Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaserukira abatwa barasigura igituma bemeje ibwirizwa shingiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abaserukira abatwa barasigura igituma bemeje ibwirizwa shingiro

Abaserukira abatwa barasigura igituma bemeje ibwirizwa shingiro

lundi 31 Ntwarante 2014

Abaserukira abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa bamenyesha ko batoye integuro y’ibwirizwa shingiro kuko ivyo bari basavye vy’uguserukirwa muri Reta vyari vyongewemwo mu nteguro y’ibwirizwa shingiro batoye bonyene na CNDD FDD, naho itashoboye kurengana.

Alfred Ahingejeje, arongoye umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa amenyesha ko batanguje urugamba rwo gusaba kurenganurwa, amategeko akabubahiriza co kimwe n’abandi barundi, bagaserukirwa bikwiriye. Bamenyesha ko bashima, kuko abo vyega bose bumvise ico abaserukira abatwa bagona mu gusaba ko mw’ibwirizwa shingiro nabo boserukirwa, bagahabwa ubushikiranganji nk’abahutu n’abatutsi.

Abatwa batoye ibwirizwa shingiro kuko babonamwo ivyo bari basavye

Alfred Ahingejeje, aserukira abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa avuga ko bifadikanije na CNDD FDD mu kwemeza integuro y’ibwirizwa shingiro mu nama nshingamateka kuko ivyo bari basavye ko vyohinduka Reta yari yatanguye kuvyumva, agatanga nk’akarorero ko mu ngingo y’129 batavuga ko Reta izoba irimwo umushikiranganji avuye mu bwoko bw’abatwa. Kubw’umushingamateka Alfred Ahingejeje, iyo yari intambwe yerekeza kuvyohinduka vyose bari basavye mu bijanye n’uguserukirwa kw’ubwoko bw’abatwa.

JPEG - 45.5 ko
Alfred Ahingejeje, aserukira umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa

"Amasezerano ya Arusha bidakunze ko ahindurwa yoshaka akahava"

Mu buserukizi bw’ubwoko bw’abatwa bamenyesha ko amasezerano ya Arusha yivuguruza mu bice vyayo bimwe bimwe muvyo bise "Les principes généraux, urupapuro rwa 27, aho bavuga mu kajambo ka nyuma ko Uburundi bugizwe n’abahutu, abatutsi, hamwe n’Abatwa, ariko ayo masezerano agaca yivuguruza mu gishinga ko abahutu baserukurwa ku bice mirongo itandatu kw’ijana (60%), abatutsi ku bice murongo ine kw’ijana (40%), aho kubwa Alfred Ahingejeje bikumvikana ko abatwa batahawe ikibanza mu biharuro vy’uguserukirwa. Nk’uko uwo mushingamateka yabandanije abisigura, "namba amasezerano ya Arusha ari ay’abahutu n’abatutsi gusa, yopfuma avaho.

Abaserukira abatwa ntaco bashima kuvuga ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Mu gihe abatari bake bamenyesheje ko umugambwe CNDD FDD ushaka guhindura ibwirizwa shingiro kugira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobore kwiyongera ikiringo c’ugutwara, Alfred Ahingejeje aserukira abashingamateka n’abakenguzamateka b’abatwa ntaco ashima kuvuga ku kibazo c’ukumenya namba muri uwo murwi w’abaserukira ubwoko bw’abatwa bashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Umushingamateka Ahingejeje ati : "Ico kibazo ubwa mbere nyenevyo ntarigera avuga aho ahagaze, ikindi naco ntituragera aho tumenya abazokwitoza, reka rero turindire igihe ko kigera."
N’aho asanzwe ari mu baserukira abanyagihugu, mu bikorwa ajejwe hakaba harimwo n’ugukurikiza iyubahirizwa ry’amategeko, umushingamateka Alfred Ahingejeje ntiyashimye gutomora ku biringo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amaze gutwara, ahubwo akavuga ati : "Kw’izina ry’umurwi w’abatwa ntituri muri CNDD FDD, amategeko nayo arafise inzego ziyasoma zigatutura aho bitumvikana. Twebwe turatora amategeko gusa."


Egide Nduwimana

Messages

  • None ko bitashobotse ko ritorwa akavuga ko Arusha yotuma ivaho wewe yatsinz’amatora mukuja mukibanza arimwo?Natange imihoho gushika rizotorwa.

  • Abatwa ni ukwikurayo baritoye ngo baronke agafaranga ariko ivya dd si ikirenga baragaba::Baronse ministere conditions z abatwa zizohinduka!!!!!!
    Barabeha ariko muri polotike ntacoroshe:::none ubu se bizogenga bite ko les promesses zitari zizwi avant ;;hhaaaa ikinyoma

  • Hahahaha.Akabi ngo gatwengwa nk’akeza kweli.Ngo Arusha itaraza bari bwabe abashingamateka?Nimba bashaka ko Arusha ihava baraca bajana nayo bisubirire kubumba inkono!Ahubwo nsanze ari intashima kabisa

  • Ewe sha ruferedo wabonyeko abarundi turi bijuju,vugatimwashize aho abakuru banyu bashize mbe watanziki kugira ube uri muricokibanza urimwo.

  • Abatwa mubareke nuko nyene bamye!!bakurikira nkintama ntibazi nibiriko biraba!!!ngo baratora amategeko gusa batazi nivyo batora!!Imana irakwiye kubagarukira ikabaha ubwenge bukwiye!nne ko mwari mushize imbere inyungu zabatwa gusa habaye ibara mugihugu ariko ntibikabe ntavyo twifuza ugira ngo abatwa ntangaruka vyobagirako!!mweho muntera ikigorwe mbabajwe naba DD bigira incabwenge ntanubwo kuja kuvoma bafise!!

  • We Nelson nagira nkwishure ko nutwo ABATWA bafise badukesha ubuvyimbe bwa b,ABAHUTU,kikirica batutsi urazi ko bababwira ngo fyunga kinwa wa mutwawe!.kandi biharuwe neza ABATWA ninkica kabiri cabatutsi,nukuvuga kobatobura 8%yivyo basaba,ndakwizeje ko mumisiza bazotunganirizwa nkuku kwabatutsi na Bahutu.ntabwo arikera caaane.tubisabe kuramba conyene!.kandi muri mendant yumwaka uza bazohabwa ubushikiranganji 1 canke 2.urunva kwibihe bihibindi.inzira yavyose nugutora CNDD-FDD twivuye inyuma kumwe ko2010.nimutekereze rero,akarinyuma karasengeye.

  • Ngo uvura amaso umuhutu bwaca akayagukanurira nuko bimeze iyataba arusha ntimuba mugeze aho.

  • Ntibabanze kwisigura Imana yarakingiye Uburundi.
    Abo batwa nari nababwiyeko babahaye inyama bazoca baritora!Barazibahaye ariko bakwiye kubanza kuraba ineza ya bose.

  • Ewe batwa!ngo Arusha nishake iveho?eka nyene wavuze k mutora amategeko ariko mutayasomy!nn nkubu wewe ga nyakwubahwa mushingamateka wumutwa,ko nagiranti ahubwo niwewe uyasoma kurusha abandi kugiruje kuyasigurira abatwa benewanyu,wumva bazova mubuja ryari?

  • Mw’Abatwa mwe , aho mwizeye kurenga aho ? None ko muvuga ngo mwatoye iryo bwirizwa nshingiro ngo kuko mwabonye mwo ivyo babemereye, none ubu ko ritatowe ntimubona ko mwibomye ? Nti mubona ko mwerekanye ko mutarondera ineza y’Abarundi ahubwo murondera ineza yanyu gusa ? None ubu ko buca kibagira nivyo mwasavye CNND-FDD izogenda itabibahaye nti mubona ko mwagokeye AKAMANYU K’UMUTSIMA urya uyumunsi ejo kakakuniga ? Rero n’uko mu mico yanyu mutamaramara, mwaramenyereye UMUGAYO ? Genda muzopfa mudasangiye n’abandi ku nkôko bazokwama babahera kurujo kuko nimwe muvyitera ntimuzi kwihagararako ! Tuzorabe 2015 aho muzoja. Soit mu migambwe nkabandi Barundi bose, soit mw’ibumba , muragapfa muticaranye n’Abashingantahe !

  • Uyo mutwa arahaze ama dollars yahawe n’aba DD kugira atore rirya tegeko none ng’uwo arayiciye umurya ngo "ARUSHA N’IGOMBE IHAVE" ????? urumva ariko agwanira ubushikiranganji abura gushira imbere inyungu z’abatwa bamutoye nako yitwa ko aserukira, kuko abatwa ntibatora abatwa babaserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Ariko urumva iryo bara? Amaze imyaka afata amamamiriyoni y’umushahara abatwa bene we bishwe n’ubukene. Aho kwigisha abatwa kurima no kworora kijambere, kuvyara ku rugero, gukora imyuga yo kwiteza imbere no kuziganya udufaranga yishinga avuga ibidafashe ngo Arusha n’ihave??? Ntaho ataniye na ba DD bariko baronna igihugu.

  • naje fashe akanya shimira umushingatahe umurwa wa batwa ikuringo ca gatatu cu mukuruwigihungu.yabiretse hageze amasa sarano arusha ntanakumwe bayazuko kuko yabaye yabahutu nabatutsi ahubwo turasavye tushimitse abatwa bo Burundi ntibisuke muriyomugumuko uyotwaro cd fd yatumariki nkaba leta yabuyoya niyo yonyene yiyuvuye kubatwa ntagire abatwa Baja mumugumuka abakurabere bacuye umungani go ababipfa nababisagiye abatwa imana irabazi murakoze yari ps missionnare antoine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.