IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Paul Seger : Amategeko akwiye kwubahirizwa muri vyose

Paul Seger : Amategeko akwiye kwubahirizwa muri vyose

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par Egide N

Abarundi bonyene nibo bakwiye gufata ingingo zibereye ku bijanye n’ikibazo cerekeye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ivyo bikaba vyashikirijwe na Paul Seger, ajejwe ibibazo bijanye n’ugutsimbataza amahoro mu Burundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu rugendo yarimwo mu gihugu c’Uburundi, uwo ajejwe ibibazo bijanye n’ugutsimbataza amahoro mu Burundi mw’ishirahamwe mpuzamakungo ONU, Paul Seger yakiriwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza.
Paul Seger akaba yamenyesheje ko yari yaje kubonana n’umukuru w’igihugu yongera amusezera kuko ikiringo ciwe nk’uwuhagarariye amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’izina ry’Uburundi gisa n’ikirangiye, akaba yanashimye intambwe igihugu c’Uburundi cateye, mu kubumbatira amahoro n’umutekano.

Ku bimaze iminsi bivugwa mu gihugu vyerekeye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, Paul Seger yamenyesheje ko adashobora kuvyinjiramwo kandi ko ata muntu ashobora kuva hanze akaza kwinjira mw’itunganwa ry’igihugu, ariko ko uruhara runini rufiswe n’abarundi, kuko aribo bategerezwa kuraba ikibereye.

Paul Seger yamenyesheje ko ikiraje ishinga ishirahamwe mpuzamakungu ONU aruko amatora yimirije mu Burundi yoba mu mahoro, abantu bose bagatunganirizwa atawuhonyanze agateka k’uwundi, hakongera hakubahirizwa amategeko muri vyose.

Paul Seger

Alida Sabiteka

Messages

  • Abarundi rero twaramaze gutomora yaba Nkurunziza yaba uwuzoza ejo ntawuzorenza manda zibiri.ivyo Paul Seger ahishahisha aramenya ko naho ikiringo c’iwe gisa nicarangiy ONU yoyo turazi ko ibikwirikirana kandi turazi aho ihagaze

  • Iyontebe Nkurunziza adashaka gushikiriza Ngo aduge I mwumba kwicara kuri gasongabugari, aho bukera iramuhindukira umucanwa.

  • Uyumunyacubahiro iyavuga wumvako aziko uburundi bwikukiye koko ashi abazungubose bomerankawe amahoro kw’Isi yosasagara, Arikogayemwe nka babiligi ukuntu babona uburundi bakabufata nkukontazigayemwe nagiyenabona kandi abantubarabona nahonagendeye sinaribwabone abashingamateka bigihugu bagenda bagafata ivyiyumviro vyabatavuga rumwe nireta yigihugu cabo bakabikorerako 100% ivyonaraye ndavyumvise kububiligi uwobiharira yosoma urwandiko rwabatavugarumwe na reta yuburundi bahurukiye muri ADC Ikibiri bandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU murayomasahanyene abashingamateka bababiringi ivyobaciyebavuga ku Burundi vyajebisanezaneza nivyo ADC Ikibiri yavuze! Vyaciyebinyibutsa urwango bigeze kugirira Rwagasore nabobaribasangiye umugambwe UPRONA vyumvikana urwanko bafitiye uburundi kwatarurwunomusi!!!.

  • enda nyabuna hanurwa mwumve abo bose babahanura si uko babanka.....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.