IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko basaba ko ibiganiro mu Burundi (...)

Abaserukira ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko basaba ko ibiganiro mu Burundi vyobandanya

vendredi 3 Mukakaro 2015

Abaserukira ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko mu Burundi barakeza Rta y’Uburundi hamwe n’umurwi utegura amatora CENI kuba baratunganije neza amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabye kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi 2015.

Abo baserukira ivyo bihugu bavuga ko naho ayo matora yabaye hari uburyo buke,kandi hari n’ikibazo c’umutekano.Barerekana kandi impungenge,bakiyamiriza kandi ubwicanyi bufatiye ku matora. Basaba amakungu kwiyamiriza ubwo bwicanyi bwahitanye Abarundi ataco bazira batari bake.

Abaserukira ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bavuga ko bashigikiye utwigoro twose turongowe n’abategetsi bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, mu kworohereza ibiganiro bigenewe gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

Abaserukira ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko basaba ko ibiganiro vyobandanya ku mpande zose zegwa n’ibibazo vy’Uburundi, mu mugambi wo gushika ku mutekano n’ubumwe birama mu gihugu.

Abaserukira ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko mu Burundi, biyemeje kubandanya bakorana n’impande zose, guha amakuru y’imvaho ama Reta y’ibihugu vyabo No gufasha Abarundi gutora inyishu zabo ubwabo ku bibazo vyabo.

Messages

  • ntavyabo bashima amatora y,amanyanga.nibo bonyene bayashima,amakungu n,abarundi beshi ntavyo twashimye.nivyo biganiro basaba ntacovamwo peter adasokoye 3e mandat

  • mbe mugisha ikintu urindiriy inyuma yaya matora nigiki urindiriye abazungu Baza kwitoza canke ngo bagutorere? wari mu bayacungera ko numva uvuga nkuwayacungereye.nta matora yar bwagende neza nkaya.

  • Umubanyi asumba ibihangange vyokw’Isi yose nakare abarundibavugango umubanyi niwemuryango, noneninde yogusumbira umuryango? Otherwise .

  • uyo aserukira Kenya azohava avugako igitero cabereye k West mall na université garissa cagenze nez caaane!uwa tanzania naw KO attaque y’a shebab k ambassade y’a USA i dares salama yagenze nez!uwa Uganda nawe ko abapfuye 2010 bari kuraba mondial vyagenze neza cane!!ces mecs corrompus

  • Mbe aim ushka kugay abo bagabo ivyo bashimy ba witonda mb kuvuguko anyagihugu ntibashma nub wivugr twebw turashima ahubwo bazosubir mubiganir amatora ahez

  • URWO N URUYERI NTIBABAHENDE,KO BABISHIMA NIKI GITUMYE BAZA YAHEZE ARIKO ARABA ATARIHO BARI BARI.NINKIZO NAMA Z IDAR SALAM ; ABARUNDI N URWANDA RWAMBERE NTIZATWEREYE BIBWIRWA BESHI BIKUMVA BENEVYO

  • ahaaaa!! aba nibo vyabona vy’amatora nibiriko bibera ngaha muburundi. nubwo abazungu bamwe batadushakira iciza n’amahoro bashaka indyane ngobabone uko badandaza inkoho zabo. Imana ikunda uburundi n’abarundi irahari.

  • Abazungu bari mu bubiligi,hollande,france na handi bemeza ko amatora atagenze neza atanuwo barungitse comme observateur,ababanyi bacu bo bari kuri terrain ivyo bavuga nivyo vyo,tubisunge rero.Abo bazungu bose turabiyamye kandi tuzobaho tutabafise bashatse bugare za ambassade zabo

  • Ayiweeeee!nubwicanyiburimugihug muramukejej?nabanzatunganyneza abantubarekekwicwa

  • HA!EGOBASI !EREGA UWUSHAKAKUKURYA NTABURIMBOGAGUKOZA.

  • Ndonderera Uwiswe Kaneza Uyu Musi Narahiye Ko Dukika Urubavu Hamwe Abaserukira Leta Nabo Baserukira Ibihugu Vyo Amahoro Azoca Asasagara Abazakamera Ubugeni Bafatamasanamu N,abazungu Uwitwa Amerika Bubiligina U E Uzovugijambo Ry,umuryango Ni M U T A B A Z I Urubanza Ruzozerwa Na Bucumi Ivyombo Vyegeranywe Na Emma

  • Amatora yagenze neza bakiyamiriza ubwicanyi bufatiye ku matora uburyo buke ni ibindi.abo bakuru bakarere barangwa no kwivuguruza cane k uvyo bavuga

  • Jewabarundi murantangaza indazanyu nizozizotuma mudatrimbre nkibindi bihugu nindazanyu ubwicanyi nibindi..natange ahabandi imyaka cumi simike bahanahane igihugu bagitunganye neza abantubaguma bicwa boose barikugatwe kumukuru wigihugu vyoosebiba kuberaw ndaziko afashingingo yoguhagarika kwicana vyokunda ntakabuza

  • Abo baciyumvira ko twokorera kwitegeko ryabazungu ntabwonko bagira kuko twarikukiye.abo babahenda nabo nibateshwe ivyabo twarabihinyuye bogomba inyungu zabo.

  • Ndafise Amakenga Kuku Abanyepolitique bo muburundi bose buzuye ububeshi.nihabe amatora yumvikanyweko na bose leta ireke kudadaza yigira akamana.ndizeye abahagarikizi b’ibiganiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.