereye ku rubibe Uburundi buhana na Kongo.

Bamwe muri izo mpunzi bamenyesha ko bamaze kubona bamwe mu bajejwe umutekano mu Burundi kw’ibarabara rija ahari iyo kambi mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ikambi y’impunzi ya Lusenda irimwo abarundi 14000 bahunze igihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa 4 mu mwaka uheze wa 2015,inyuma yaho bimenyekaniye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azosubira kwitoza kurongora igihugu mu kiringo ca gatatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abarundi bashika 200000 bamaze guhunga igihugu,benshi bari mu gihugu c’Urwanda na Tanzaniya.


IGIHE

Messages

  • Ikibabaje mur’ivyo n’uko abo barundi bahunze ibihuha vy’amaradiyo yihaye kuvuga ivyo yishakiye kuri Leta y’Uburundi. Abana bakurira mu mpunzi bariko barabateragiramwo umugera w’amacakubiri. Yamara bashaka botaha kuko kazoza kabo ntikari mu Rwanda kari mu Burundi. Naho ntazi ukuntu ivya politike bigenda, ndabona ko ico abagwanya Leta y’Uburundi bishimirije n’ukwereka amakungu izo mpunzi n’ukwama baharura ibitigiri vy’abapfuye, kandi mu vy’ukuri, benshi nibo babiyicira. Kuko ibigwanisho bitorwa, bitorwa i wabo. Abo babakimbukira, kenshi usanga aribo babiha. Ariko ndazi ko Uburundi bw’iki gihe ataco busa busana n’ubwo muri ya myaka ya Buyoya na Ndadaye. Jewe nd’umwe mu barundi batemera ko ikibazo c’Uburundi kizomarwa n’uko Petero Nkurunziza avuye ku butegetsi, kandi ndibaza ko abagwanya ubwo butegetsi canke ico bita ikiringo ca gatatu, naho vyose vyohava, agahinda bafise ntibobura kugapfana, kuko nta Burundi bazotegeka. Muti kuki? Twebwe abarundi b’abanyarutoke, twarayobewe abo bantu CNARED ihagarariye kandi ntituzi ivyo bita societe civile ico bitumariye. N’umusi babishinga siho twari turi, ahubwo twumva gusa biza kutubuza amahoro. Kuba barabonye isinzi ry’abantu i Bujumbura mu mihanda mu myiyerekano igihe iki canke kiriya, ntibivuze ko bose babemera. Mbe hamwe izo nguvu zabo bahaya nzonanigwa, bosubira gushigikigwa nande ko no muri bariya babeshe, harimwo abatangiye kwibaza ibibazo? Uburundi ntibwaremewe kwama mu ntambara. Hazogera ikindi gihe c’amatora, kand’abo barazi ko nta wuzobatora, nico gituma bahay’imiheto. Bazopfira ku rugamba ndakubariye. Nayo kugira ikibanza c’ubutegetsi muri Democratie, ntivyokunda. Nkurunziza bamugira urwitwazo, ariko bibagira ko hari na ba Nkurunziza. Ndavuga simvura!

  • Izo mpunzi nibazitware Tingitingi zumve uko ubuhunzi buryana. Barashutswe none bagiye kumira munkambi. Bazabanze barebe abanyamurenge bashutswe bakajya mu Rda none bakaba bamazeyo imyaka 20. Nibatahuke iwabo kuko ababashuka ngo intambara ntayo bashoboye. Kandi Nkurunziza ntaho azajya kuko n’intumwa za ONU zarabivuze.

  • Ariko buryantimubabeshera bavugako bahunze kwitoza kwa Nkurunziza?

  • emwe impunzi niZO ZIKWIYE GUSHIGI KIRWA Bahereye 1972,. Ntibarabe Nkunzi Guko Arivyo Bituma Abantu Bacamamwo ,Abahunze Kera Womenga Ntibari Antu Kandi Abatumwe Bahunga Murabo Bahunze Ubu Barimwo.

  • Bazabatware muri Equateur imibu nimara kubadwinga bazataha kubushake. Nibwo bwambere kwisi habonetse impunzi zahunze amahoro.

  • Izompuzi nizimurirwe ahandi zikurwe kumu paka canke kurubibe, ntampunzi ba kurubibe umwasi arashobora guca mu mpira abajejwe umutekano, akarigita abantu. kuko ntamuntu atamutoye Nkurunziza yo nezererwa, akarorero nukarabira mumakomine yi ya mirije ubujuju bwabo ingene bahirwa buhongo.

  • ahubwonibarabeiyobabashira,nahivyuburundi,namayobera!

  • NIBAHUNGUKEBAJEMUZABO

  • none makungu arikwakoriki bwar’umuweyi w’igihugu kubona abarundi bugarijwe ningorane sasnzwe atayobewe ivyirirwa biraba muburundi!

  • Amakuru,yinyarugusu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.