Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaserukira ibihugu vyabo n’Abadasigana bankiwe gushika ku Mugumya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abaserukira ibihugu vyabo n’Abadasigana bankiwe gushika ku Mugumya

Abaserukira ibihugu vyabo n’Abadasigana bankiwe gushika ku Mugumya

lundi 14 Mukakaro 2014

Inama y’Abadasigana ba UPRONA yari yatumweko na komite nkuru y’uwo mugambwe, yabujijwe n’ikete ry’umushikiranganji Nduwimana Edouard, mu gihe iyo nama, ariyo vyavugwa ko ije gukura intambamyi zituma uwo mugambwe ugira amashami abiri.

Nk’igihe c’isaha zine z’igitondo co kuri uyu wa 13 Mukakaro, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abaserukira ubumwe bw’Afrika, ubumwe bwa buraya, hamwe n’ibindi bihugu, bakaba bari bishikiye aho ku Mugumya, aho bavuga ko batumiwe mu bikorwa vy’umugambwe UPRONA. Umwe muri abo baserukira ibihugu vyabo, akamenyesha ko bari baje kuraba uko Abadasigana biyunga, ariko babonye ikete ry’umushikiranganji ko ivyo bikorwa bitaba. Bamwe mu basore bashigikiye Concilie Nibigira, bakaba aribo bakira abo baserukira ibihugu vyabo, ndetse babankira n’ukwinjira aho ku Mugumya, mu guca bahagarara, bakazibira umuryango winjira muri iyo nyubakwa.

Abadasigana bagize komite nkuru y’uwo mugambwe hamwe n’abandi baporona, bakaba baciye bahurira hafi y’ikibuga kiri ku bitaro vya Prince Regent Charles, bashikirizwa ijambo na Ngayimpenda Evariste, icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe n’ubutegetsi. Muri iryo jambo, Ngayimpenda akaba yamenyesheje ko ingingo yari yafashwe na Concilie Nibigira ikura umushingamateka Nditije Karori mu mugambwe UPRONA, ari impfagusa, kandi ko ifuswe.

Mu ngingo zafashwe n’iyo komite nkuru y’umugambwe rero, hakaba iyibandanya ishigikira umushingamateka Karori Nditije na Ngayimpenda kubandanya barongora uwo mugambwe, bakongera bakifadikanya n’iyindi migambwe mu kugarukana intwaro rusangi, agateka ka zina muntu, gushigikira amasezerano ya Arusha n’ibindi. Eka mbere bakaba batanibagiye gutera ivyatsi ibara ryagira rikorwe n’umwe mu baporisi b’igihugu, aho yagira arase Karori Nditije.

Igiporisi kikaba kitemereye abo Badasigana kubandanya inama, mu gihe bashaka gushika ku Mugumya. Abo baporona bakaba baciye bataha, ariko naho nyene igiporisi kikaba cababuragije, amayira bagomba gucamwo yose, arazibirwa n’abajejwe umutekano bitwaje inkinzo, inkoho zirimwo ivyuka bikoroza amasozi n’ibindi.

Isinzi ry’Abaporona bari baje bava mu ntara zose z’igihugu, bakaba baciye bihereza ibarabara rya Bwiza, bashika mu Nyakabiga, aho bagenda bararirimba indirimbo zihayagiza uwo mugambwe wa Rwagasore, bongera bavuga n’izindi zasaba Concilie Nibigira kureka kuba igikoresho ca CNDD FDD, agasubiza umugambwe Abadasigana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kubita iyo mihimbiri baze kuwutashwa umugambwe concilie nakare JRR nuwacu suwabahutu nka Nditije,kuki mushaka guhemukira Rwagasore?Nditije ntabwo akwiye gutwara Uprona!!!teshwa mute

  • Mutama Karori Nditije, nugukomera kurugamba mufadikanije niyindi migambwe kugira tugarure intwaro rusangi mu gihugu catwibarutse. Uyo Nibigira nawe turibaza yuko ata politique yoba abarusha kandi mu mvyaka mugenzemwo mwabonye vyishi biruta ivyuwo mudame Nibigira. Nditije nabandi badasigana komera kwiragi rya Rwagasore.

  • ewe bururi urasara, bakubwiye ko uprona ari umugambwe wabatutsi gusa, nuwatwese. jewe ndi umuhutu,kandi sonzoheba uprona...ahubwo badasigana mwese,muze tugwanirize hamwe aba dd n’uturwi twabo twa jake, concilie-gaston, feruzi. tubagwanirize hamwe tuzobatsinda. nditije ngayimpenda busokoza na sahinguvu na buyoya turabashigikiye, mugume mufasha uko nyen, buca twikurako amasiha

  • Igikino ca UPRONA kiraryoshe cane. Ni batubwire aho ikindi gice kizokinirwa, amasaha n’umusi. Nagitanguye kukirorera kuva mu ntango (mu gihe c’abakinyi nka Mukasi, Rubuka, Niyoyankana, Dr Martin Nduwimana, Dr Yves Sahinguvu, Nditije, Sinunguruza Therence, Mjr Busokoza, Concilie, Sindimwo, ... Singomba ko haba igice (episode) nkincika, gushika kuri episode ya nyuma. Actions zirimwo ziratwengeje: ubushize umwe yiteye grenade, incuro zibiri zosa harya mu nyakabiga, agira Imana ntizamuhitana kiretse barya bana b’inzirakarengane (canke ngira muri scenario vyari vyateguwe uko); mu gice giheruka, uwundi yari agiye kwicwa arashwe hama uwahawe ico gikorwa aca arabivamwo ashitse imbere yuwo yarondera kwica. Police ica irahashika, iramufata, afise un pistolet sans numero de serie ou identification! Quel realisateur, azi kugumiza abantu dans le suspens ugira ngo bazorabe l’episode suivant!! Ntimuyitevye iyo episode kuko ndifuza kuyiraba vuba.

  • IKI GIKORESHO CA NDUWIMANA CIYISHE BURURI KIGOMBA IKI?
    EWE!!!!NAGENDE NTIYIYUMWIRE NGO ICO YAVUZE NTITWACUMVISE

  • Kakunze we urabesha urumututsikazi sha hahahhahaha gusa nivyiza kuba twiganirira ariko nanje ndumututsi ariko nanse kuza muri Uprona kubera agahotoro igirira abadasangiye ubwoko,ntiwibuka ivyo twabakoreye 72?ngo tubahaye democratie bitorera Ndadaye aho gushira aho intahe ishize turamugandagura,reka ahubwo twikubite agashi abadutwara si babi nkatwe

  • Mpejeje kwumva reactions za Sindimwo na Ministre Nduwimana,nakumiro ndabarahiye!Sindababeshe agahinda,intuntu,inzigo n’ishavu nivyo vyantashe!Naciye nsubira kwibaza ikibazo nama nibajije misi yose :Ni igiki l’Etat ya cndd-fdd yishimikije gituma isigaye yitwara ukuri aho!!Ahantu igugubije the almighty Uprona!!?Uprona ishigikiwe n’ibihangange vyo muri ubwo burundi,abasoda,abapolisi eka n’abandi batayegayezwa.Nahora nibaza ngo babonera FNL kubera yoyo ataho ifise umusimamo,none mbona atariko biri.Asha,abadd ni babareke ico bishimikije kirakaze kabisa!

  • Reka sha kwanguha!Ndaremye nta butusi bwawe kuko ivyo wavuze kuri Pacifique ntivyerekana ko uri we.Ikindi n’uko n’ubwo buhutu bwawe urabutukisha eka mbere is wewe gusa ahubwo aba cndd-fdd bose batukisha ubwoko bavamwo,yaba abahutu canke abatutsi.Ushima ivyo arivyo n’uko mukwica mutaraba ubwoko.Umuntu apfa kuba atemeye ikurikira nk’inama riboneka muri cndd-fdd muca musafisha.Kera abaporona bibaza ko safisha n’icibwamwo ibice kw’imigambwe vyari vyagenewe aba FNL gusa none barabonye ko ntampera y’umurozi.N’ivy’ukuri ko porona yakoze bibi vyinshi ariko uy’umusi nabo bararengeje.

  • Ihorihoze we.inyishu yivyo wibajije ngiyi,CNDD-FDD ico yishimikije n’ukuri,ingingo,ubutungane,kuko aho ihagazi naho abenegihugu dushaka,kuko nitwe twayitoye,tuyishinga imirimo itomoye yogutunganiriza twebwe nyene abanyagihugu,kandi icomwoba muramenya n’uko tuzoyitora gushika yezu agarutse,kuko niyo yasubije abatama kuburiri,usubiza abana kubibero vyabavyeyi,abamama basubira gutunganya ivyo mumiryango yabo,bahora birukana intekera kumutwe,utwana mukwaha no kumugongo.inzara munda ntibagiye inyota,bakarara mwishamba baribwa nimibu,ahorero abagizi banabi bakabahohotera mukubafata kunguvu,bagahekugwa ibibonda vyabo,bakicigwa abagobo babo,nukubagandarira ntibishoboke,bakaba abapfakazi bakiri bato,tugaturizwa amapine mukamenge nahandi,ivyo vyose nkubwiye,kandi nsinabimaze naciye muncamake,vyatewe abo ba porona,nsinavuze amatongo nayandi matungo bishikirije kuvya isi ikiremwa,kuva tucikukira,amabi bakoreye igihugu ntawobidondagura ngwabimare,kandundura rero bica president NDADAYE yari yitorewe natwebwe abenegihu,ivyo vyose biha inguvu CNDD-FDDyokuyobora iki gihugu idahugumbwa,kuko iyo twakuye igihugu turahazi,ntakudusamaza rero.nimuje kubikogwa mwiteze imbere,muyobogwe mumutekano ntangere.

  • Aho ni sawa.nugiherekeza ngo mugiye muri leta mwarimuzi ko bizogenda gute?erega amabombe na masasu mwarashe abahutu mugira mutangure kuvyishura.muracanamwo murabibona komera Nduwimana.

  • Imana iradukunda nibaza ko ico kibazo kitazoyinanira gukemura turayizeye ba nsumirinda nabo ntakibanza bafise imbere y’imana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.